
FOCODE Magazine
February 20, 2025 at 09:07 AM
Imvugo za politike ni ukuzitondera : ya "vuuu" ya Reveriyano Ndikuriyo ivuyemwo ivyago bikomeye ku ngabo z'Uburundi.
Hari abasoda b'Uburundi bariko baratabaza ko inyuma y'indwi y'urugendo rubasubiza mu Burundi, bari bageze Kamanyola bibaza ngo bagira bashike, none basanze M23 yamaze kuhafata. Abo basoda bavuga ko barushe cane, bamwe amaguru yaravyimvye ku buryo batacambaye n'ibirato vy'igisoda. Bavuga kandi ko bashonje cane. Ubu ntibazi ico bari bukore.
Ifatwa ry'igisagara ca Uvira naryo nyene rizotuma bigorana ingene abasirikare bari muri Hauts-Plateaux guhiga Red-Tabara baronka inzira bacamwo bagaruka mu Burundi.
Hagati aho, hari abasoda bari bashoboye gushika mu Burundi hirya y'ejo. None amatwi adusumira baraye bahawe itegeko ryo gusubira muri RDC. Banwiwe ko uwanka gusubirayo aca ajanwa mw'ibohero rikuru rya Mpimba.
Biragoye rwose gutahura ico Leta y'Uburundi ishaka muri bino bintu. Hariho abasirikare benshi cane batabaza bavuga ko bigoye rwose kuronka iyo bazoca, ariko Leta iguma yidadira aho kuvugana na M23 igiye kuba umubanyi mushasha w'Uburundi.
Aho kwishinga aya majambo yatuyagira ko bazogira "vuuuu", nihisungwe nyabuna impanuro ya Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, ashira imbere kuganira, akagabisha ati : "wanka kugarura impene ikiri hafi, yamara kurenga umurambi ukabira nkayo" !
😂
😢
❤️
💔
😀
7