FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
February 15, 2025 at 09:13 PM
https://www.facebook.com/share/p/1Gtk4pMGj4/ Général Bunyoni yaraye asavye ko urubanza rwiwe rusubirwamwo. Anasaba kurekurwa vy'agateganyo kubera amagara yiwe abangamiwe. Ejo haheze (14.02.2025), Général Alain Guillaume Bunyoni na bagenziwe bararengutse mu gisata Gasamburamanza muri Sentare Ntahinyuzwa. Urabanza rwabereye mw'ibohero rikuru rya Gitega. Umukuru w'intahe yari Gamaliel Nkurunziza arongoye Sentare Ntahinyuzwa. Nkuko vyama bigenda,amabarabara yose aja kw'ibohero rya Gitega yari yugawe, abitavye urubanza babanza gusakwa ku buryo ata kintu binjirana, na canecane icofata amasanamu canke amajwi. Général Bunyoni yabanje gusaba ko yorekurwa vy'agateganyo, kubera amagara amerewe nabi. Bunyoni avuga ko afise diabète (type 2) igeze kure, ku buryo imiti ataco ikimufasha kinini. Avuga ko abayeho yugaranywe, ku buryo asohoka iminota 30 gusa kabiri mu ndwi. Bunyoni aratinya ko azohava agwa muri iryo bohero ahitanywe n'uwo munyororo utagiramwo ubuntu. Parquet yo yishuye ko Bunyoni afashwe neza, kandi ko abonana n'umuganga igihe cose bikenewe. Kuri ico gisabo ca Général Bunyoni, Sentare yamubwiye ko izomwishura mu masaha 48. Ku bijanye n'ivyo yagirizwa, Général Bunyoni yasavye ko urubanza yaciriwe rusubirwamwo (cassation du jugement), rugasubira kwumvirizwa gushasha kubera rutisunze amategeko. Nkuko twabibabwiye ejo, muri Gasamburamanza ntihaburanwa ivyaha umuntu yakoze, ahubwo herekanwa ingene amategeko yahonyowe. Hamwe Sentare yosambura urwo rubanza, Général Bunyoni yoca asubira kuburana ku rugero yaburanyemwo mw'iyungururizo, maze bakamuha abacamanza bashasha. Kuri ico gisabo, Sentare yishuye ko izoba yafashe ingingo mu mlsi 60. Uko vyagenze kuri Bunyoni, niko vyari bimeze no kuri bagenziwe, nka Colonel Désiré Uwamahoro na Colonel Samuel Destino Bapfumukeko. Amatwi adusumira, Colonel Désiré Uwamahoro yarasatswe acinjira, bamusangana carte Sim nshasha ya Lumitel yari inyegeje muri Bibiliya. Hari abibaza ko ari carte Sim yari azaniye Bunyoni. Ubu rero Général Bunyoni ararindiriye inyishu za Sentare Ntahinyuzwa ku bisabo vyiwe.
👍 🙏 🥄 3

Comments