FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
February 16, 2025 at 06:37 PM
https://www.facebook.com/share/p/18EFAgrFZ2/ 🔴 Komine Buganda : Urupfu rw'imbonerakure MAROBE ! Urupfu rwama rubabaje. Umugabo agiye, asiga amarira mu muryango. Asiga umupfakazi n'impfuvyi. Ariko haraho bishika umuntu agapfa, ukumva mu kibano bariruhutsa. Bikunda gushika ku bantu bazwi mu mabi yo guhohotera kiremwa muntu. Ivyo nivyo vyashitse ku musi wakabiri w'ino ndwi turiko turarangiza, hariya muri komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke. Hari benshi biruhukije bumvise urupfu rw'imbonerakure Jean Nsabimana batazira #marobe. 🔴 MAROBE ni nde ? Jean Nsabimana batazira MAROBE avuka mu ntara ya Cibitoke, komine Buganda, zone Gasenyi, ibarabara rya gatatu. Akiri muto, yinjiye ikiroberi ca CNDD-FDD, mu nyuma yinjira igisirikare c'Uburundi. Muri 2007, MAROBE yabaye mu basoda bambere n'Uburundi barungitswe muri Somalia. Ari mu basirikare bahavuye bagumuka muri Somalia muri 2008, bavuga ko bibwa amafaranga yabo. Muri 2009, MAROBE yaratahukanywe mu Burundi, aca arirukanwa mu gisoda. Aho aviriye mu gisirikare, Jean Nsabimana batazira MAROBE yaciye aja gukorera mu mbonerakure zo muri komine Buganda. Hari n'abavuga ko yakorana n'iperereza. Aho niho yerekaniye aho ikibi ciwe kigera. MAROBE yavugwa mu busuma, mu bwicanyi, mu kunyuruza abantu bakaburwa irengero, muvyo gufata abakenyezi ku nguvu. Abanyabuganda benshi baratwandikiye bavuga ko biruhukije bumvise apfuye. 🔴 MAROBE yamenyekanye cane mu mpera za 2014. Muri kigarama 2014, hari umurwi w'abaroberi wateye muri komine Murwi, mu ntara ya Cibitoke. Bavugwa ko boba bari aba Red-Tabara. Intambara yamaze akanya gato, abagwanyi benshi barafatwa, abandi barishikana. Ivyo MAROBE yabakoreye vyabaye amarorerwa. Umwe mu bavyiboneye, yanditse ati : "Marobe ni imbonerakure yaranzwe n'ibibi vyinshi, canecane mu kwica no guhohotera abo bitavurwa rumwe. Marobe akubwiye ngo ndakwica, warara ntibuca uzi neza ko umwanya n'umwanya aza kukwica. Mu mpera za 2014: ubwo bavuga ngo hari abaroberi baciye ku Ruhagarika bakaza kurasanira n'ingabo z'Uburundi aho bita I Ngoma muri commune Murwi, uwo MAROBE nawe yari yagiyeyo kubarwanya. Ikibi yakoze uwo musi, ndakeka abo vyaciye mu maso n'ubu baracarwaye ihahamuka. Ico gihe umuroberi yishukanye, yarafatwa bakamushira ku ruhande. Uwo MAROBE yaca agenda akabaryamika bagaramye, akaza arakerera umwumwe, nka kurya bakerera impene. Ivyo yabikoreye imbere y'abanyagihugu bose. Abana bari ngaho bararwaye ihahamuka, ndetse n'abakuze vyarabahahamuye. Guhera uwo musi izina MAROBE ryari izina ritinyitse. Kuva ubwo, MAROBE yakora ico ashatse cose, naho yagutwara ivyawe, watekereza, kubera ukuntu yari atinyitse. Igihe biba, jewe nari umunyeshure. MAROBE aguciye iruhande, wahunga kubera ubwoba. Yarigeze no guhagarika Sinduhije agiye kugirisha inama y'umugambwe mu Cibitoke, amuhagarukira i Buganda, aramubuza kubandanya. Marobe cari igihangange." 🔴 Intahe y'umukenyezi wo muri komine Buganda Umukenyezi yabonye aho twariko tubaza ko hari uwoba azi Marobe, yatwishuye ati : "Huuuu Maroba yopfa bigenze gute ? Uyo ndibaza na Buramatari ntaco yamuvugana. Abantu bose bamutinya nk'urupfu, yari umwicanyi wo ku rwego rwo hejuru. Abagore n'abakobwa bo ryari ibara. Hagize icakubaza ukamwankira, yaruhira kubikora, utomboje nabi yagirako akwica !! Imana yankuye mu Cibitoke amahoro yarakoze, iragahoraho. (...) Mumbabarire nanditse menshi atari meza, ariko nuko nzi ikibi ciwe, nkuwo jewe nabona ko ari shetani yigendera." 🔴 Mu mbonerakure bo bavuga ko babuze "INGABO" ikomeye Urupfu rwa Jean Nsabimana batazira MAROBE rwabaye mu buryo butangaje. Benshi batwandikiye ko yasohotse hanze mw'ijoro ryo kuwakabiri uheze, afatwa bukumbi, yikubita hasi atangura kuva amaraso mu kanwa no mu zuru, ahava aracikana. Hari umwe yanditse ko yabanje kugwara gato. Ariko abatwandikiye bose bavuga ngo yishwe n'ibirozi. Hari n'uwatomoye rwose, agira ati : "Bavuga ko yishwe n'uburozi bivuye ku muntu yanyaze amabido 2 y'ibitoro, jama amubwra ko kugira azimusubize yomuha 200.000 FBU. Niho nyene umuzigo yagenda kuyazana, ayamuhaye aca abimurya vyose, yaba amahera yaba n'ibitoro. Niko guca nawe yaca arondera kumwihora, aja kumurogesha muri Congo." Ibi ni ibintu bigoye kwemeza. Hari abantu benshi bapfa mu Burundi hakavugwa ibirozi ata n'umwe abanje no gupima. Birashoboka ko yoba yaragize AVC ikaze. Ariko n'ivyo vy'uburozi bisigaye bivugwa cane, kugeza no mu bakuru bo hejuru. 🔴 Naho abandi benshi batwandikiye bavuga ko biruhukije kubera hapfuye umunyakibi akomeye, imbonerakure zo zatwandikiye ko zibuze INGABO ikomeye cane. Umwe muri bo yanditse ati : "Muri Buganda turabuze INGABO yahora ituremesha. Maroba agiye mu gihe kibi yashobora gukenerwa. Turababaye kubona uyu nawe apfuye mu gihe tutazi n'amakuru ya SG Reveriyano Ndikuriyo". Urubanza rwa Marobe ntirukiri urw'abantu. Imana niyo yonyene izi uko izomugenza. Ariko dukwiriye kwama twibuka ko kuri ino si twese turi ingenzi. Uwovyokundira yobana n'abandi amahoro. Kuko impera n'imperuka tweze turapfa. Twogerageza gusiga izina ryiza.
❤️ 👍 😢 🙏 😭 9

Comments