Itara Burundi
Itara Burundi
February 13, 2025 at 08:16 PM
#burundi Mubirwanisho Igisoda c'uburundi @fdnbbi gikoresha harimwo inkoho zakoze caguriye muri Afrika yepfo, mu bushinwa no muri Amerika muzitwako ari izavuba hamwe n'izindi za kera zahoze zikoreshwa n'abafaransa, abarusiya hamwe naba sovietes. Nk'uko tubisoma kurubuga rwa CIA, abasoda b'uburundi bababa 30000. Ivyo biruko mugihe umukuru w'igihugu @GeneralNeva yoremesheje abarundi amaze imisi abahamagarira abarundi kwitegurira intambara izobahuza n'igihugu kibanyi c'u #rwanda. Amakuru dukura mubegereye @CnddFdd avugako kuba @R_Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru wawo atawuzi ubuzima bwiwe bizotuma @GeneralNeva arwanywa n'abindani mu mugambwe ahubwo kuzana ivy'intambara y'urwanda ari uburyo bwo gusamaza abanyamugambwe ntibibaze vyinshi kucoba carabaye kuwa 23 nzero 2025 kuri Réverien Ndikuriyo. Ivyo vyose bikaba bihanze Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye abahinga bemezako ubwoba bwo kwicwa bwamutumye avuga ivyo amaze imisi avuga biteye ubwoba abatari bake mugihugu. 👉https://x.com/ItaraBurundi/status/1890132724863914442

Comments