
Akeza.net | Les Beautรฉs de Chez Nous
June 16, 2025 at 07:40 AM
๐ด ๐๐ฒ๐ป๐ถ๐ ๐ ๐๐๐จ๐ฅ๐จ, ๐บ๐ ๐ป๐๐ถ๐ฟ๐ฎ ๐๐ผ ๐ด๐๐๐ต๐ถ๐ธ๐ฎ๐ป๐ฎ #๐๐ผ๐๐ฝ๐ฒ๐น๐ป๐ฑ๐๐ป๐ฑ๐ถ, ๐ธ๐ ๐ฟ๐๐ฒ๐ด๐ผ ๐บ๐ฝ๐๐๐ฎ๐บ๐ฎ๐ธ๐๐ป๐ด๐.๐ง๐ฎ๐๐ถ
===================
Umuririmvyi wโindirimbo mpimbazamana Denis Maguru, mwamenye cane mu ndirimbo nka ยซ Urโigikomangoma Yesu ยป, ยซ Shikama ushiramanga ยป nโizindi, ubu akorera imirimo yiwe muri Australia ๐ฆ๐บ, yarabandanije ibikogwa bidasanzwe muri ico gihugu, aho amaze gusohora indirimbo nyinshi zitandukanye, zifasha abarundi baba muri ico gihugu kuninahaza Imana.๐ธ๐น๐ฅ๐ท.
๐นUyo mugabo yubakiye izina ryiwe cane cane i Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba, bivuye ku mudiho yakoresha umeze nkโuwo abaTanzania, Ba Bony Mwaitege nโabandi bakoresha. Mu nyuma yahavuye ashikana indirimbo ziwe i #bujumbura, nazo zica zikwira igihugu cose.
๐นMuri kino gihe rero, uyo muririmvyi wโumurundi akaba ariko aramenyekana cane no muri #australie, bivuye kwโikoraniro yise ยซ Mega Gospel Festival ยป, asanzwe ategura buri mwaka muri Australie, akayikorera mu ntara zitandukanye zโico gihugu. Muri iryo koraniro atumira kenshi abandi baririmvyi batandukanye bava aho nyene muri #australia, no hanze ya Australie, nko muri #canada , #usa, #europe, #southafrica nโahandi.
๐นAganira na Akeza.net, Denis yatubwiye ko uyu mwaka, iryo koraniro rizobera ahitwa #brisbane, ku magenekerezo ya 12/7/2025. Iryo koraniro rikazoba rishingiye ahanini ku ndirimbo nshasha aherutse gusohora yise ยซ Niko huru ยป ( : ๐ https://youtu.be/eStjBSrd_Kk?si=r6gVO6xSDxv_zrN9 ), iriko ibikora neza muri kino gihe.
Ni igiki ukundira uyo muririmvyi ?
#lesbeautesdecheznous #akezanet #gospel #burundi
https://www.facebook.com/share/p/1AUEkcafkM/