Rhapsody Global Club ( Mandate 1B ROR Influences )
Rhapsody Global Club ( Mandate 1B ROR Influences )
June 8, 2025 at 08:19 PM
Rhapsody Kirundi Mon Jun 09 2025 UBUSHOBOZI BWO KUBA INTWARI Uyo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubgira, ati Twabonye Mesiya (risobanurwa ngo Kristo). Amujana kuri Yesu. (Yohana 1:41-42) Mu gikorwa co guteza imbere ubwami bw'Imana, ba kizigenza barakenewe, kandi ntiturabona ko baba bisa muri Bibiliya, na cane cane mu butumwa bwiza bwa Yohana. Aba ntibari abigishwa birenganira ba Yesu Kristo ariko abakozi bateza imbere ibango ryiwe. Ibikorwa vyabo vyarerekanye uburyo bwiharije aho bugera bw'igikorwa c'ubutwari. Nk'akarorero, muri Yohana 1:40-42, turabona Andereya, umwe mu bigishwa ba Yohana umubatizi, yahevye vyose hanyuma akurikira Yesu. Andereya ntiyigungiyeko iri yerekwa rishasha. Ubwo nyene yaciye aja kuraba mwenewabo , Simoni (Petero), hama aca aramubwira, "Twamubonye Mesiya!" Hanyuma aca ajana Petero kwa Yesu. Igikorwa ca Andereya carerekanye umutima w'ubutwari bw'ukuri- umuntu asunika kandi agateza imbere ibango rya Yesu mu gutumirira abandi kwiyunga n'iciyumviro ciwe kandi bagakwiragiza igikorwa ciwe. Ku musi ukurikira Yesu yahamagaye Filipo ngo amukurikire. Nka Andereya, Filipo ntiyigungiyeko inkuru nziza. Yaciye aja kura Natanayeli aramubwira ati, " Twamubonye uwo Mose n'abavugishwa banditse mu vyagezwe, Yesu w'i Nazareti, umuhungu wa Yosefu"(Yohana 1:45) Natanayeli, n'amakenga menshi arabaza ati, "mbega hari iciza cova i Nazareti?" Inyishu ya Filipo yari yoroshe cane ariko ikomeye; yabwiye Natanayeli ati, " Ingo uvyirabire" (Yohana 1:45-46). Ubu ni ubushobozi bwo kuba intwari. Andereya na Filipo ntibakurikiye Yesu gusa, ariko barakoze cane mu kuzana abandi kuri we. Barahuje abayuda n'abagabo bitanga, abari basanzwe bizera Imana, babamatanya n'igikorwa ca Mesiya. Nk'uko nyene, mu guteza imbere ubwami bw'Imana uyu musi, turakeneye ikigwi c'ingabo z'abantu b'Imana babiriko, bafise ishaka kandi batikwega mu kwitanga kwabo kubw'ubutumwa bwiza. Natwe turabandanya ubutumwa bwuzuye muri uyu mwaka wa 2025. Ba intwari y'iki gikorwa! Iyandike kandi uhimirize abandi kwiyunga n'iyi mpamvu mu gihe turiko turashitsa igikorwa nyamukuru. Ni ivyankenerwa cane kuri twebwe kumenya ko kuzana impinduka muri ino si, bidusaba ingabo z'abakristo ziri hamwe, umwe wese agakora igikirwa yahawe gukora mu gusunika ubwami bw'Imana, na cane cane ko ukugaruka kw'Umwami kwegereje. Prayer / Confession Data mwiza, ndagushimiye ko wangize intwari mu guteza imbere ubwami bwawe. Biciye muri jewe, benshi baraza mu bwami kandi bakiyandikisha mu gisirikare cawe gikomeye, bagashitsa intego yawe y'ubumana kandi bagahindura ubuzima bw'abantu ahantu hose. Ngendera mu bwenge n'ubushobozi vya Mpwemu Yera, ngakomeza gukwiragiza ingaruka z'ubwami, mw'Izina rya Yesu. Amen Further study Yohana 1:40-42; Yohana 4:28-30; 2 Timoteyo 2:2 1-year bible reading plan Ivyakozwe n’intuma 1:1-26 & 2 Ingoma 1-4 2-year bible reading plan Mariko 16:1-11 & Gusubira mu Vyagezwe 7 WhatsApp Chanel for rhapsody Translation : https://whatsapp.com/channel/0029Va9SJ9OHFxP0Xh4KCN3F

Comments