
Itara Burundi
February 23, 2025 at 10:17 PM
#burundi Abasoda bari muri RDC kurwana na M23 batanguye kwiyahura
Mugihe bivugwako abasoda bashoboye kuva muri reta iharanira intwaro rusangi ya Congo , RDC bashitse mu Burundi bagaca babasubizayo kurwana na M23 kunguvu, hanyuma abasoda ba RDC bagahungira Kelemie n’ubwato abandi bagahugira mu Burundi bakakirwa neza, abasoda 7 b’abarundi bahisemwo kwiyahuhura hako babandanya barwana intambara batumva.
Mu kiganiro Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE yarimwo catunganijwe n’iryo shirahamwe kumbuga ngurukana bumenyi yavuzeko abasoda bamwandikiye ubutumwa bamumenyeshako bari mu kangaratete aho ubuzima bwabagoye iyo bajanywe muri #rdc mbere 7 muribo bapfuye bamwe birashe abandi bitera ama grénades inyuma y’inama yabamenyeshako gutahukanwa mu Burundi
Inkuru yose ngaha✍️https://kir.itaraburundi.com/burundi-abasoda-bari-muri-rdc-kurwana-na-m23-batanguye-kwiyahura/
Hagati aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye @GeneralNeva
yagiye kuraba mugenziwe wa #rdc Felix Tshisekedi I Kinshasa mw’ibanga ntangere kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2025. Ivy’Urwo urugendo ntaco reta y’uburundi irabivugako.