Akeza.net | Les Beautรฉs de Chez Nous
Akeza.net | Les Beautรฉs de Chez Nous
June 2, 2025 at 10:54 AM
๐Ÿ”ด๐ŸŽ™ยซ ๐—ก๐—ด๐—ถ๐˜†๐—ฒ ๐—ด๐˜‚๐—ณ๐—ฎ๐˜€๐—ต๐—ฎ ๐—ฐ๐—ฎ๐—ป๐—ฒ ๐—บ๐˜‚ ๐—ด๐˜‚๐˜๐—ฒ๐˜‡๐—ถ๐—บ๐—ฏ๐—ฒ๐—ฟ๐—ฒ ๐—ถ๐—ด๐—ถ๐˜€๐—ฎ๐˜๐—ฎ ๐—ฐโ€™๐—ฎ๐—บ๐—ฒ๐—ฟ๐—ฒ๐—ฟ๐—ฒ๐˜€๐—ถ ๐—บ๐˜‚ ๐—•๐˜‚๐—ฟ๐˜‚๐—ป๐—ฑ๐—ถ, ๐—ด๐˜‚๐˜€๐˜‚๐—บ๐—ฏ๐—ฎ ๐˜‚๐—ธ๐—ผ ๐˜ƒ๐˜†๐—ฎ๐—ฟ๐—ถ ๐—ฏ๐—ถ๐—บ๐—ฒ๐˜‡๐—ฒ, ๐—ต๐—ฎ๐—บ๐˜„๐—ฒ ๐—ป๐—ผ ๐—ด๐˜‚๐˜€๐—ต๐—ถ๐—ด๐—ถ๐—ธ๐—ถ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ถ๐—บ๐—ฝ๐—ฎ๐—ป๐—ผ ๐˜‡โ€™๐˜‚๐—ฟ๐˜„๐—ฎ๐—ฟ๐˜‚๐—ธ๐—ฎ ๐—ฟ๐˜„โ€™๐—จ๐—ฏ๐˜‚๐—ฟ๐˜‚๐—ป๐—ฑ๐—ถ ๐—ฟ๐˜‚๐—ฟ๐—ถ ๐—บ๐˜‚๐—ฟ๐—ถ ๐—ถ๐—ฐ๐—ผ ๐—ด๐—ถ๐˜€๐—ฎ๐˜๐—ฎ ยป.๐ŸŽฅ๐ŸŽž =============== Bishikirizwa nโ€™Umukinyi wโ€™amareresi wโ€™umurundi John K-ay, asanzwe ari rurangiranwa mu makungu mu gukina amareresi. ๐Ÿ”นMuri kino gihe, uwo John Kay, benshi bakaba bariko bamutazira amazina atandukanye harimwo ยซ Changa Changa ยป canke ngo ยซ Mukozi wโ€™Imanaยป bivanye nโ€™urukurikirane rwa #film amaze imisi ariko arakina yitwa ยซ #ndahazi ยป iriko irakundwa hano mu gihugu no muri Diaspora yโ€™abarundi baba mu bihugu bitandukanye vyo kwโ€™isi. ๐Ÿ“๐Ÿ’ฌ Agira ati : ยซ Igihe tumaze turiko turakina film mu Burundi, sinovuga ko ari bibi. Ariko tugiye kwongereza inguvu cane mu bijanye no gukuza impano zโ€™urwaruka rwacu hamwe no gushikana kure hashoboka ibikorwa vyacu, cane cane ku mbuga zidadanza ama films akozwe ku buhinga bwa noneยป. ๐Ÿ”นMwomenya ko John k-ay ari umwe mu bakinyi ba film bโ€™abarundi bariko baragerageza gutezimbere #filmndundi bayishira ku rugero mpuzamakungu. Akaba amaze gukina muma films menshi atandukanye yaba ayo yitunganirije canke bamutumiyemwo mu bihugu vyo mu karere canke mu Makungu, cane cane muri #tanzanie, #australie , #usa nโ€™ahandi. ๐Ÿ”นUwu Changa Changa akaba amaze no gutahukana ubushimwe butandukanye biciye mu mpano yiwe yo gukora Films zo ku rwego rwo hejuru. ๐Ÿ”นMuri iyo migambi yo gutezimbere urwaruka rufise impano zo gukina Films mu Burundi, hakaba harimwo ku bageza mu makungu, biciye mu makoraniro atumirwamwo no muri Films atwarayo nka ยซ FEAR WOMEN ยป nizindi nyinshi amaze kugeza mu makungu. โžก๏ธ Ushaka kumenya vyinshi mu bikorwa vyamuranze, simbira hano kuri ยซ THE LIGHT OF AFRICA Chanel ยป : ๐Ÿ‘‰ https://youtu.be/lqDvT3Aj7Fk?si=9h1N8XETucbKjT1L , urabe ubuhinga, nโ€™umwitwarariko ashira muri iyo mpano yiwe. Woba wari usanzwe umuzi ? #lesbeautesdecheznous #akezanet #film #burundi https://www.facebook.com/share/p/1AciHGBKbH/

Comments