
FOCODE Magazine
February 18, 2025 at 09:18 AM
🔴 Mbe umuntu yitwa Général Gasupari Baratuza ari hehe ?
Ku wa 16.01.2025 yatwagirije ko turiko turabesha abarundi, yavuze ko abasoda b'Uburundi bifashe neza ku rubuga rw'intambara. None yanyikiye hehe ko ataco ariko aravuga ?
N'ubu aracabesha ko abasoda bifashe neza ? Yoba yaramenye ko abasoda b'Uburundi bahisemwo kwihungira hako bahonera mu ntambara batumva ? Yoba yaramenye amagorwa abasoda barimwo ? Yoba yaragiye kuraba frigo zuzuye ibiziga muri Camp DCA Passive bita Guantanamo ? Yoba azi agahinda k'imiryango ? Yoba ataramaramazwa no kwita abasoda b'Uburundi bafashwe mpiri ngo ni abanyamahanga ?
Muri kano kanya havugwa abasoda bashobora kugira ibibazo mu guhunga, birakenewe ko igisoda kiva mu gacerere. Mbega bazobandanya intambara hamwe n'abasoda ba Tshisekedi canke urugendo rurangiriye hano ? Mbega Uburundi buzohava butanga ikibuga c'indege ca Bujumbura ngo gikoreshwe gutera uturere twa M23 canke Uburundi burasokoye mu bijanye n'ingwano ? Mbega amezi indwi abasoda baheraniwe, Tshisekedi azemera kuyariha ?
Inyishu irakenewe !
😂
🍠
👍
🙏
8