
FOCODE Magazine
February 16, 2025 at 06:22 AM
Ekleziya Katolika y'Uburundi yaraye yungutse abepiskopi babiri.
Papa Francisko aherutse kugena Musenyeri Emmanuel Ntakarutimana ngo arongore Diyoseze ya Bubanza. Yarongeye agena Musenyeri Léonidas Nitereka ngo arongore Diyoseze ya Rutana.
Uwo nzi cane muri bano basenyeri bashasha ni Musenyeri Emmanuel Ntakarutimana. Abarundi benshi baramwibuka nk'uwarongoye ubwambere umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH. Umwanya yatwaye uyo murwi, CNIDH yari yizewe cane, ihinduka ubuhungiro bw'abahamwa. Musenyeri Emmanuel Ntakarutimana ni umwe mu ncabwenge zikomeye Uburundi bwacu bwibarutse. Ni umugabo yamye yanka akarenganyo, akunda ubutungane, akunda ukuri. Kuba Uburundi bumufise ni iteka, ni umugisha.
Ndizeye ko na Musenyeri Léonidas Nitereka azoba umugisha kubo ajejwe, no ku gihugu cacu.
Ndakeje bano basenyeri bashasha, ndakeje Diyoseze za Bubanza na Rutana zironkejwe abungere, ndakeje Ekleziya Katolika yose mu Burundi.
Namwe mwese mukurikira runo rubuga, ndabipfurije Umusi mwiza wo guhimbaza Imana.
🙏
👍
❤️
10