FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
February 19, 2025 at 02:44 PM
#update Dossier Chris_NDORI Le 19/02/2025 Muri kano kanya, umusore KAZE Chris Fabrice ari muri cour d'appel Mukaza, aho vyari bitegekanijwe ko aburanishwa mu rubanza ruheruka kunguruzwa na ministère public. Igitangaje n'uko birangiye uwo musore ataburanishijwe. Imvo zatanzwe n'abacamanza n'uko gushika ubu Dossier ya Chris idakwiye kuko ministère public, Ernest NDUWIMANA atarasubizamwo impapuro yakuyemwo. Twibutse ko ministère public, Ernest NDUWIMANA yubahutse gusambagura iyo dossier yose, akuramwo impapuro zirenga 20, ivyo bita Côtes, ivyari vyatumye uwurongoye Tribunal de Grande instance ya Commune Mukaza yandikira ikete umushikirizamanza kizigenza wa Republika amusaba gufasha kugira abaze ministère public iyo yashize izo mpapuro. Gushika ubu akaba atakirakorwa. Muri king Umurundi Freedom tukaba tubabajwe cane n'amanyanga ariko yibonekeza mur'iyo dossier, tugasaba inzego zo hejuru guhera ku mushikiranganji w'ubutungane, @DBanyankimbona gushira mu minwe ico kibazo kugira umusore KAZE Chris Fabrice arenganurwe. @GeneralNeva, @Gatoni_RG, @MiniJustice_BDI, @LigueIteka King Umurundi Freedom https://x.com/KingBurundian/status/1892197225809260884?s=19
😂 😢 🪰 3

Comments