
FOCODE Magazine
February 18, 2025 at 08:02 AM
🔴 Imiryango myinshi y'abasirikare irabaza ababo ko bakiri bazima.
Intambara yo mu ndwi iheze muri Sud-Kivu, canecane muri Territoire ya Kalehe, yarahitanye abasirikare b'Uburundi batari bake, abandi barafatwa mpiri, hari n'abandi bakiyerera mu mashamba kugeza ubu batazwi amakuru yabo. Ibibabaje gusumba nuko, mu gihe co guhunga, hari ibiziga vyinshi vy'abasoda vyatawe aho bagwaniye. Niyo mpamvu hari imiryango myinshi itwandikira isaba ko twoyifasha kubaza amakuru y'ababo. Benshi muri iyo miryango bararonse urukurukuru ko ababo bapfuye, ariko nta nkuru ntabandauka bafise.
🔴 Imiryango y'aba basoda irasaba abogira agakuru kabo kubafasha kukamenya :
1. Umusirikare Michel Ndayiragije avuka ku mutumba wa Mirinzi muri komine n'intara ya Muramvya.
2. Caporal-chef Jean-Claude Karwiza, avuka ku mutumba Nyamagandika. Komine Makebuko, mu ntara ya Gitega.
3. Umusirikare Phocas Ndayishimiye
4. Umusirikare Jurdas Irangabiye, avuka ku mutumba wa Nyange, komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi.
5. Umusirikare Oscar Shemezimana, avuka ku mutumba Nyarurambi, komine Gatara, intara ya Kayanza.
6. Umusirikare Charles Nkeshimana batazira Kagabo, avuka ku mutumba Bihanga, komine Matana, intara ya Bururi.
7. Umusirikare Claude Ntirenganya, avuka muri komine Gitobe, mu ntara ya Kirundo.
8. Umusirikare Viateur Ruberintwari, avuka ku mutumba wa Burambana, komine n'intara ya Muramvya.
9. Umusirikare Onesime Nahimana, avuka ku mutumba wa Rusagara, komine Kigamba, intara ya Cankuzo.
Naho imiryango yabo yaronse amakuru avuga ko bapfuye, ntidushobora kuvyemeza hano. Aboba bafise amakuru akwiye, boyadusangiza, tukayashikiriza imiryango yadutumye kubaza.
🔴 AMAGORWA Y'ABASODA B'UBURUNDI !
Kuva ikibuga c'indege ca Kavumu gafashwe na M23 ku wagatanu uheze (14.02.2025), hagakurikira igisagara ca Bukavu, abasoda b'Uburundi bariko baraca mu bihe bigoye cane. Uretse ivy'abapfuye n'abafashwe mpiri, abandi bamaze iyi misi yose mu nzira bagana Uburundi. Abitwa ko bageze kure, ejo ku mugoroba bariko begereza Kamanyola, hafi y'urubibe rw'Uburundi. Hari abandi bavuga ko batakaye batazi iyo bageze. Bose baravuga ko bafise inzara idasanzwe. Haravugwa ko hoba hariho bataillons zibiri zoba zifise ikibazo c'aho baca kubera ari ibibanza biri mu minwe ya M23.
Mu gihe ibintu vyoguma bimeze gutya, hari ikibazo gishobora kwaduka ca bataillons zibiri ziri muri Hauts Plateaux kugwana na Red-Tabara be na FNL ya Nzabampema. Izi ziri mu zishobora kugira ikibazo c'inzira.
Hari amakuru avuga ko abasoda b'Uburundi bahavuye banka kugwana bonyene kuva Kalehe ifashwe. Baravuze ko batabona ico bariko barapfira mu gihe abasoda ba RDC batari bakeneye kugwana, maze bahitamwo nabo guhunga. Ni gutyo igisagara guhambaye nka Bukavu cafashwe ata ngwano ibayeho.
Mu ntango z'indwi iheze, Musenyeri w'i Muyinga, Yohakimu Ntahondereye, yari yatanze impanuro ikomeye : yasaba abategetsi kuva mu ngwano bagashira imbere ibiganiro, yari yaberetse ko Bukavu na Uvira zigiye gufatwa na M23. Yanabaciriye akagani ati : "wanka kugarura impene ikiri hafi, yamara kurenga umurambi ukabira nkayo". Prezida Ndayishimiye we, aho kwumva akamo, yagiye mu Kirundo, guhaya ingene azogwana n'u Rwanda akarutsinda. None ca kibazo kiradutse. Hazohava hakenerwa ibiganiro kugira abasoda bose batahe amahoro, aho rero ntituvuze abafashwe batazwi igitigiri.
🔴 Hari ikindi kibabaje cane : ingene ibindi bihugu vyose vyaganiriye kugira bihabwe ibiziga vy'abasoda babo bagiye baragwa ku rugamba, maze bigatahanwa gushinguranwa ireka. Uburundi bwa Ndayishimiye ntibusubira gusaba ibiziga vy'abasirukare babwo, abafashwe nabo burabihakana ngo ni abaroberi canke abanyamahanga ! Ni akambaro k'ibara.
😢
2