Iris News
February 6, 2025 at 06:30 PM
🔴 Gervais Ndirakobuca, Umushikiranganji wa mbere niwe azoserukira Uburundi mu nama idasanzwe yatunganijwe n'imiryango ibiri, EAC na SADC
✈️ Ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, niho yafata rutemikirere imushikana i Dar Es Salaam ahasanzwe hazobera iyo nama kuwa 8/02/2025.
🇨🇩 Imbere y'uko afata urugendo yamenyesheje ko ahanini iyo nama izokwihweza ibibazo biri mu karere ka Afrika y'Ubuseruko, cane cane ingwano iri mu buseruko bw'igihugu ca RD Congo.
🎙️ Yagize ati : "Ni inama ifise akamaro gakomeye cane mu gihe yoshika ku ngingo yo gushobora guhagarika iyo ntambara kubera yuko idahagaze ifise ingarukambi no ku bihugu bibanyi n'igihugu cacu kidasigaye inyuma"
#burundi #amakuru #irisnews
❤️
1