
Rhapsody Global Club ( Mandate 1B ROR Influences )
June 13, 2025 at 06:59 PM
Rhapsody Kirundi
Sat Jun 14 2025
UBUSHOBOZI BW'IYEREKWA HAMWE N'IVYIYUMVIRO
Yakobo aca inkoni mbisi zitwa imilebeni n'izitwa shakedi n'izitwa imyarumoni, azicakw amabara yera asa n'imisengo, agaragaza ahera h'imbere ku nkoni. (Itanguriro 30:37)
I nkuru ya Yakobo mw'itanguriro 30 na 31 ni inkuru iryoshe kandi yerekana ubushobozi bw'iyerekwa hamwe n'ivyiyumviro. Igihe Yakobo yemera gukorera Labani, yari yemerewe umukuku nk'impembo. Ariko Laban yaguma yisubirako ahindura amasezerano akiba Yakobo. Ariko Yakobo, biciye mu bwenge bw'Imana hamwe n'uburyo bwo gukora, yarahindukije ibihe.
Yakobo yafashe inkoni mbisi z'imilebeni, izi shakedi n'iz'imyarumoni azicako amabara yera kugira ziboneke nk'izera. Izi nkoni yazishize ku migezi y'amazi aho imikuku iza kunywa amazi. Uko iyo mikuku yima imbere y'izo nkoni zaca zivyara imyagazi isa nk'uko Yakobo yashaka. Hanyuma, Yakobo ntiyabaye agikenera gukoresha izo nkoni. Yaratandukanije izikiri nto, izikuze hamwe n'izifise amabara hanyuma azishira imbere y'imikuku. Mu gukora nk'uko, yashizeho iyerekwa mu mikuku, kandi zavyara ibihwanye n'ivyo yabonye.
Uburyo bwo gukora bwa Yakobo ryari igaragazwa ry'ubushobozi bw'iyerekwa. Yakoresheje ubushobozi bwo kwiyumvira kugira agene umusaruro. Iyo umukuku ukomeye wimye yakobo yawushira imbere y'inkoni, kugira agire ukwemezwa ko iyo zizovyara izoba iyikomeye, ibereye. Iyo umukuku waba udakomeye ntiyakoresha inkoni, kugira ngo izidakomeye zibe iza Labani.
Uko imisi yahera niko umukuku wa Yakobo wakomeje kugwira uba mwinshi cane, mu gihe umukuku wa Labani wagumye uba mubi. Iterambere rya Yakobo ryabaye ihishurirwa ry'Imana. Mu ndoto yabonye impfizi z'impene zurira ku mikuku n'izibibaba, n'izimifumberi. Umumalayika areza iri yerekwa, aravuga ati, "Arambarira, at' Unamura amaso yawe, urabe: eh' impfizi z'impene zose zuriye umukuku n'iz' ibibaba n'iz' imifumberi n'iz' ibidorodonzi..." (Itanguriro 31:12).
Mbega ibintu bikomeye! Urafise ubushobizi bwo gushiraho kazoza ushaka mu kugumiza amaso kuvyo ushaka kubona. Rema ivyo ushaka ukoresheje ivyiyumviro vyawe. Biciye mw'ijambo hamwe n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera buri ku gikorwa muri wewe. Ushobora kurema canke ugaha iforoma ukuri kwawe kuboneka. Haleluya!
Prayer / Confession
Data mwiza, ndagushimiye ko wampaye ubushobozi bwo kubona no kurema kazoza nshaka biciye mu bushobozi bw'iyerekwa hamwe n'ijambo ryawe. Uko nkoresha ububshaka bw'ivyiyumviro bwanje, nsunitswe na Mpwemu wawe, ndubaka ubuzima bwanje mu murongo w'intego y'Imana, mu ntsinzi hamwe no kwaguka mu burere bwose. Nahawe inkomezi zo gushiraho impinduka mw'isi yanje no gushitsa ico nahamagariwe, mw'Izina rya Yesu. Amen.
Further study
Itanguriro 13:14-17; Habakuki 2:2; Abanyefeso 3:20
1-year bible reading plan
Ivyakozwe n’intuma 4:32-5:1-11 & 2 Ingoma 20-22
2-year bible reading plan
Luka 1:39-56 & Gusubira mu Vyagezwe 12
WhatsApp Chanel for rhapsody Translation :
https://whatsapp.com/channel/0029Va9SJ9OHFxP0Xh4KCN3F