
FOCODE Magazine
February 16, 2025 at 12:26 PM
Turahojeje umuryango w'umusirikare Boniface Havyarimana, aherutse guhitanwa n'intambara ziri muri RDC.
Iyi ndwi turiko turarangiza yabaye mbi cane ku basoda b'Uburundi bari kugwana na M23 muri Sud-Kivu. Mu mwanya wa mbere, abasoda b'Uburundi barashoboye gusubiza inyuma igitero ca M23 muri Territoire ya Kalehe. Mu nyuma M23 yagarutse n'inguvu zidasanzwe, abasoda b'Uburundi barata barahunga, bamwe baricwa, haba abafatwa mpiri, hari n'abataratorana na bagenzi babo. Abasoda baravuga amagorwa bahaboneye : kubura amasase, kubura imfungurwa, gutanwa urugamba na bene igihugu, gupfira mu ntambara batumva. Tuzobasangiza intahe zabo.
Mu baguye muri iyi ntambara harimwo umusirikare Boniface Havyarimana, avuka ku mutumba wa Gikuzi, komine Vugizo, mu ntara ya Makamba. Boniface yari yubatse, asize utwana tukiri duto cane, gakuru kiga mu mwaka wambere. Umuryango wa Boniface Havyarimana wari ukiri mu gahinda ko kuba waburiye mu ntambara za RDC uwundi musirikare yitwa Fiston Muheto. Haraciye ukwezi Muheto apfuye ariko kugeza ubu nta kiziga umuryango uraronka. None hongeyeko kubura Boniface Havyarimana.
Turahojeje umuryango w'umuhisi Boniface Havyarimana. Imana iwube hafi muri bino bihe bitoroshe.
😢
1