Akeza.net | Les Beautés de Chez Nous
Akeza.net | Les Beautés de Chez Nous
May 25, 2025 at 12:53 PM
🔴 GOSPEL ndundi igiye kwunguka uwundi muririmvyikazi mushasha yabigize umwuga. Yitwa Liesse Wonder Ishimwe, akaba ari umwigeme, afise impano idasanzwe mu kuririmba, kwandika no kuvuza ibicurarangisho bitandukanye vy’umuziki. 🎶🎵🎸🎼. 🔹Benshi bakaba bamuzi mu biteramo, mu biganiro no mahiganwa atandukanye yo kuririmba, aho mbere ari no mu banyempano 10 babaye aba mbere mw’ihiganwa « 𝗟𝗲𝘀 𝗧𝗮𝗹𝗲𝗻𝘁𝘀 𝗗𝗲 𝗖𝗵𝗲𝘇 𝗡𝗼𝘂𝘀 » ryatunganijwe na Akeza.net mu mwaka uheze. 🔹Ku ncuro yiwe ya mbere rero akaba agiye gushira ahabona indirimbo nshasha imwugururira urugendo, yise « #nihe ». Iyo ndirimbo ikazosohoka irikumwe n’amashusho kuwa gatanu uza 30/5/2025. 👉 Mu kurindira iyo ndirimbo, kaze mumutere intege mu kugira Subscribe kuri Channel yiwe ya YouTube 👉 : https://youtube.com/@liessewonderishimwe?si=5C3WarTfdCnUiFiK #lesbeautesdecheznous #akezanet #musique #burundi https://www.facebook.com/share/p/1AVLdda2T4/
Image from Akeza.net | Les Beautés de Chez Nous: 🔴 GOSPEL ndundi igiye kwunguka uwundi muririmvyikazi mushasha yabigiz...
❤️ 1

Comments