
FOCODE Magazine
February 19, 2025 at 12:24 PM
https://www.facebook.com/share/p/163edmERR9/
🛬 "Nta ndege ya Rwandair yabujijwe kurwa ku kibuga c'indege Melchior Ndadaye"
📲 Hirya no hino mu migwi y'urubuga rwa Whatsapp hariko harazunguruka ubutumwa buvuga ko "Indege ya RwandAir ihejeje kubuzwa kugwa kuri aéroport Melchior Ndadaye, isubiye inyuma."
📢 Yaga imaze kubona ivyo, yihutiye kubaza inkuru y'imvaho: ko ari ukuri canke ibinyoma. Tubajije Umuyobozi mukuru w'ico kibuga c'indege (l'Autorité de l'Aviation civile du Burundi), Ambassadeur Joël Nkurabagaya, arabeshuza ko ivyo bitigeze biba, ko ata ndege yabujijwe kurwa.
🗣️ Agira ati: "Ivyo ndavyumvanye mwebwe. Abakwiragiza inkuru nk'izo z'ibinyoma baba bafise ibindi bashaka gushikako tutazi."
#imigenderanire
🙏
👍
😮
5