
Akeza.net | Les Beautés de Chez Nous
May 28, 2025 at 08:29 PM
ACCESS Logistics : « Ishirahamwe karuhariwe mu rudandazwa rw’imodokari mu Burundi, kuva mu myaka itanu iheze ».
Nawe ushobora kuba wari ufise ikibazo c’aho wogurira imodokari nziza, zikomeye kandi ku giciro ciza. Inyishu yihuta ni ACCESS Logistics.
Ni ishirahamwe rigizwe n’urwaruka rw’inzobere mu vyo kudandaza imodoka hano mu gisagara ca Bujumbura. Iryo shirahamwe riracuruza imiduga iva mu mihingo yose kw’isi, yaba mishasha canke iba imaze gukora igihe gito (occasion) yaba iyiva mu Buyapani, mu Bafaransa, Reta Zunze Ubumwe za Amerika , Koreya y’amaja epfo n’ahandi.
Umwe muri urwo rwaruka Faisal BABA, arongoye iryo shirahamwe aratwiganira vyinshi ku bituma bahurumbirwa cane hamwe n’uturusho baha umukiriya.
Aratwiganira kandi ukugene ishirahamwe ryakuze, ubu rikaba rifise ibisata vyinshi mbere ubu bakaba batandukiriye ibijanye n’amazu (immobilier).
➡️Ukeneye kubagendera, iryo shirahamwe riherereye muri Q.Asiatique, Ibarabara Mubarazi, N°16. Murashobora kandi no kubakura muciye kuri : +257 22 28 15 72 canke mukabandikira ku buhinga bwa Mail: [email protected].
#lesbeautesdecheznous #akezanet #imodokari #accesslogistics #burundi
https://www.facebook.com/share/v/1E6jmDXyzM/