FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
February 18, 2025 at 11:50 AM
Général Elie Ndizigiye batazira Muzinga ageze i Bujumbura ! Uyu niwe yahora agaba ibikorwa vyose vy'abasoda b'Uburundi muri RDC. Imbere y'uko Goma ifatwa, uyu mu Général yari yamaze kwimura icicaro ciwe, agikura Goma akijana Bukavu, aca ategeka abasoda b'Uburundi kuva ku maposiziyo yose bari bafise Goma, bahungira muri Sud-Kivu. Hari bake cane basigaye ku kibuga c'indege ca Goma. Imbere y'uko Bukavu ifatwa naho yari yamaze guhunga. Ubu ageze i Bujumbura kandi ingabo ziwe zikiri ku butaka bwa RDC. Abasirikare ishavu riraniga kubera inyifato ya Général Muzinga. Bamufata ko yabahemukiye bikomeye, abikoranye na Prezida Ndayishimiye. Ubuhemu bwa mbere, Muzinga yabukoreye muri CIRGL Général de brigade Élie Ndizigiye batazira Muzinga yari yarungitswe muri ico RDC nk'intumwa y'Uburundi mu murwi wa CIRGL ujejwe gukurikirana gukurikirana ko ata bibazo vy'umutekano vyaduka hagati y''ibihugu bigize uwo muryango. Ico kibanza yaciye agikoresha nyabuna mu kwegerana na FDLR bakorana integuro z'intambara, yongera aha imitwe FARDC ingene boyiha ingabo z'Uburundi zambaye umwambaro wayo kugira bace bigarurira uduce twa M23 twari twahawe ingabo z'Uburundi zari muri RDC kw'izina rya EAC. Ico gihe Prezida Ndayishimiye niwe yatwara EAC, yafatwa nk'umushingantahe agiye hagati ya FARDC na M23, maze M23 bayumvisha kurekura uturere yari yarafashe, bayisaba kuduha ingabo za EAC kugira nayo ije kwegeranywa, ibuganiro bibone gutangura. M23 yarabikoze, 50% y'ibice yafashe ibiha abasoda b'Uburundi, ibindi bice bihabwa abasoda ba Kenya, aba Uganda n'aba Sudani y'ubumanuko. Aho niho Muzinga yatanguriye guhemuka, aja ku mohe ya FDLR, avyumvisha Ndayishimiye ko bishoboka, nawe aca aratambikiza, yitwa umushingantahe ari hagati yongera aba uwufasha uruhande rumwe ! Aha niho havuye ibara ryose turiko turambara muri RDC. Général w'Uburundi mu mwambaro n'ibendera vya RDC ! Nta kintu cababaje abarundi nko kubona abasoda b'Uburundi bapfa bambaye imyambaro y'igisoda ca RDC n'ibendera rya RDC. Ariko iyo bapfuye, RDC ntiyigere ibunamira, n'ibikorwa bakoreye RDC mu kwitanga kwabo ntivyigera vyemerwa. Abasoda b'Uburundi barahemukiwe cane. Général Muzinga ari mu basoda bambere b'Uburundi babonetse mu mwambaro wa FARDC muri munyonyo 2023. Aho kandi yari agiserukira Uburundi muri wa murwi wa CIRGL. Iyo yambaye gutya, yaja hamwe n'abatwara FDLR be n'abatwara FARDC akaba umwe muri bo, bagapangana imigambi yabayemwo uguhemuka gukomeye. Muri ivyo bihe, abasoda b'Uburundi bava i Bujumbura mu mwambaro wa FARDC, bagenda ata nkoho bafise, bagera muri RDC bakajana ku rugamba na Wazalendo, FDLR na FARDC. Ku rugamba, umusoda wacu akisanga ariko ahabwa amategeko n'abantu atumva ururimi bavuga, bakamutana urugamba, agasigara araraswa n'abo yari yibaza ko bamukingiye. Aya mahano yakwezwe na Général Muzinga ! Muri ivyo bihe, umusoda w'Uburundi yagurwa ibihumbi vy'amadolari, we akaronka amadolari 50 ku kwezi. Muri ivyo bihe, abasoda baribwa imfungurwa zabo zanditswe mu madolari, ugasanga umusoda ariko araturatura n'udusuguti canke ibitumbura. Niho badutabaza kuri runo rubuga, turasemerera, vyinshi birahinduka, Muzinga arababara, aca ategeka kwaka abasoda telefone. Ubuhemu bwa Muzinga muri kigarama 2023 Kigarama 2023 ni ukwezi kwabereye amahano ingabo z'Uburundi muri RDC. Nibwo bwa mbere abasoda bishwe ku rugero rudatahuritse, barata barahunga, basiga ibiziga ku ma positions, haba abafatwa mpiri, bamwe bazimiririra mu mashamba, amabatayo arasambuka. Abasoda barokotse bahuriye ahitwa Mubambiro, bakoreshwa inama na Muzinga. Hari ifoto iteye ikigongwe dukunze kwerekana y'abo basoda, aho umengo ni umurwi w'abaroberi. Imbere y'abasoda bari batakaje ivyizigiro vy'iyo ntambara, Général Muzinga yasavye abumva ko badashaka kubandanya ingwano baja ukwabo, aca abaha ubwato bubatahana. Hariho n'abahawe indege, abandi batashe n'amaguru. Abo bose bashitse mu Burundi, barafashwe, batwarwa muri G2 (iperereza rya gisirikare), abandi baboherwa mu makambi, benshi barakubiswe, abandi baboshwe ata gahuzu bambaye. Mu nyuma batwawe mu mabohero bacirwa urubanza, harimwo n'abahawe gupfungwa ubuzima bwabo bwose. Hoba hafiho abishwe, ariko turacabitohozako. Abo bose bahemukiwe na Muzinga. Muzinga atashe asiga inyuma ingabo ziwe ! Aho gutegura neza ingene ingabo ziwe zitahuka neza, Général Élie Ndizigiye ahisemwo kwitahira wenyene, ataye ingabo mu kangaratete. Zimwe ziracari ku ma positions ariko zirazi ko zitazohangana na M23, izindi zimaze hafi indwi mu nzira ziriko zirataha, izindi zivuga ko zazimiye. Général Muzinga ntiyigeze arondera gutahukana ibiziga vy'abasosa b'Uburundi biciwe mu bibanza bifiswe na M23. Benshi basangukiye ku misozi n'amashamba ya RDC. Ntiyigeze arondera kubohoza ingabo zafashwe mpiri. Atashe azisigayo, Prezida Ndayishimiye azita abaroberi ba Red-Tabara, umuvugizi w'igisoda nawe azita abanyamahanga ! Mu mvugo y'igisirikare bavuga ngo "après la guerre, il y a le conseil de guerre". Dufise ingabo zitari bwigere zineshwa. Mu gisoda ciyubaha, Général Muzinga yategerezwa gushikira imbere ya Sentare ya gisirikare. Ubuhemu yakoze ni ndengakamere. Ariko yabukoranye na Prezida Ndayishimiye, gutyo bata ingabo z'Uburundi mu kaga. Bizohera gutyo nyene ? Koko nta musirikare w'junja n'iijambo asigaye mu Burundi ? Ico bikoze, bino bintu bizogira ingaruka zikomeye ku gihugu n'igisoda c'Uburundi.
😢 1

Comments