
FOCODE Magazine
February 22, 2025 at 02:57 PM
#๐๐๐ฟ๐๐ป๐ฑ๐ถ @CankuzoProvince, ๐๐ผ๐บ๐บ๐๐ป๐ฒ ๐๐ถ๐๐ฎ๐ด๐ฎ๐ฟ๐ฎ.
๐๐ฏ๐ฎ๐ป๐๐ฎ๐ด๐ถ๐ต๐๐ด๐ ๐ฏ๐ฎ๐๐ฎ๐ฏ๐ฎ ๐๐ฏ๐๐๐๐ป๐ด๐ฎ๐ป๐ฒ ๐ธ๐๐ฟ๐ถ ๐บ๐๐ด๐ฒ๐ป๐๐ถ ๐๐ฎ๐ฏ๐ผ ๐ฎ๐ต๐ฒ๐ฟ๐๐ธ๐ฎ ๐ธ๐๐ด๐ฎ๐ป๐ฑ๐ฎ๐ด๐๐ฟ๐๐ฎ ๐ฏ๐๐ป๐๐ฎ๐บ๐ฎ๐๐๐ฎ.
๐๐๐ฏ๐ฒ๐ฟ'๐ถ๐ธ๐ถ ๐ฎ๐ฏ๐ฎ๐บ๐๐ด๐ฎ๐ป๐ฑ๐๐๐ฒ ๐ฏ๐ฎ๐๐ฎ๐ฟ๐ถ๐ด๐ฒ๐ฟ๐ฎ ๐ฏ๐ฎ๐ณ๐ฎ๐๐๐ฎ?
Tubanze tumenyeshe ko uwo munyagihugu aherutse kugandagurwa bunyamaswa yitwa NSHIMIRIMANA Lรฉonard w'imyaka 28, yavuka ku mutumba Munyinya,Commune Gisuru mu ntara ya Rugigi. Ariko hari haciye igihe kinini yimutse. Ubu yaba ku mutumba Bumba, Zone Camazi, Commune Gisagara, intara ya Cankuzo ari naho yagandaguriwe. Yari yubatse, yasize umukenyezi umwe n'abana 2.
๐ถ ๐จ๐ฟ๐๐ฝ๐ณ๐ ๐ฟ๐๐ฎ ๐ก๐ฆ๐๐๐ ๐๐ฅ๐๐ ๐๐ก๐ ๐๐ฒฬ๐ผ๐ป๐ฎ๐ฟ๐ฑ.
Hari kw'igenekerezo rya 01/02/2025 igihe uwo mugabo yafatwa n'abatware bo kur'uwo mutumba barikumwe n'imbonerakure, bamukuye ku muhana iwe mu masaha y'agatondo ka kare, hagati ya 6h na 7h.
Abo batware bamufashe ni NDAYIRAGIJE Ferdinand asanzwe ari icegera c'umukuru w'uwo mutumba Bumba, NAYIGIHUGU Fabien asanzwe ari umunyamabanga w'umugambwe @CnddFdd kur'uwo mutumba, NZIRUBUSA Samson atwara inama nshingiro y'umugambwe CNDD-FDD mu gacimbiri kur'uwo mutumba na NDUWAYO Edouard asanzwe ari umuganga w'ibitungwa kur'uwo mutumba.
Imbonerakure zarikumwe n'abo batware nazo ni NTAKIMUSUZUMA Casimir ari nayo irongoye imbonerakure kur'uwo mutumba, BIZIMANA Dรฉo batazira Bambara.
Abo bose mugufata NSHIMIRIMANA Lรฉonard bamwagiriza ko ari we yoba yari yasahuye amafranga ibihumbi mirongo itatu vy'amashilingi y'ama Tanzaniya(30.000Tsh) y'abanyagihugu b'abarundi baheruka kuva mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, bari bamburiwe mu nzira bariko bataha. Bakimufata, uwo munyagihugu Lรฉonard yarisiguye ko ataco abiziko kandi ko atazi abasahuye abo banyagihugu bari bavuye muri Tanzaniya.
Uwo musi nyene ni ho abo batware na za mbonerakure baca batwara NSHIMIRIMANA Lรฉonard mw'ishamba riri hafi y'uwo mutumba (rihana urubibe n'igihugu kibanyi ca Tanzaniya), baca batangura kumukubita buyoka. Baciye bamukatagura amagara yiwe, bamuca amaboko, baca bagirwako bamusogota ibibugita vyo mu mutima, Lรฉonard aba aracikanye. Inyuma yo gucikana baciye bamuta mu kinogo kinini kiri mur'iryo shamba cahoze cimbwamwo inzahabu, baca barigira.
Inyuma y'aho, hamaze kumenyekana ivy'urwo rupfu, inyamiramabi zaciye zifata za mbonerakure 2 bazitwara kuzipfunga, ariko ba batware ntibigeze bakomwakomwa.
Abanyagihugu bararindiye ko abo batwawe bohagarikwa kugira babazwe ivy'urwo rupfu, ariko vyaranse. Abanyagihugu babona ko gupfunga izo mbonerakure 2 kwabaye
kugira babahume amaso kuko n'abo batware bategerezwa gufatwa kur'urwo rupfu rubabaje.
Mu mubabaro mwinshi, abo banyagihugu basaba bashimitse ko inzego z'umutekano zofasha kugira abo batware bakoze iryo bara bahagarikwe haheze haboneke ubutungane nyakuri ku muhisi NSHIMIRIMANA Lรฉonard.
@GeneralNeva, @NtareHouse, @CNIDH_Bdi, @MiniJustice_BDI, @nshingamateka, @Burundi_senat, @LigueIteka, @FOCODE_, @fidh_fr, @AfricaDefenders, @DefendDefenders, @FIACAT_org, @omctorg, @hrw, @hrw_fr, @UN, @ONU_fr, @CCPR_Centre, @TournonsLaPage, @CIVICUSfrancais, @CIVICUSalliance, @Acatbdi, @NiyongereArmel, @SOSTORTUREBDI, @hrdburundi.
King Umurundi Freedom, Le 22/02/2025
https://x.com/KUF_Asbl/status/1893203916566737123?s=19
๐ข
๐ฎ
4