
Akeza.net | Les Beautรฉs de Chez Nous
June 2, 2025 at 10:54 AM
๐ด๐ยซ ๐ก๐ด๐ถ๐๐ฒ ๐ด๐๐ณ๐ฎ๐๐ต๐ฎ ๐ฐ๐ฎ๐ป๐ฒ ๐บ๐ ๐ด๐๐๐ฒ๐๐ถ๐บ๐ฏ๐ฒ๐ฟ๐ฒ ๐ถ๐ด๐ถ๐๐ฎ๐๐ฎ ๐ฐโ๐ฎ๐บ๐ฒ๐ฟ๐ฒ๐ฟ๐ฒ๐๐ถ ๐บ๐ ๐๐๐ฟ๐๐ป๐ฑ๐ถ, ๐ด๐๐๐๐บ๐ฏ๐ฎ ๐๐ธ๐ผ ๐๐๐ฎ๐ฟ๐ถ ๐ฏ๐ถ๐บ๐ฒ๐๐ฒ, ๐ต๐ฎ๐บ๐๐ฒ ๐ป๐ผ ๐ด๐๐๐ต๐ถ๐ด๐ถ๐ธ๐ถ๐ฟ๐ฎ ๐ถ๐บ๐ฝ๐ฎ๐ป๐ผ ๐โ๐๐ฟ๐๐ฎ๐ฟ๐๐ธ๐ฎ ๐ฟ๐โ๐จ๐ฏ๐๐ฟ๐๐ป๐ฑ๐ถ ๐ฟ๐๐ฟ๐ถ ๐บ๐๐ฟ๐ถ ๐ถ๐ฐ๐ผ ๐ด๐ถ๐๐ฎ๐๐ฎ ยป.๐ฅ๐
===============
Bishikirizwa nโUmukinyi wโamareresi wโumurundi John K-ay, asanzwe ari rurangiranwa mu makungu mu gukina amareresi.
๐นMuri kino gihe, uwo John Kay, benshi bakaba bariko bamutazira amazina atandukanye harimwo ยซ Changa Changa ยป canke ngo ยซ Mukozi wโImanaยป bivanye nโurukurikirane rwa #film amaze imisi ariko arakina yitwa ยซ #ndahazi ยป iriko irakundwa hano mu gihugu no muri Diaspora yโabarundi baba mu bihugu bitandukanye vyo kwโisi.
๐๐ฌ Agira ati : ยซ Igihe tumaze turiko turakina film mu Burundi, sinovuga ko ari bibi. Ariko tugiye kwongereza inguvu cane mu bijanye no gukuza impano zโurwaruka rwacu hamwe no gushikana kure hashoboka ibikorwa vyacu, cane cane ku mbuga zidadanza ama films akozwe ku buhinga bwa noneยป.
๐นMwomenya ko John k-ay ari umwe mu bakinyi ba film bโabarundi bariko baragerageza gutezimbere #filmndundi bayishira ku rugero mpuzamakungu. Akaba amaze gukina muma films menshi atandukanye yaba ayo yitunganirije canke bamutumiyemwo mu bihugu vyo mu karere canke mu Makungu, cane cane muri #tanzanie, #australie , #usa nโahandi.
๐นUwu Changa Changa akaba amaze no gutahukana ubushimwe butandukanye biciye mu mpano yiwe yo gukora Films zo ku rwego rwo hejuru.
๐นMuri iyo migambi yo gutezimbere urwaruka rufise impano zo gukina Films mu Burundi, hakaba harimwo ku bageza mu makungu, biciye mu makoraniro atumirwamwo no muri Films atwarayo nka ยซ FEAR WOMEN ยป nizindi nyinshi amaze kugeza mu makungu.
โก๏ธ Ushaka kumenya vyinshi mu bikorwa vyamuranze, simbira hano kuri ยซ THE LIGHT OF AFRICA Chanel ยป : ๐ https://youtu.be/lqDvT3Aj7Fk?si=9h1N8XETucbKjT1L , urabe ubuhinga, nโumwitwarariko ashira muri iyo mpano yiwe.
Woba wari usanzwe umuzi ?
#lesbeautesdecheznous #akezanet #film #burundi
https://www.facebook.com/share/p/1AciHGBKbH/