Itara Burundi
Itara Burundi
February 15, 2025 at 07:11 AM
#burundi Mu mugambwe @CnddFdd bashobora kuba bafise ico bashaka kunyegeza narirya bivugwako bahejeje gutegura imyimenyerezo ya gisirikare hirya no hino . Shabani Nimubona arongoye umuhari w'#imbonerakure muntara ya #buhumuza yaraye amenye ibanga: "Akabura ntikaboneke si Nyina w'umuntu, akabura ntikaboneke ni igihugu" Ayo ni amajambo dusanga murwandiko yanditse akarukwiragiza muma groupes Whatsapp aho yashizeko n'ifoto yiwe. Umuntu agerageje kwumva ico yashatse kuvuga ni ukuvugako Nyina w'umuntu naho yopfa ni ibisanzwe. Uwo mugani yacuritse usanze uvugango: "Akabura ntikaboneke ni Nyina w'umuntu". Ukwo guhindura imigani twasigiwe n'abasokuru kunyungu z'abantu bishobora kuba binyegeje vyinshi umuntu afatiye kuvyo umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye(@GeneralNeva) aherutse gushikiririza mu #kirundo. Biravugwako Shabani Nimubona ari mubagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu mu ntara ya @MuyingaProvince aho avuka akaba ariwe yashizwe imbere mukurongora imbonerakure muntara yagutse ya #buhumuza. 👉https://x.com/ItaraBurundi/status/1890659933454041531 Mwebwe muvyumva gute?
🤭 1

Comments