FOCODE Magazine
February 17, 2025 at 07:50 AM
🔴 Urabanza rw'akamaramaza : Muganga Christophe Sahabo yaciriwe gupfungwa imyaka 20 no kunyagwa amatungo yiwe !
Ku wagatanu uheze (14.02.2025), Sentare nkuru ya Muha yaraciye urubanza rwa Muganga Christophe Sahabo agira akwize imyaka itatu mu munyororo w'akarenganyo.
Sentare yamushizeko icaha yise "Faux et usage de faux" (gukoresha impapuro z'ububeshi). Ica imuhanisha ibi bikurikira :
1. Umunyororo w'imyaka 20.
Mu gihe icaha gisanzwe gihanishwa umunyororo w'imyaka itanu, Sentare yaciye imushirako ico caha incuro zine kugira imushireko umunyororo w'imyaka 20.
2. Ihadabu y'imiliyoni 7 z'amarundi (7.000.000 FBU)
3. Indishi:
A/ Imiliyoni 178 z'ama euros
B/ 8.600 y'amadolari y'abanyamerika
4. Gufata amatungo yiwe yose ari mu Burundi.
🔴 Kuzana imitahe mu Burundi bisa no kwishira umugozi mw'izosi.
Muganga Christophe Sahabo yarangije amashure yiwe yo kuvura amaso mu gihugu c'Ubuswisi, araheza agaruka gukorera mu gihugu ciwe. Mu nyuma, yarondeye abo bafatanya bo mu Buswisi, arondera abaganga b'abarundi, anatahuza amwe mu mashirahamwe ya Leta, maze batanguza ibitaro vy'akarorero mu karere,bavyita Kira Hospital. Igihe Prezida Nkurunziza yugurura ivyo bitaro muri ntwarante 2015, yarakeje bidasanzwe Muganga Christophe Sahabo ku karorero keza yatanze.
Ibitaro vyarateye imbere, abarwayi bo mu karere barabihurumbira, bitangura kwinjiza amafaranga mvamakungu.
Muri 2022, abatwara Uburundi bumvise ko ibitaro vyari bigiye kuronka amamiloyoni menshi y'amadolari avuye hanze, banikanga ko yamaze gushika, ivyago vya Muganga Christophe Sahabo vyari bitanguye. Muganga Sahabo yagize Imana igihe iperereza ryaza kumunyuruza ku wa 30.3.2022, ryasanze ari kumwe n'umuzungu. Ubundi hariho umugambi wo kumunyuruza burundu, nkuko bimaze gukorerwa abarwizatunga batari bake, nka Honorable Oscar Ntasano muri ndamukiza 2017, Evariste Nyandwi batazira Matwi muri kigarama 2016, tutibagiye igandagurwa ry'umuvunjayi rurangiranwa Jackson Simbananiye batazira Kirahwata muri rusama 2020.
Muganga Christophe Sahabo ntiyabaye acicwa. Igikorwa gihambaye cabaye ico kurementanya ivyaha bomushirako kugira bamunyage Kira Hospital. Vyatwaye imyaka irenga ibiri kugira baronke ivyo bapfundikanya. Aho ntitwibagiye iterabwoba ryakorewe umushingwamanza wiwe Me Sandra Ndayizeye, kugeza naho abanza gupfungwa, hanyuma agategekwa guheba kumuburanira.
Uru si urubanza, aka ni akamaramaza. Biraboneka ko ari intumbero yo kunyaga urukombamazi amatungo ya Muganga Christophe Sahabo. Ikibabaje kurusha ni ingene na vya bitaro vyateye bisubira inyuma kuva Muganga Christophe Sahabo afashwe agapfungwa.
Muganga Christophe Sahabo hasigaye ko yunguruza urubanza yaciriwe. Ariko na honyene, uwutegeka ni wawundi. Amatwi adusumira, inyuma y'amagorwa ya Muganga Christophe Sahabo, hari abakomeye cane, bo hejuru cane, mbere batatinye kwiyerekana mu bihe bimwe bimwe.
🔴 None twiteze gutera imbere gute mu gihugu gikora ibintu nk'ibi ? Ata butungane, nta terambere rishoboka. Ni bande bazozana imitahe y'ukuri mu gihugu amafaranga yabo n'ubuzima bwabo bidakingiwe ?
😢
🙏
😮
11