
FOCODE Magazine
February 17, 2025 at 10:04 AM
Turahojeje umuryango w''umusirikare Joachim Niyongabo, aherutse guhitanwa n'intambara ziri muri RDC.
Umusirikare Joachim Niyongabo avuka ku mutumba wa Nyakabanda, zone Kiguhu, komine Mpinga-Kayove, mu ntara ya Rutana. Yokwije imyaka 23 muri munyonyo 2025.
Uyu musirikare yaguye mu ntambara zabereye mu ndwi iheze muri territoire ya Kalehe, mu ntara ya Sud-Kivu, muri RDC. Joachim Niyongabo agiye akiri muto cane, yari akiri umusore.
Turahojeje umuryango w'umuhisi 2Classe Joachim Niyongabo. Imana iwube hafi muri bino bihe bitoroshe. Twipfurije uburuhukiro bwiza umuhisi.
🔴 Kugeza ubu ibitigiri vy'abasoda bahitanywe n'intambara yo mu ndwi iheze muri Sud-Kivu ntibiramenyekana, co kimwe N'abafashwe mpiri. Hari imiryango myinshi iguma ibaza ko ababo bakiriho, ariko bakabura uwubaha inyishu.
😢
👍
😭
4