FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
February 23, 2025 at 11:03 AM
https://www.facebook.com/share/p/15nMMkFVuH/ 🔴 Gitega : Ari hehe Jean de Dieu Nduwamungu ? Ariko azira iki ? Uwitwa Nduwamungu Jean de Dieu, yahoze mu gisirikare, yarahagaritswe n'abapolisi ku murwa mukuru w'intara ya Gitega. Aho hari ku wakane (20.02.2025), ku muraga. Mw'ijoro, abo bapolisi baramuzanye iwe barasaka, barabura na kimwe, baca bagenda bamutwaye. Bukeye, abiwe bagiye kubaza muri commissariat y'igipolisi bababwira ko atawuriyo. Kugeza ubu, abiwe barahangayitse, ntibazi iyo Jean de Dieu Nduwamungu yajanywe. 🔴 Jean de Dieu Nduwamungu ni nde ? Nduwamungu Jean de Dieu yavukiye ku musozi Nyatubuye, komine Mugamba mu ntara ya Bururi, mu 1976, ubu akwije imyaka 49. Yinjiye igisirikare mu rwego rw'ibisongerezi (sous officier), akibamwo gushika mu 2016, aho yahagaritswe afise ipete rya Adjudant. Igihe afatwa muri 2016, yakorera muri 3ème bataillon commando i Gitega aho bamutazira E P S. Ico gihe harafashwe abasoda batari bake bahoze mu gisirikare xa kera (FAB). Yarapfungiwe muri Documentation, mu nyuma ajanwa mw'ibohero mw'ibohero rikuru rya Ngozi, aho yabaye gushika muri 2021. Adjudant Jean de Dieu Nduwamungu yapfunzwe ku karenganyo, iyo myaka yose. Yaraburanye aratsinda urubanza, ariko mu gisirikare baranse kumusubiza mu kazi. Kuva arekuwe, Jean de Dieu Nduwamungu yaba ku rugo rwiwe mu gisagara ca Gitega. Buri gitondo yazindukira mu misa ku Mushasha, hama agakurikirana imirima n'ibitungwa vyiwe. Umwanya munini yawumara muhira iwe, rimwe na rimwe agakubitira mu Mugamba, gukurikirana ivy'umuryango, kuko n'umuvyeyi wiwe yahavuye yitaba Imana, inyuma gato y'aho Jean de Dieu arekuriwe. 🔴 Ifatwa rya Jean de Dieu Nduwamungu Mu gitondo co ku wakane (20/02/2025), Jean de Dieu yazindutse mu misa yo mugatondo nkuko yama. Isaha zine zo mu gatondo yaratelefonye abiwe, abamenyesha ko yitavye umuntu amuhamagaye. Isaha umunani (14h) abiwe baramuhamagaye, bumva telefone irazimije. Isaha zibiri n'igice z'ijoro (20h30), niho abiwe babone aje aboshwe na menottes, ari kumwe n'abapolisi batanu bambaye umwambaro w'igipolisi be n'abandi babiri bambaye ibisanzwe. Bashitse binjira mu cumba ciwe gusaka, nta kintu bahatoye, baca baramujana. Babajijwe iyo bamujanye, abapolisi bishuye ngo muzoze kubariza kuri commissariat i Gitega ! Umuryango ntibawemereye kubona imodoka yamujanye, ariko abari kw'ibarabara baravuze ko yari camionnette double cabine yibiyo bitabona, itagirako imparati, bishoboka ko ari iyo mw'iperereza. Bukeye, abaryango baragiye kuri commissariat i Gitega baramubura. Baragerageje no kubaza mw'iperereza ariko baranse kubakira. Baranatelefonte uwutwara igendereza i Gitega, Venant Ndayishimiye, telefone yarahamagara ariko akanka kwitaba. 🔴 Amakuru ashikira umuryango avuga ko Jean de Dieu Nduwamungu yoba ariko arabesherwa ko yafatanywe ibirwanisho kandi atavyo bigeze batora. Umuryango urahangayitse kubera utazi aho uwabo apfungiwe nuko amerewe. Umuryango usaba ko worekurirwa kumubona nkuko amategeko abitegekanya. Nimba uwabo hari ico yagirizwa, umuryango usaba ko yojanwa mu butungane, ahantu hazwi, aho kumupfungira ahatazwi. 🔴 Impanuro Muri ino misi, hari abantu benshi cane bariko barafatwa mu gihugu cose. Bamwe bakekwa kuba ari abanyarwanda canke abanyamulenge, hari abakekwa gukorana na M23, hari ababesherwa ivyo vyo gutunga ibirwanisho. Twohanura abantu bose bigeze kuba abasirikare canke bigeze kuba mu mihari y'abagwanyi, kwirinda rwose abantu babahamagara ngo bagire iyo bahurira. Uwuramutse yitaba nawe, yogenda abwiye umuryango uwumuhamagaye be n'ikibanza bahuriramwo. Vyiza yogira uwumuherekeje aza kuraba ivyarivyo. Abantu bokwirinda cane abantu baduka babaganiriza ibijanye no kuja mu mirwi igwana. Mu bariko baratega imitego abantu, harimwo abakobwa bakora mw'iperereza rya gisirikare (G2). Bagenzi, muhagabire cane !
👍 😢 🙏 🤣 🥹 8

Comments