
FOCODE Magazine
February 18, 2025 at 11:52 AM
Hari umuhari mushasha waraye utangaje ko utanguje urugamba rw'umuheto rwo kubohoza Uburundi !
Kugeza ubu Leta y'Uburundi yahora ivuga ko ihanganye na Red-Tabara. Mbere igisoda cari cararungitse muri RDC batayo zibiri zijejwe guhiga Red-Tabara muri Hauts Plateaux za Sud-Kivu.
Ejo haheze, 17.02.2025, hari uwundi muhari wavuze ko utanguye urugamba : Front Burundais de Libération (FBL - Abarundi). Uwo muhari uvuga ko ugizwe n'imihari itatu yiyunze : FRD-Abarundi, UPR na UPF. Umuhari uvuga ko witeguriye kwakira n'iyindi mihari, ugahamagarira abarundi kwikurako intwaro mbi ya CNDD-FDD.
Umuhari ntiwatanze amazina y'abawurongoye, ntiwatomoye aho ugiye gutangurira urugamba, nimba uzocumbika hanze canke ko uri ku butaka bw'uburundi. Itangazo risinyeko ko ryakorewe muri komine Musigati. FBL ABARUNDI ntivuga nimba aizokorana na Red-Tabara.
🔴 Iyi Leta y'Uburundi irekera abarundi mu buhungiro, ikanka gutora umuti w'ibibazo, izokwegera igihugu. Iyo abantu bihebuye, baruhira gufata inzira zose zibaza ko zobakiza. Ntituzi ko uyu muhari woba ufise inguvu, ntituzi ko hari naho uragwana, ariko vyama bitangura gutya, mu nyuma inganda zigatikira.
😍
😮
2