FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
February 17, 2025 at 05:18 AM
#impahazwa 🔴 Ubutumwa ku mukuru wa CNIDH : Tabara Colonel Muporo ! Nyakubahwa Murongoye CNIDH, Ikibazo ca Colonel Léonidas Hatungimana batazira Muporo si gishasha kuri mwebwe. Murazi ko apfunzwe kuva muri nyakanga 2015, murazi ko yaciriwe urubanza ku vyaha yagirijwe, murazi ko yaciye mw'ibohero rikuru rya Gitega, none yari ageze mw'ibohero rikuru rya Mpimba. Murabizi ko muri gitugutu 2024, Muporo yasohowe mu Mpimba aca ajanwa mu gasho ku biro bikuru vy'iperereza i Bujumbura. Murabizi ko twabatabaje kenshi, hanyuma muri munyonyo 2024 murajana n'umuryango kuraba Muporo aho apfungiwe mw'iperereza. Ico gihe mwagize neza kubera mwashoboye guhumuriza umuryango wiwe. Mu ndwi iheze, twararonse amakuru ko Muporo yasohowe mw'iperereza. Ariko nta kimenyetso na kimwe cerekana iyo yoba yarajanywe. Abaryango ba Colonel Léonidas Hatungimana batazira Muporo buzuye ubwoba. Ntibazi uwabo iyo yoba ageze. Amakuru nk'aya aratera ubwoba kuko ashobora kuvamwo inyuruzwa ry'umuntu. Turabasavye, nkuko mwabukoze muri munyonyo 2024, musubire mwigore, kanatsinda biri muvyo mujejwe, mushike mw'iperereza mubaze iyo bapfungiye Muporo. Bizoba vyiza cane hamwe mwosubira mukajana umuryango bakabonana. Turabasavye, mubaze kandi, impamvu iperereza risohora umuntu yamaze kugera mu minwe y'ubutungane, rikamusubiza mu gasho k'iperereza. Ni irihe tegeko ry'Uburundi ryoba riha ububasha OPJ rwo gusubira gusambisha abantu bamaze gushika muri parquet, eka mbere abamaze kuja mu minwe y'umucamanza ? SNR ikura hehe ububasha bwo gupfunga umuntu amezi ane mu busho bwayo, ata parquet ivymeje, ata mucamanza avyemeje ? Turangije twizera ko kano kamo muzogakorerako, mugatabara uyu muryango urushe,nkuko amategeko abibarekurira. 🔴 Akamo ku maradiyo akorera mu Burundi : Isanganiro na Bonesha, be n'ikinyamakuru Iwacu. Niko turazi ko mukorera mu gihe kitoroshe. Ariko nawenu guhamagara umutegetsi, mukamubaza mutamututse, nawenu birashoboka. Ikibazo ca Colonel Muporo na mwebwe kirabafaba. Nimuhamagare CNIDH muyibaze uko kino kibazo cifashe kuko yaragiye kumuraba muri munyonyo 2024. Nimubaze Petero Nkurikiye ahora avuga ku bibazo vy'abapfungiwe mw'iperereza, mumubaza ikibazo ca Colonel Muporo, impamvu yakuwe mu Mpimba akajanwa mw'iperereza kandi yari yaramaze gucibwa urubanza, iyo bakuye ububasha bwo kumupfunga amezi ane mu gasho k'iperereza, impamvu umuryango wiwe utarekuriwe kumugendera, hamwe n'ikibanza arimwo muri kino gihe. Na mwebwe ataco mukoze, muzoba mubaye "complices" b'icaha gikomeye kiriko kirakorerwa umunyagihugu kandi mubizi. Pacifique Nininahazwe, FOCODE, 17.02.2025
🎉 🙏 2

Comments