FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
February 18, 2025 at 06:14 AM
Sentare Ntahinyuzwa yaraye yanse ko Général Bunyoni arekurwa vy'agateganyo ! Mu ntahe y'icese yo ku wagatanu uheze (14.02.2025), Général Alain Guillaume Bunyoni yari yasavye Sentare Ntahinyuzwa, mu gisata cayo ca Gasamburamanza, ko yorekurwa vy'agateganyo kubera amagara yiwe abangamiwe. Bunyoni yavuga ko agwaye diabète (de type 2) igeze kure, yavuga ko imiti ataco ikimufasha kinini, yanavuga ko abayeho yugaranywe agasohorwa iminota 30 gusa, naho nyene kabiri mu ndwi. Bunyoni yavuga ko atinya ko azohava apfira aho mu munyororo. Sentare yari yamwemereye kumwishura mu masaha 48. Nivyo vyakozwe ejo haheze. Sentare Ntahinyuzwa yashinze ko igisabo ca Bunyoni ata shingiro gifise. Général Bunyoni azobandanya gupfungwa. Ubu hasigaye ko Sentare Ntahinyuzwa yishura igisabo ca kabiri : Bunyoni yasavye ko urubanza rwiwe rusubirwamwo. Aho azishurwa mu misi 60, uhereye ku musi yabisabiyeko.

Comments