
FOCODE Magazine
5.6K subscribers
About FOCODE Magazine
Rejoignez la chaîne WhatsApp du Focode, votre canal citoyen pour des alertes instantanées, des informations cruciales et une mobilisation collective pour le respect des droits humains , la démocratie et l'Etat de droit au Burundi
Similar Channels
Swipe to see more
Posts

https://www.facebook.com/share/v/1DULy8Pe2d/ #Igitoro : Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yashatse kubwira iki Abarundi ? Ku wa gatanu uheze (13.6.2025), mu kiganiro Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yatanze ari kumwe na Leta yiwe, mu ntara ya Cibitoke, harasubiriye kubazwa ikibazo c'ikena ry'igitoro. Inyishu umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yatanze yuzuye igipfungu, mbere isa n'ukurementanya : 1. Ubwambere Ibrahim Uwizeye avuga ko dufise igitoro cinshi hanze, ariko ko ikibazo ari abakizana bazana dukeduke ! Aho hanze kiri ni hehe ? Mbega bozana dukeduke ariko bakaguma baza, nticohava kigwira ? Bigenda gute ngo hace amezi n'utwo duke tutaje ? Mbega uwambere abikoze nabi, ntihoboneka uwundi abizana ? Ko bigeze kutubwira ngo bazohiora bagicisha muri Tanganyika, vyahereye hehe ? 2. Kuyagira Abarundi ko ufise ibinogo bijamwo amalitiro imiliyoni 60 bimaze iki mu gihe ata gitoro babona ? 3. Ubu naho hadutse ngo ibihano kubera Abarundi bavuga ibitagira ifatiro ! None ko muri myandagaro 2022 Prezida Ndayishimiye yari yatubwiye ko ibitoro avyifatiye mu ntoke, ko ata bitoro bizosubira kubura, hoba hafi ibihano bishasha vyafashwe inyuma ya 2022 ? 4. Ibrahim arangiza avuga ko ibitoro bizoboneka neza n'iyo abarundi bakura amaboko mu mpuzu bakaronka ivyo bashora hanze ! 🔴 Mu ncamake dufate iki muri bino bintu ? Igitoro koko kiriho canke nta kiriho ? Habuze abakizana koko, canke habuze amahera yo kukigura ? Abarundi bazeruke, bafate ko kizoboneka bamaze gukura amaboko mu mpuzu ? Mushikiranganji, muri iyi nzingunzingu, watubwiye iki koko ? 📷 Ireresi ya Iris News

https://x.com/FOCODE_/status/1934852305288896643?t=FdCIPhUq4TNIRLlRU1VN9w&s=19 Burundi : 20 organisations de la société civile dénoncent une "mascarade électorale" Vingt organisations de la société civile burundaise dénoncent un processus électoral biaisé lors des élections législatives et communales du 5 juin. Dans une déclaration rendue publique le 16 juin, elles parlent d’un scrutin entaché de fraudes massives et de violations des droits fondamentaux. Les organisations signataires de la déclaration rapportent des cas de bourrages d’urnes, de votes multiples, d’enrôlements d’électeurs fictifs, de falsifications de résultats, ainsi que l’exclusion d’observateurs indépendants. Elles accusent la Commission électorale nationale indépendante (CENI) de complicité après l’annonce d’une victoire écrasante du parti au pouvoir avec 96,51 % des suffrages. Elles dénoncent également un climat généralisé d’intimidation qui a entouré le scrutin: arrestations arbitraires, harcèlement de journalistes, surveillance des électeurs critiques, avec un rôle actif joué par les Imbonerakure, la jeunesse affiliée au pouvoir. Les organisations signataires appellent les autorités à ne pas valider les résultats provisoires sans tenir compte des irrégularités constatées, à engager un dialogue politique sincère, et à réformer profondément la CENI pour garantir son impartialité et sa transparence. Elles invitent aussi la communauté internationale à conditionner toute reconnaissance des résultats à une vérification indépendante, soulignant que sans justice électorale, aucun progrès démocratique durable ne peut être envisagé au Burundi. Vous pouvez suivre l'intégralité de la déclaration à travers ce lien : focode.org/ethan/pdf/Decl…

https://www.facebook.com/share/p/1Z5NJLVYZr/ 🔴 #AMATORA Bamwe mu bazoba mu Nama Nshingamateka igiye kujaho. Inyuma y'inkanimico y'amatora yo ku wa 05.6.2025, Inama Nshingamateka izoba igizwe n'abashingamateka bava mu mugambwe umwe rudende, CNDD-FDD. Nkuko twaheruka kubibabwira, Inama Nshingamateka imeze gutyo yabayeho rimwe rudende mu mateka y'Uburundi, kuva mu 1982 gushika mu 1987, ku ntwaro y'umugambwe umwe UPRONA. Ivyo tuzobigarukako mu zindi nkuru. Muri ino nkuru turagaruka kuri bamwe mu bazoba bagize Inama Nshingamateka nshasha. Benshi mu bashingamateka bashasha si abantu bari basanzwe bazwi. Tugaruke kuri bakebake bazwi. 🔴 Ingoro y'Inama Nshingamateka mu Kigobe igiye kuba ingoro nkuru y'umugambwe CNDD-FDD ! Uko niko bamwe bavuze bamaze kwumva ko abashingamateka bose bazoba ari abanywanyi ba CNDD-FDD. Ntibarira busema. Kuko umurwi wa mbere w'abo CNDD-FDD yatoje ni abasanzwe bayitwara ku rwego rw'igihugu : 1. Mu bagize Conseil des Sages ya CNDD-FDD, Gélase Daniel Ndabirabe na Zénon Ndaruvukanye nibo batowe mu Nama Nshingamateka, abandi bazoja mu Nama Nkenguzamateka. Zénon Ndaruvukanye ashobora no kuba ariwe Mushingamateka amaze kugira ibiringo vyinshi mu Nama Nshingamateka y'Uburundi. Ntawuzi ko Gélase Ndabirabe nawe ariwe azobandanya kurongora Inama Nshingamateka. Ico bikoze, iyiheruka yayitwaye nabi cane, ni kenshi Abarundi bamwumviriza bumirwa n'amajambo yamuca mu kanwa. Gélase Ndabirabe azwi nk'umuntu aterekwa ibijanye n'agateka ka zina muntu, ntiyerekwa ibivuga umwidegemvyo w'abarundi, akunda igikenye, avugwako urwanko, ntiyerekwa imigambwe yindi, yemeza ko ifaranga ry'Uburundi rikomeye cane, ntiyemera ko hariho ubukene bw'igitoro, ... 2. Abanyamabanga ba CNDD-FDD ku rwego rw'igihugu (secrétaires nationaux) nka bose bazoba abashingamateka : Martin Nivyabandi, Dénis Karera, Jean-Marie Muhirwa, Doriane Munezero, ... 3. Abagiye bararongora Imbonerakure ku rwego rw'igihugu bazohurira mu Nama Nshingamateka : Ezéchiel Nibigira, Dénis Karera na Éric Nshimirimana. Habuzemwo uwabatanguriye bose, Major Jean-Petit Nduwimana, yagandaguwe n'iperereza rya Prezida Nkurunziza muri 2013. 🔴 Hari abategetsi bake cane bazoba abashingamateka. 1. Abashikiranganji batatu gusa (Martin Niteretse, Alain Tribert Mutabazi na Gervais Abayeho) nibo bagiye kuba abashingamateka. Muri Buhumuza, Ibrahim Uwizeye nawe nyene ahagaze neza, hagize umushingamateka w'umututsi ahabwa ayandi mabanga, Uwizeye azoca yinjira mu Nama Nshingamateka. 2. Ba buramatari babiri gusa nibo bahawe intebe mu Nama Nshingamateka : Général-Major Léonidas Ndaruzaniye w'i Ngozi na Venant Manirambona w'i Gitega. Léonidas Ndaruzaniye aranuganugwa mbere ko ariwe ashobora kurongora Inama Nshingamateka canke akazohabwa umugambwe CNDD-FDD. Léonidas Ndaruzaniye ni somambike wa Evariste Ndayishimiye. Uwundi muburamatari ashobora kuzoshikirwa ni Tantine Ncutinamagara w'i Makamba. Ahagaze neza ku buryo hagize umushingamateka w'umuhutu muri Burunga ahabwa amabanga yandi, Tantine Ncutinamagara yoca yonjira mu Nama Nshingamateka. 3. Abashikiranganji bane bahoze muri Leta ya Prezida Nkurunziza bazobamwo : Ezéchiel Nibigira, Côme Manirakiza, Martin Nivyabandi na Jean-Marie Nibirantije. 4. Saidi Djuma yahoze ari umukuru w'igisagara ca Bujumbura agiye kuba umushingamateka, inyuma y'imyaka hafi 10 asa n'uwibagiwe. 5. Jean Ciza yatwaye ibanki nkuru BRB , mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza nawe nyene agiye kuba umushingamateka. 6. Mu bahora bakomeye mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka zahahora, batatu nibo baboneka mu Nama Nshingamateka nshasha : Gélase Daniel Ndabirabe, Denise Ndadaye na Olivier Suguru. 🔴 Bamwe mu bavuzwe mu vyaha bikomeye vyo gusesa amaraso bagiye kwitwa bashingamateka. Muri rusangi, uwatwaye wese urwego rw'imboberakure afatwa ko aba abazwa amabi yakozwe n'imboberakure mu kiringo yari umukuru wazo. Ariko rero muri bo, harimwo bamwe, ku giti cabo, bavuzwe mu mabi akomeye cane. Shabani Nimubona yari amaze imyaka itari mike arongoye Imbonerakure mu ntara ya Muyinga. Kuva muri 2021 yaranagizwe uwujejwe iperereza mu mugambwe, muri iyo ntara nyene, inyuma naho ahabwa kurongora Imbonerakure mu ntara nshasha ya Buhumuza (Cankuzo, Ruyigi na Muyinga). Amabi Shabani Nimubona amaze kuvugwamwo biragoye kuyadondagura. Kuva havugwa ubwicanyi bwakorewe aba FNL b'i Muyinga batawe mu Ruvubu muri 2006, kugeza kw'inyuruzwa ry'abantu batari bake muri 2024, Shabani Nimubona yagumye avugwa iyo myaka yose. Ariko ntiyigeze abibazwa. Nta nkeka ko mu Nama Nshingamateka agiye guhagararira ukudahana ivyaha bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu mu Burundi ! Ezéchiel Nibigira akirongoye Imbonerakure yaravuzwe mu mabi menshi. Niwe yatanguje ico bise Opération Aigle Éveillé muri za 2008-2010 yari itumbereye guhindura aba FNL bakaba Imbonerakure, canecane muri Bujumbura rural. Abatavyemeye barashobora kugirirwa nabi, abemeye nabo bahawe inkoho zo guhiga abo bahoranye. Izina rya Ezéchiel Nibigira ryaranavuzwe muri dosiye y'urupfu rwa Ernest Manirumva, hari imodoka zo muri douane (yatwarwa na Nibigira) zarakoreshejwe mw'igandagurwa rya Manirumva. Vénérande Nahimana yaravuzwe mw'inyuruzwa n'iburwa irengero ry'umwogeme Corinne Nizigama muri nzero 2024. Vénérande Nahimana ntiyigeze abazwa n'ubutungane, none ubu agiye kuba umushingamateka. 🔴 Hari n'abavuzwe mu vyaha bikomeye vy'ubutunzi... Côme Manirakiza niwe abitse ibanga ry'abivye imiliyaridi 54 zari kwubaka urugomero rwa Mpanda. Prezida Ndayishimiye niwe yashize ahabona iyo dosiye muri gitugutu 2021, aranemera ko mu ndwi zibiri abakoze iryo bara bazokurikiranwa. Vyahereye aho nyene, nta n'umwe yakurikiranywe. Côme Manirakiza yari umushikiranganji ajejwe ubutare n'amasoko ntanganguvu mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza, aho ayo mafaranga yibwa. Ntarigera abazwa uko vyagenze. Jean Ciza nawe yagirizwa kwica ubutunzi bw'Uburundi. Mu gihe yari arongoye BRB niho Nkurunziza yafyatuza amamiliyaridi y'amafaranga aca ayagaburira bamwe mu ba jenerali bamufasha guhonyora abarundi. Ivyo bifaranga bitagira uko bingana biri mu vyatumye ifaranga ry'Uburundi rita agaciro. Ni vya bifaranga Prezida Ndayishimiye yashaka kugira ibipapauro ariko arananirwa ! Jean Ciza arazi abantu bose bagiye barahabwa ico bise "refinancement" ariko vyose bihinduka ubundi busuma bukomeye. Ikiringo ciwe cabayemwo amafuti menshi Abarundi bazishura igihe kirekire. None ubu niwe agiye gucungera ingene Leta ikora ! Visenti Ndagijimana yagiye aravugwa muvyo kwiba ubutare mu ntara ya Kayanza, ubu nawe nyene arinjiye mu Nama Nshingamateka. Uyu avugwa ko akoresha amafaranga akura mu butare akagura abategetsi bose mu Kayanza ku buryo atawashobora kumwitwarira, nkuko nawe yapfungisha uwo ashatse wese. Vincent Ndagijimana avugwa ko atigeze ahonyora mw'ishure, ko yoba atazi no gusoma izina ryiwe. Ubu niwe agiye kutwigira amategeko ! 🔴 Musaza wa Angeline Ndayishimiye arinjiye mu Nama Nshingamateka ! Umwe mu bashingamateka bazoba badasanzwe ni Valence Kaneza, musaza wa Angeline Ndayishimiye. Uyu abamuzi bavuga ko amaze igihe gito arangije amashure yiwe kuri ECOTEC i Bujumbura. Muvyo yakora, avugwa ko afise ikirabo yakurikirana muri quartier Mirango mu Kamenge. Aravugwa kandi ko yari afise ububasha bwo kwinjiza mu gihugu inzoga za Heineken zirezire be n'inzoga y'abashinwa bita Tsingtao. Bamwe mu badandaza izo nzoga bavuga ko zoba zinjira mu gihugu ata kori zirishe. Valence Kaneza yavutse mu 1992, agiye kuba ijisho rikomeye rya Angeline Ndayishimiye mu Nama Nshingamateka. 🔴 Ntitworangiza tutavuze kuri Louis Kamwenubusa nawe nyene agiye kwinjira mu Nama Nshingamateka. Uyu yari mu batanguje Radio RPA hamwe na Alexis Sinduhije, ni umwe mu bamenyeshamakuru bakomeye. Mu nyuma yaherewe n'iperereza kugira asambure RPA, vyanse aca aja kuba mu ndongozi za Radio Rema FM, maze yinjira mu makuru y'irementanya. Louis Kamwenubusa azwi nk'umwe mu bagumye bakoreshwa n'iperereza mu bikorwa vyo kugwanya no kuneka abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa CNDD-FDD. 🔴 Koko bano bantu nibo bagiye guserukira inyungu z'umunyagihugu ? Twizere ko uwahora anyuruza Abarundi yoba ariwe agiye kuvugira inzirakarengane n'impahazwa ? Twizere ko uwariye imiliyaridi 54 zo kwubaka urugomero rwa Mpanda ariwe azovugira abiyunguruza n'amaguru kubera kubura igitoro ? Twizere ko uwafyatuye amamiliyaridi ibihumbi vyo kugura ba jenerali ariwe azogwanya ubusuma muri Leta ? Twizere ko uwarementanirije abatavuga rumwe n'ubutegetsi ariwe azohindukira akavugira impunzi z'abarundi ngo zitahe ? Twizere ko abagiye barazezwa Imbonerakure aribo bazorondera amategeko yubahiriza abari mu migambwe yose ? Twizere ko abagize conseil des Sages ya CNDD-FDD n'abo secrétaires nationaux ba CNDD-FDD aribo bazotegura amategeko meza agenga amatora azokurikira ? Twizere ko Valence Kaneza ariwe azogira mushikiwe ati : "oya mama gezaho, urarengeje urugero, ihanure !"

https://x.com/FOCODE_/status/1934867277515555246?t=cfPMJXVlSUU25Gvx1PAArw&s=19 Burundi : selon une source relayée par Pacifique Nininahazwe sur sa page facebook, le CNDD-FDD préparerait une célébration religieuse pour légitimer une victoire électorale controversée #FocodeMagazine| 17 juin 2025 Au Burundi, les lendemains du scrutin du 5 juin continuent de susciter des tensions. Tandis que les résultats provisoires créditent le CNDD-FDD d'une victoire écrasante, des voix s’élèvent pour dénoncer un processus marqué par des irrégularités. L’activiste burundais Pacifique Nininahazwe, a publié le mardi 17 juin 2025 matin, un message sur sa page Facebook dans lequel il relaie les propos d’une source interne au CNDD-FDD, dévoilant ce qui serait en cours au sein du parti présidentiel. 🔴Trois jours de célébration religieuse à Gitega D’après cette source, le CNDD-FDD prévoirait d’organiser un rassemblement religieux de trois jours à Gitega, du jeudi 19 au samedi 21 juin 2025. Officiellement, il s’agirait d’un moment de prière et de « remerciement à Dieu » pour la victoire du parti. Mais pour Pacifique Nininahazwe, ce geste serait avant tout symbolique et viserait à conférer une légitimité spirituelle à une victoire obtenue dans des conditions discutables. « C’est un camouflage d’une fraude électorale sous un vernis religieux », écrit-il. Il cite notamment des cas de votes contraints, d’électeurs remplacés, de bourrages d’urnes et de bulletins pré-remplis, qui auraient entaché le scrutin dans plusieurs localités. Il s’interroge dès lors sur l’usage du religieux par le parti au pouvoir : « Quand des fraudeurs remercient Dieu, la question n’est pas de savoir s’ils croient, mais à quel dieu ils croient. » 🔴Des sanctions internes contre Nestor Girukwishaka ? Toujours selon la source citée, Nestor Girukwishaka, Président du nouvelle aile du parti CNL , ferait l’objet de sanctions imminentes. Il lui serait reproché d’avoir pris ses distances avec la ligne du parti présidentiel au moment du scrutin, malgré avoir initialement reçu un « briefing » en amont. Il se serait montré critique, notamment sur la manière dont les consignes électorales auraient été appliquées. Selon les termes de la source, le parti envisagerait des mesures punitives de nature économique, en s’attaquant à ses biens et à ses ressources financières, que le CNDD-FDD « connaît très bien », peut-on lire. Cette situation rappelle, selon Nininahazwe, celle d’un autre cadre, Pasteur Habimana, qui aurait été rétrogradé après avoir adopté une position jugée dissidente, se retrouvant contraint de « se déplacer en transport en commun » en guise d’humiliation. 🔴Des partis récompensés pour leur silence ? Le message publié par l’activiste évoque également la posture de certaines formations politiques d’opposition, qui auraient modifié leurs déclarations initiales en affirmant que les élections s’étaient bien déroulées. En contrepartie, ces partis recevraient chacun deux postes symboliques, qualifiés en kirundi de “ibiti bibiri”. Nininahazwe ne cite pas les noms de ces partis, mais affirme qu’il s’agirait d’une forme de transaction politique pour acheter leur silence. 🔴UPRONA : un recours et des négociations en coulisses Concernant le parti UPRONA, longtemps considéré comme une formation d’appoint du pouvoir, la même source indique qu’il aurait saisi la Cour constitutionnelle pour contester les résultats. Des tractations seraient actuellement en cours, et des concessions pourraient être envisagées : ce qui est probable est l’attribution d’un ou deux sièges supplémentaires à l’Assemblée nationale, voire d'autres formes de compensation. 🔴Une prise de parole présidentielle jugée révélatrice Ces révélations font écho aux propos tenus par le président Evariste Ndayishimiye samedi 14 juin, devant la presse où il appelait les candidats contestant les résultats à lui écrire personnellement, afin de lui transmettre les preuves de fraudes présumées. Il s’engageait à diligenter des enquêtes et à confier « d’autres responsabilités » à ceux qui n’auraient pas été élus. Pour Pacifique Nininahazwe, cette déclaration confirme le manque d’indépendance de la Commission électorale nationale indépendante (CENI), soulignant que la loi n’autorise pas les recours électoraux auprès du chef de l’État. Il rappelle en outre qu’avant même la publication officielle des résultats, le secrétaire général du CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo, avait tenu une conférence de presse dans laquelle il proclamait déjà la victoire du parti avec plus de 90 % des voix, allant jusqu’à annoncer les chiffres par province. « Il apparaît clairement que les décisions se prennent au sommet du parti, et que la CENI ne fait que signer », conclut-il. #FocodeMagazine| Gordien Niyungeko

https://www.facebook.com/share/p/16TFpDHNAv/ André Bizoza, Florence Rutamucero na Elvis Nshimirimana barahejeje kurekurwa kuri uno mugoroba isaha zibiri

https://www.facebook.com/share/v/195faXn4wy/ 🔴 "Abaperezida babaye benshi." Mwumve ikibazo gihanze Martino Niteretse ! Umushikiranganji Martin Niteretse arababazwa cane no kubona mu Burundi hariho abantu benshi bitwa ba "Prezida". Martino Niteretse ntatahura ingene hariho umukuru w'ishirahamwe, umukuru w'umugambwe, Umukuru w'Inama Nshingamateka, Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, umukuru w'umurwi kanaka. Ku bwa Martino Niteretse, "prezida" canke "umukuru" akwiye kuba umwe rudende mu Burundi, abandi bagahabwa ayandi mazina. 🔴 Ingorane y'igifaransa ? Imwe mu ngorane Martino Niteretse afise ni ukuvanga indimi. Mu bisanzwe tuvuze umukuru w'umurwi kanaka nta kibazo biteye. Ijambo "Prezida" niryo ritera ikibazo Martin Niteretse. Prezida rivuye muri "Président", kumbure ivyo mu gifaransa Niteretse yumva bikaze cane. Mu kirundi tuvuze "umukuru w'umutumba", nta ngorane n'imwe biduteye, kandi ntitwoshobora kumwitiranya n'Umukuru w'igihugu. Ni nkuko ijambo "président" ata ngorane ritera abafaransa. Bavuze "président d'un club" ntaho bihuriye na "Président de la République". 🔴 Prezida aratandukanye n'Umwami ! Ingorane nyamukuru ya Martin Niteretse ni iyo gutandukanya Prezida n'Umwami. Umwami niwe yari igitangaza mu gihugu, ntiyavuka nk'abandi, yashirwaho n'Imana, yari nyenigihugu, ntiyangana n'abandi bantu, kuva akivuka ntiyari uwusanzwe, abamukokako ntibari basanzwe, Umwami yari umwe mu gihugu koko. Igihe abafaransa bikurako Umwami, bashinze ko Igihugu ari ic'abanyagihugu,nabo ko batora umwe muri bo akabarongora, kandi bakagumana ububasha bwo kumukurikirana no kumukura. Prezida ni umunyagihugu nk'abandi, gusa ahabwa iteka n'ibanga ryo guhagararira igihugu ca twese. 🔴 Ikiringo kiraheze, ni akanya ko kwisabira... Amajambo ya Martin Niteretse ajanye no kwikundwakaza no kwisabira. Ntazi iyo buca bamushira nihashingwa Leta nshasha. Bisa no kubwira Evariste Ndayishimiye ngo : "Prezida ntunte, jewe nemeza ko udasanzwe. Nivyakenerwa ko tugusenga, jewe nzobikora. Nzamamaza ko atawe mungana mw'isi y'abazima. Ndatakamvye ungumize hafi, ntaco ntazogukorera !" Ahubwo hako Martino Niteretse afuta ijambo risanzwe rikoreshwa na bose, narondere irindi rishasha twokwita Prezida Ndayishimiye, ku buryo azoba yisa. Nkurunziza yarangije yatoye kuba "Imboneza Yamaho", naho "kwamaho ari ukw'Imana gusa". Martino Niteretse nakoreshe ubwenge bwose afise aronke ipete ryoza risumba "Imboneza Yamaho", maze aritoze muri ya Nama Nshingamateka izoba igizwe na ba Shabani Nimubona canke Visenti Ndagijimana atazi no gusoma izina ryiwe. Maze nihagira uwuvyanka, batume Shabani amushire aho yashize indiri z'abandi Barundi... ----------------------------- 🔴 Musomyi, hari iciyumviro woterera Martino Niteretse kw'izina ry'ubukuru boha Evariste Ndayishimiye, maze akaba umwe rudende atawe basa, aho kumwita Prezida ? 📸 Ireresi ya Iris News.

https://x.com/FOCODE_/status/1935357084205281321?t=48ytM1CZm8Gb5iXUBxBUMQ&s=19 Burundi : à Bruxelles, l’EurAc alerte sur un processus électoral verrouillé et appelle à une action forte de l’Union européenne Bruxelles, 18 juin 2025 – Le Réseau Europe-Afrique Centrale (EurAc) a présenté ce mercredi 17 juin son dernier rapport, « Sur la route des élections burundaises : entre bruits de bottes et effondrement économique », lors d’un panel à Bruxelles rassemblant différents acteurs burundais et partenaires européens. Le document dénonce un processus électoral sous haute tension, dans un climat de répression politique, d’insécurité croissante et de fermeture totale de l’espace civique. Fortuné Gaétan Zongo, Rapporteur spécial des Nations unies sur la situation des droits humains au Burundi, a appelé à la « reprise du processus électoral », soulignant l’absence de garanties fondamentales pour des élections libres et transparentes. Gordien Niyungeko, Secrétaire exécutif du FOCODE, a mis en lumière la répression des opposants , l'espace civique totalement verrouillé et l’impossibilité d’un débat politique pluraliste dans le pays. Pierre Claver Mbonimpa, président de l’APRODH, a déploré l’intensification des atteintes aux libertés fondamentales , les persécutions visant les défenseurs des droits humains et la situation préoccupante des refugiés en général et ceux en processus de demande d'asile en particulier . Nadine Nibigira, membre de la diaspora burundaise en Belgique, a rappelé les tensions sécuritaires internes et régionales, dans un contexte marqué par l’implication militaire du Burundi à l’Est de la RDC. Face à cette situation, EurAc appelle expressément au retrait total des troupes burundaises du territoire congolais, et invite l’Union européenne à conditionner tout engagement au Burundi au respect des droits humains, à la bonne gouvernance et à l’ouverture d’un dialogue politique inclusif. @EurAc_Net

https://www.facebook.com/share/p/1ZzymcpSCU/ 🔴 #IcoNabonye : "Ntugatinye ico wahamagariwe, ubuzima butangwa n'Imana". Kuri uno musi, ndakwije imyaka 49 y'amavuka. Kuva muri 2009, mbayeho nzi ko nshobora kwicwa buri musi, maze imyaka 16 hariho intwaro irondera kunyica. Nta buhinga budasanzwe nakoresheje kugira mbe nkiriho, Imana niyo yonyene yashimye ko mbandanya kubaho, kugeza ku musi yashinze ko nzotahirako. Kuri uno musi, ndipfuza kubasangiza bimwe mu bihe bitoroshe naciyemwo, mu ntumbero yo gutera intege uwundi wese yoba afise umuhamagaro wo gufasha abandi ariko agatinya kwicwa. Nkuko maze igihe ndabikora ku musi nk'uyu, ndaza kubasaba ko dufasha umuntu agowe. 🔴 Bimwe mu bihe nahatswe kwicwamwo Muri 2009, kubera nari Campagne Justice pour Ernest Manirumva, naramaze amezi abiri nkurikiranwa n'abakozi b'iperereza aho naca hose. Ico gihe nta n'ivyo namenye, nabibwiwe n'umwe mu bategetsi, inyuma y'umwaka bibaye. Muri munyonyo uwo mwaka nyene, ingingo yo kunyica yarafashwe, inyuma y'ijambo navugiye mu Kayanza, turiko dushingura Salvator Sabiriho yari yishwe n'abapolisi kw'itegeko rya buramatari Senel Nduwimana yashaka kumunyaga inzu. Imva yanje yari yamaze kwimbwa mu gashamba kari amaja inyuma ya Cathédrale Regina Mundi. Umukozi w'iperereza yarambwiye ngo aje kunyereka iyo mva, ndabitinya. Uyu mukozi w'iperereza yari yamburiye uko ivyo kunyica vyose vyapanzwe, nariboneye n'amaso yanje abari barungitswe gucunga aho naba mu Nyakabiga, ndanabacako baranyoberwa. Ico gihe, narahunze gato ikiringo c'ukwezi, ishirahamwe FORSC nari ndongoye rirafutwa n'umushikiranganji Edouard Nduwimana, ariko amakungu arashira igitsure kuri Leta, turasubira turemererwa gukora. Muri munyonyo 2013, umusi Général Bunyoni na Général Adolphe Nshimirimana bakurwa mu mabanga, harateguwe ko nicwa iryo joro nyene, hakoreshejwe abo bita ba Rukoti, bari gutera imihana twari tubangikanywe kw'i Jabe. Umwe mu bategetsi bateguye kunyica yaraburiye igihugu co hanze, kiraheza kiramburira. Uwo musi naraye nsohotse igihugu, maze ababanyi banje nabo baba barakize, kuko nabo nyene bari kuhasigara muri ico gitero. Mu ntango za 2015, hari igihugu nahatswe kwicirwamwo, Imana irakinga. Uko vyagenze, ntiharagera ko ndabivuga. Kuva ku wa 26.4.2015, itegeko ryo kumfata no kunyica ryaratanzwe, umugambi wavuga ko ari uguta ikiziga canje aho abari mu myiyerakano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza bari kubona neza ingene nishwe nabi. Hari umushikiranganji wa Nkurunziza yandungikiye ingene umugambi wose wari wubatse. Colonel Bertin Gahungu (yari DDI, ubu ni Général de brigade) yagendana umutahe wo kumfata. Ariko, mu gatondo ko ku wa 26.4.2015, mu gihe nariko mvugira muri RPA, yarahaje hanyuma aragenda, aza kugaruka ndahavuye. Kuva ubwo nta mutegetsi yigeze asubira kumbona. Muri rusama 2015, iperereza ryarakoresheje rwose umwe mu barongoye amashirahamwe ya société civile ngo arifashe gutora aho ndi. Ntaco atakoze. Kenshi yasaba amanama ngo duhure tuvugane aho imyiyerekano aho igeze, kandi we atayo yari ashigikiye. Twarihuriye, ndamwibonera arongoye umurongo w'abapolisi bari kumfatira ku ngoro ya FRODEBU-Nyakuri, ahari hatumweko inama y'indongozi ziyamirije ikiringo ca gatatu. Naratevye gushika, inama barahava barayiheba, natebejwe na rya kete rya wa Mushikiranganji yariko aramburira. Uwo muntu twahuye ndi mu modoka, aranakebwa ko ari jewe ariko ntiyambona neza. Ivyo nabonye uwo musi ni agatangaza. Mu nyuma, yararungitswe hanze kundondera, abiwe baramburira. Ibanga ry'umusi nasohokeyeko Igihugu, ntiharagera ko ndarivuga. Nawo wari umusi utoroshe. Ngeze mu mahanga, haramaze kugeragezwa vyinshi vyo kunyaka ubuzima. Hari abahawe amasumu ngo banzanire, vuba narababwiye abarungitswe na Général Christophe Manirambona batazira Wakenya kundasa. N'ibindi ntodondagura ngo mpeze. 🔴 Ntutinye... Ntuze ukangwe n'abavuga ko bashoboye kukwica, uramenya kwiyubara gusa, hama Imana ikore igikorwa cayo. Ni kenshi natabawe n'abari bajejwe kunyica. Ico nico kintu nabonye gitangaje rwose. Mperutse kuronka intahe y'ingene Général Adolphe Nshimirimana yatutswe kenshi ngo ntivyumvikana ingene nkiri muzima kandi ariwe arongoye iperereza. Nshimirimana yabishura ngo barindire arabe igihe ciza. Gutyo mba ndaramvye. Umwe mu bari bakobeje kurondera ko mpfa, nanje namwishuye kumutabariza igihe urupfu rwiwe rwari rugeze. Aho ari aremeza uyu musi ko ubutumwa natanze bwamufashije cane. Naratabawe n'abakuru bari bajejwe iperereza mu bisata bitandukanye, naratabawe n'umushikiranganji yari muri Leta yashaka kunyica, naratabawe n'abarungitswe kunyica bakabesha ko bambuze kandi nari muhira, naranyegejwe n'abantu ataho twari tuzinanye, narakorewe ibitangaje vyinshi. Bamwe mu bafashe ingingo zo kunyica ubu baramaze gupfa, abandi barapfunzwe, hari n'abasigaye ari impunzi nkanje. Ndashimiye Imana yakoze ivyo vyose. Ndashimiye uwo wese, yaba uwo namenye canke uwo ntamenye, afise ico yakoze ngo mbe nkiriho uno musi. Imana imumpezagirire. Ndabona muri kino guhe abahawe igikorwa co kuntuka no kunyambika ibara. Abo nukuri ntaco bantwaye, nibabandanye umurimo wabo. Ico natahuye nuko birya nyene mubona bakora bizovyara ikindi ciza batashobora no kwibaza. Hari ababitumwe mu myaka iheze, ubu bahindutse abagenzi banje banamfasha gutabariza abandi. Mugenzi ufise umuhamagaro wo gutabara abandi, ndaguteye intege. Imisi yawe yo kubaho izwi n'Imana gusa. Iciza Imana yagushizemwo niyo nyene izogikingira, mu buryo udashobora kwibaza. Hari umuririmvyi nkunda avuga ngo : "Imana ikija kundema ntawo yabanje kubaza, yabikoze uko ubishaka, uko yari yaragambirije. Imisi yo kubaho kwawe Imana iyifise mu kiganza..." Humura nawe mugenzi, komeza ibanga ryawe, ntutirimutswe n'abaguca intege ! -------------------- 🔴 Dushigikire Béatrice Nduwimana Hari abantu nigiyeko umugenzo mwiza. Umusi w'ivuka ryanje (anniversaire) ndawuhimbaza mu kurondera imfashanyo y'umuntu agowe. Mugenzi, ukaba wumva womfasha guhimbaza uyu musi, nimba umbonye woshobora kungurira icupa, ndagusavye turihe Béatrice Nduwimana. Nduwimana Béatrice ni umuvyeyi w'imyaka 34, afise utwana dutatu areze wenyene. Yavukiye i Gitamo, komine Ruhororo, mu ntara ya Ngozi. Imbere y'uko agira isanganya, Béatrice Nduwimana yaba mu Gaharawe, zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura (rural). Muri myandagaro 2024, Béatrice yagize isanganya, agongwa n'ipikipiki, imuta ngaho yataye ubwenge. Kw'igenekerezo rya 14.8.2024, Béatrice yinjiye ibitaro, Hôpital Baho iri mu Kajaga (hafi ya Van Beach kwa Ndekatubane). Yarabazwe incuro zitatu. Kw'igenekerezo rya 18.9.2024 niho yandikiwe ko ashobora gusohoka ibitaro, abanje kuriha fagitire ya 13.287.500 Fbu (hafi imiliyoni 14). Ayo mafaranga ntayo yashobora kuronka, aca aguma mu bitaro. Ibintu vyarakomeye, n'abari bamurabiye abana barabazana kubamutera mu bitaro. Ariko ubu yarasubiriye kuronka umugiraneza aba arabaravye. Béatrice Nduwimana amaze amezi amezi icenda apfungiwe mu bitaro. Fagitire yagumye iduga, ubu igeze kuri 17.750.000 Fbu. Béatrice Nduwimana avuga ko abaja kumuraba bakamugirira akangongwe bamaze kumuterera imiliyoni zibiri. Aracekeneye imiliyoni 15. Azonakenera ingene abandanya kubaho. 🔴 Uwokenera gufasha Béatrice Nduwimana yoca hehe ? 1. Lumicash ya Béatrice Nduwimana : 68246037 (yanditswe ku muvyeyi wiwe Nzeyimana Sylvestre). 2. Code agent Lumicash : 100384 (Jackson Baramburiye). Compte COOPEC : 57050 (yanditswe kuri Nduwimana Béatrice). Abipfuza kuvugana n'uwutwara ibitaro Hôpital Baho mu ntumbero yo gufasha Béatrice Nduwimana, bonyandikira nkabaha WhatsApp yiwe. Abari hanze vyogora ingene bafasha Béatrice Nduwimana bonyandikira kuri WhatsApp +32465651905. Aborunkiga baciye kuri code agent, nabo nyene boza baramfotorera bakabindungikira kugira tubikurikirane neza, canke bagahamagara Béatrice Nduwimana. 🔴 Nuko bakunzi, mumfashe guhimbaza iyi sabukuru, mu gushigikira mushiki wacu atorohewe. Muri commentaires ndabasangiza amafoto y'uwo dufasha. Ababishoboye bonamusanga aho kuri Hôpital Baho bakamuremesha. Murakoze bavukanyi.

https://www.facebook.com/share/p/14H7GcAnawJ/ 🔴 CNDD-FDD yoba itegurira ibiharuro bikomeye Nestor Girukwishaka ? Hari indongozi muri CNDD-FDD yagumye idusangiza amakuru y'ibiriko birategurwa bijanye n'amatora, na canecane ibijanye n'ubusuma uwo mugambwe wateguye. Kugeza ubu ivyo yaduhaye vyabaye ukuri. Ejo yaraduhaye ubutumwa burimwo amakuru akurikira. 🔴 CNDD-FDD yimirije kubeshera Imana ko ariyo yayifashije KWIBA amatora ! Mu butumwa yaraye aduhaye yatumenyesheje ko CNDD-FDD iriko irategura igikorane co "gushimira Imana" kizobera i Gitega, kizomara imisi itatu kuva ku wakane gushika ku wagatandatu w'uku kwezi. Ni ukuvuga ko bwa busuma bw'akataraboneka, ba bantu bise bategekwa gutora inkona ku nguvu, abasanzwe baratorewe batabizi, abasanze Imbonerakure mu kazu k'ubwiherero, vya bikarata vyarundwa mu masandugu y'itora, za mbonerakure zisubiriza gutora incuro nyinshi, bwa bubeshi bwo gusoma amakarata yose ngo ni CNDD-FDD, n'ibindi vyose vy'akamaramaza, ubu vyose bigiye kwitirirwa "Imana" ! Ni akambaro k'ibara. 🔴Hariko harategurwa ibihano bikomeye kuri Nestor Girukwishaka. Mu majambo yiwe, uwaduhaye amakuru yanditse ati : "Nestor Girukwishaka, nk'uko mwabivuze, agiye kuja mu bihano. Kuberako yagiye mu matora yaronse briefing, agezeyo, akihindukiza, yafatiwe ibihano mu buryo bwose, nk'uko Pasteur Habimana yafatiwe ibihano agasigara agendera muri bus. Ubutunzi bwose Nestor Girukwishaka afise CNDD-FDD irabuzi, none igiye kubumwaka." CNDD-FDD irashavuriye cane Nestor Girukwishaka kubona yaramuhaye umugambwe CNL, bagakorana ibijanye no kwigizayo Agathon Rwasa, ariko akaba ariwe afata iya mbere mu kwiyamiriza ubusuma bwaranze amatora aherutse. Mu bihano ategurirwa hoba harimwo kumukenesha bikomeye. 🔴 Hari imigambwe yemererwe ibiti bikeya kugira inume ! Uwaduhaye amakuru yatubwiye imigambwe ibiri yahindukije amatangazo yayo, ubu iriko ivuga ko amatora yagenze neza cane kubera ibiti bibiri nyene iyo migambwe yemerewe. Ntidushimye kwandika amazina y'iyo migambwe. 🔴 UPRONA bizogenda gute ? Mu majambo yiwe, uwaduhaye amakuru yanditse ati : "UPRONA yaramaze kwitwara, muri Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro. Ibiganiro vyo mw'ibanga biriko biraba. Igishoboka, ni kwongeramwo nk'umushingamateka umwe canke babiri ba UPRONA, canke UPRONA bakaraba ibindi biti bayiha." 🔴 Ubutumwa bw'uyu muntu burafise aho buhuriye n'ikiganiro Prezida Ndayishimiye yatanze ku wagatandatu (14.6.2025). Evariste Ndayishimiye yasavye abavuga ko bibwe mu matora ko bomwandikira bakamwereka aho ubusuma bwabereye, ngo azotuma anabitohoza... Yaremeye kandi ko abatatowe azobaha ayandi mabanga. Amategeko nta na hamwe avuga ko uwutemeye ivyashikirijwe na CENI yitwara ku mukuru w'igihugu. Iki ni ikimenyetso kitabesha ko CENI itagira ubwigenge na butoya. Tubibutse ko imisi ibiri imbere y'uko CENI itangaza ivyavuye mu matora, Reveriyano Ndikuriyo atwara CNDD-FDD nawe yari yamaze gukora ikiganiro atangaza intsinzi ya CNDD-FDD ku rugero rurenza 90%, akanavuga ivyavuye mu ntara zimwezimwe. Hano birumvikana abafata ingingo abaribo, Prosper Ntahorwamiye agasinya gusa ! 🔴 Nuko, iyo ibisuma bivuye kwiba, biricara hamwe, ukumva bishima "Imana" ngo yabifashije... Ikibazo ni ukumenya "imana" ibisuma bivuga iyariyo !

https://x.com/FOCODE_/status/1934680883551981661?t=0dCClY_wpWjaMXXg8ajGoA&s=19 André Bizoza, Florence Rutamucero et Elvis Nshimirimana viennent d'être libérés vers 20h de ce lundi 16 juin 2025.