FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
February 22, 2025 at 02:57 PM
#๐—•๐˜‚๐—ฟ๐˜‚๐—ป๐—ฑ๐—ถ @CankuzoProvince, ๐—–๐—ผ๐—บ๐—บ๐˜‚๐—ป๐—ฒ ๐—š๐—ถ๐˜€๐—ฎ๐—ด๐—ฎ๐—ฟ๐—ฎ. ๐—”๐—ฏ๐—ฎ๐—ป๐˜†๐—ฎ๐—ด๐—ถ๐—ต๐˜‚๐—ด๐˜‚ ๐—ฏ๐—ฎ๐˜€๐—ฎ๐—ฏ๐—ฎ ๐˜‚๐—ฏ๐˜‚๐˜๐˜‚๐—ป๐—ด๐—ฎ๐—ป๐—ฒ ๐—ธ๐˜‚๐—ฟ๐—ถ ๐—บ๐˜‚๐—ด๐—ฒ๐—ป๐˜‡๐—ถ ๐˜„๐—ฎ๐—ฏ๐—ผ ๐—ฎ๐—ต๐—ฒ๐—ฟ๐˜‚๐—ธ๐—ฎ ๐—ธ๐˜‚๐—ด๐—ฎ๐—ป๐—ฑ๐—ฎ๐—ด๐˜‚๐—ฟ๐˜„๐—ฎ ๐—ฏ๐˜‚๐—ป๐˜†๐—ฎ๐—บ๐—ฎ๐˜€๐˜„๐—ฎ. ๐—ž๐˜‚๐—ฏ๐—ฒ๐—ฟ'๐—ถ๐—ธ๐—ถ ๐—ฎ๐—ฏ๐—ฎ๐—บ๐˜‚๐—ด๐—ฎ๐—ป๐—ฑ๐˜‚๐˜†๐—ฒ ๐—ฏ๐—ฎ๐˜๐—ฎ๐—ฟ๐—ถ๐—ด๐—ฒ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ฏ๐—ฎ๐—ณ๐—ฎ๐˜๐˜„๐—ฎ? Tubanze tumenyeshe ko uwo munyagihugu aherutse kugandagurwa bunyamaswa yitwa NSHIMIRIMANA Lรฉonard w'imyaka 28, yavuka ku mutumba Munyinya,Commune Gisuru mu ntara ya Rugigi. Ariko hari haciye igihe kinini yimutse. Ubu yaba ku mutumba Bumba, Zone Camazi, Commune Gisagara, intara ya Cankuzo ari naho yagandaguriwe. Yari yubatse, yasize umukenyezi umwe n'abana 2. ๐Ÿ”ถ ๐—จ๐—ฟ๐˜‚๐—ฝ๐—ณ๐˜‚ ๐—ฟ๐˜„๐—ฎ ๐—ก๐—ฆ๐—›๐—œ๐— ๐—œ๐—ฅ๐—œ๐— ๐—”๐—ก๐—” ๐—Ÿ๐—ฒฬ๐—ผ๐—ป๐—ฎ๐—ฟ๐—ฑ. Hari kw'igenekerezo rya 01/02/2025 igihe uwo mugabo yafatwa n'abatware bo kur'uwo mutumba barikumwe n'imbonerakure, bamukuye ku muhana iwe mu masaha y'agatondo ka kare, hagati ya 6h na 7h. Abo batware bamufashe ni NDAYIRAGIJE Ferdinand asanzwe ari icegera c'umukuru w'uwo mutumba Bumba, NAYIGIHUGU Fabien asanzwe ari umunyamabanga w'umugambwe @CnddFdd kur'uwo mutumba, NZIRUBUSA Samson atwara inama nshingiro y'umugambwe CNDD-FDD mu gacimbiri kur'uwo mutumba na NDUWAYO Edouard asanzwe ari umuganga w'ibitungwa kur'uwo mutumba. Imbonerakure zarikumwe n'abo batware nazo ni NTAKIMUSUZUMA Casimir ari nayo irongoye imbonerakure kur'uwo mutumba, BIZIMANA Dรฉo batazira Bambara. Abo bose mugufata NSHIMIRIMANA Lรฉonard bamwagiriza ko ari we yoba yari yasahuye amafranga ibihumbi mirongo itatu vy'amashilingi y'ama Tanzaniya(30.000Tsh) y'abanyagihugu b'abarundi baheruka kuva mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, bari bamburiwe mu nzira bariko bataha. Bakimufata, uwo munyagihugu Lรฉonard yarisiguye ko ataco abiziko kandi ko atazi abasahuye abo banyagihugu bari bavuye muri Tanzaniya. Uwo musi nyene ni ho abo batware na za mbonerakure baca batwara NSHIMIRIMANA Lรฉonard mw'ishamba riri hafi y'uwo mutumba (rihana urubibe n'igihugu kibanyi ca Tanzaniya), baca batangura kumukubita buyoka. Baciye bamukatagura amagara yiwe, bamuca amaboko, baca bagirwako bamusogota ibibugita vyo mu mutima, Lรฉonard aba aracikanye. Inyuma yo gucikana baciye bamuta mu kinogo kinini kiri mur'iryo shamba cahoze cimbwamwo inzahabu, baca barigira. Inyuma y'aho, hamaze kumenyekana ivy'urwo rupfu, inyamiramabi zaciye zifata za mbonerakure 2 bazitwara kuzipfunga, ariko ba batware ntibigeze bakomwakomwa. Abanyagihugu bararindiye ko abo batwawe bohagarikwa kugira babazwe ivy'urwo rupfu, ariko vyaranse. Abanyagihugu babona ko gupfunga izo mbonerakure 2 kwabaye kugira babahume amaso kuko n'abo batware bategerezwa gufatwa kur'urwo rupfu rubabaje. Mu mubabaro mwinshi, abo banyagihugu basaba bashimitse ko inzego z'umutekano zofasha kugira abo batware bakoze iryo bara bahagarikwe haheze haboneke ubutungane nyakuri ku muhisi NSHIMIRIMANA Lรฉonard. @GeneralNeva, @NtareHouse, @CNIDH_Bdi, @MiniJustice_BDI, @nshingamateka, @Burundi_senat, @LigueIteka, @FOCODE_, @fidh_fr, @AfricaDefenders, @DefendDefenders, @FIACAT_org, @omctorg, @hrw, @hrw_fr, @UN, @ONU_fr, @CCPR_Centre, @TournonsLaPage, @CIVICUSfrancais, @CIVICUSalliance, @Acatbdi, @NiyongereArmel, @SOSTORTUREBDI, @hrdburundi. King Umurundi Freedom, Le 22/02/2025 https://x.com/KUF_Asbl/status/1893203916566737123?s=19
๐Ÿ˜ข ๐Ÿ˜ฎ 4

Comments