
FOCODE Magazine
February 17, 2025 at 07:31 PM
https://www.facebook.com/share/1Bh8HbGaKU/
🔴 #impahazwa Yvan Irakoze ariko azira iki ? Inyuma y'imyaka itatu mu Mpimba, yasubijwe mw'iperereza !
Yvan Irakoze ni umusore yavukiye mu Nyakabiga (Bujumbura) mu 1993. Nk'abandi batari bake mu rwaruka, Yvan Irakoze yarahunze igihugu muri 2015, aca aja kuba mu Buganda. Muri 2022 niho yibaza ko yohunguka, na rirya twari dufise Umukuru w'igihugu mushasha ahimiriza impunzi guhunguka zikagaruka kwubaka igihugu.
Yvan Irakoze yasanze bitoroshe kuronka akazi, arahava yiyumvira gusubira mu Buganda kugira aronke ico akora. Ntivyamworoheye. Ageze ku rubibe mu Kirundo, yaciye afatwa n'iperereza, mu nyuma ahava ajanwa mu Mpimba i Bujumbura. Ubu yagira akwize imyaka itatu mu munyororo.
Ku wagatandatu uheze (15.02.2025), Yvan Irakoze yarasohowe ibohero rikuru rya Mpimba, asubizwa mu gasho mw'iperereza. Ibi ni ibintu biteye amakenga cane.
Mu mategeko, bino bintu ntibirekuwe. Umuntu yamaze gushika mu minwe ya Parquet canke y'ubucamanza, ntashobora gusubira mu gipolisi kwa OPJ. Benshi mu basubizwa mw'iperereza, baragirirwa nabi, ugasanga baranamazeyo imyaka, imiryango idafise uburenganzira bwo kubabona. Hari n'abo bishika bakaburwa irengero ryabo.
Abaryango ba Yvan Irakoze barahangayitse. Ntibazi ico umwana wabo ariko arazira. Turasavye umurwi CNIDH ukurikirane kino kibazo. Turasavye Général-Major Ildephonse Habarurema arongoye iperereza (SNR) ko yohagarika iyi ngendo aharaye, inyuranye n'amategeko. Turasavye Umushikiranganji w'ubutungane, Domine Banyankimbona, ko yohagarika bino bintu, akubahiriza uburenganzira bw'abanyororo.
🔴 Turasavye ko ubuzima bwa Yvan Irakoze bukingirwa, kandi ko uburenganzira bwiwe bwose bwubahirizwa, hisunzwe amategeko.
Pacifique Nininahazwe, FOCODE, 17.02.2025
😢
🙏
🇧🇮
6