Iris News WhatsApp Channel

Iris News

853 subscribers

About Iris News

😍 𝐁𝐚𝐠𝐞𝐧𝐳𝐢, 𝐤𝐚𝐫𝐢𝐛𝐮👋 🤗 Welcome to the Iris News WhatsApp channel - Stay informed and up-to-date with the latest happenings in #burundi 𝗞𝗜𝗥🇧🇮 - 𝗘𝗡𝗚🇬🇧 - 𝙁𝙍𝘼🇫🇷

Similar Channels

Swipe to see more

Posts

Iris News
Iris News
6/14/2025, 4:34:45 PM

🎮🔥| Ubutigu bwageze : 44 bitavye ihiganwa #TAGCON2025 amaso y'abo ahanze 'écran' na 'manette' mu ntoke. Hatsinda nde ? 🏀 Urukino bahereyeko ni Basketball 2k25. Baza kubandanya na Basketball 2k23, Gran turismo ndetse na FIFA 24. #E_Sport #Urwaruka #IrisNews https://www.facebook.com/100056436835117/posts/pfbid0XdZ8AiqATPu5yH1E4zYcbxhyTmvXDvwJrWjFP3UtKjwJDE9jrjPk2hdkESWaMMqsl/?app=fbl

Iris News
Iris News
6/14/2025, 7:58:27 AM

🎙️ Inyuma yo gutanguza icese imyiyamamazo y'amatora i Gitega ku wa 09 Rusama 2025, amatora akaba ku wa 05 Ruheshi, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye araremesha ikiganiro ku bijanye n'uko ayo matora yagenze ⌚Ni mu kiganiro n’abamenyeshamakuru gitangura igihe c’isaha 10h ku mugwa mukuru wa poritike i Gitega ku kirimba c’umukuru w'igihugu Ni ikiganiro kiza kuba ikibiriraho ku nsamirizi n’imboneshakure y’igihugu RTNB hamwe n'ibiro vy’Umukuru w'igihugu (Présidence de la République). #Burundi #Amatora2025 #IrisNews

Post image
💩 1
Image
Iris News
Iris News
6/14/2025, 7:15:49 PM

🔴 Prezida Ndayishimiye yahumurije abatashoboye gutorwa muri aya matora aheruka, abibutsa uruhara rwabo mu kwubaka igihugu 👉 Ni mu gihe yari abajijwe nimba ubu mu nzego zose z'igihugu hagiye kurangwayo abakomoka mu mugambwe Cndd-Fdd gusa, kubera ariwo uherutse gutsinda amatora n'amajwi menshi cane ibitahaye amahirwe iyindi #Burundi #Amakuru #IrisNews https://www.facebook.com/share/p/1FmAF5AhKn/

💩 1
Iris News
Iris News
6/14/2025, 4:40:52 PM

🛢️Ivy'ibitoro bipfira mu manyanga y'abajejwe kukizana - Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye “Turafise ibinogo vyojamwo imiriyoni 60 z’ama metero kibe y’ibitoro, ariko kugira hagire uwuja kuzana igitoro cose dukeneye agishikane ng’aha niho hari ikibazo. Usanga harimwo udutiriganya n’amanyanga,” niko vyashikirijwe na Minisitiri Ibrahim Uwizeye. #Burundi #Ubutunzi #Ibitoro #IrisNews https://www.facebook.com/share/v/1Bpmuphum5/

Iris News
Iris News
6/14/2025, 11:36:53 AM

🗳️ "Abagize ivyo banegura ku matora ntibari guca babivuga yamaze guhera" - Umukuru w'igihugu 🔴 Mu kiganiro ahejeje kuremesha avuga ku bijanye n'uko amatora y'abashingamateka n'abajenama b'amakomine yagenze, Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko amatora yagenze neza cane. Ngo birahimbaye kubona hari benshi bashimye ivyavuye mu matora, ndetse n'abashikiriza utunenge twoba twarayaranze bakabikora mu mutekano #Burundi #Amakuru #IrisNews https://www.facebook.com/100056436835117/posts/pfbid02BCd7qKRCNgfXkb2cyDLb7Yn4hmZkv3jNB7TyqLapnXq2yq3DHcZEQRXRDwDxQQftl/?app=fbl

💩 1
Iris News
Iris News
6/14/2025, 4:41:30 PM

Ivy'ibitoro bipfira mu manyanga y'abajejwe kukizana - Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye Partie 12 https://www.facebook.com/share/r/1CAHZUdzZT/

Iris News
Iris News
6/15/2025, 4:32:16 PM

🎙️ Mu Burundi, ngo umuntu wese ashaka kwitwa "Président" gushika no k'uwutwara ''Groupe Whatsapp". Bivugwa na Martin Niteretse, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati. 💬Agira ati :”Usanga umuntu arongoye association ngo nyita president,uwundi afise akandi kantu, club ngo ndi president”. 🤔Kubwiwe ngo Prezida akwiye kuba umwe mu gihugu ari we mukuru w'igihugu, ngo harakenewe guhinyanyurwa amategeko n'amabwirizwa abigenga kuko benshi barondera iryo zina ivyo abona ko biteye ingorane. 👉 Martin Niteretse akabonako iryo jambo ryari rikwiye gukingirwa. umukuru w’igihugu wenyene ariwe yarakwiye kwitwa "Président". Akabona ko abandi bari bakwiye kwitwa aba “coordinateur” canke “rassembleur”…. 🥱 Kubwiwe ngo n’ikibazo kubona hari umuntu yiyita "président" adafise na komite nyobozi (comite éxécutif). #Burundi #Amakuru #IrisNews https://www.facebook.com/share/v/1LWbeJdpuB/

💩 😂 😢 🥱 4
Iris News
Iris News
6/15/2025, 2:53:47 PM

🔁 Changement ou continuité à la #cfcibburundi ? Mercredi 18 juin, le secteur privé burundais votera son nouveau patron. Le duel est entre 🏛️ Olivier Suguru, candidat à sa propre succession 💻 Donatien Ndayishimiye, entrepreneur tech et iconoclaste Un face-à-face qui reflète deux visions de l’économie. 👉 https://x.com/IrisNews_/status/1934232033821176228?t=EhdWEPfqvYkZrCFQV6-LZQ&s=19 #Burundi #CFCIB

Post image
❤️ 👍 2
Image
Iris News
Iris News
6/14/2025, 12:52:41 PM

🏢 Mbega amakungu ntazohava akura icizere ku Burundi kubera hatsinze umugambwe umwe ? Inama Nshingamateka na nshikiranganji vyo bizokorana gute ? Ivyo ni bimwe mu vyabajijwe mu kiganiro Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yatanze ku bamenyeshamakuru ku bijanye n'amatora. Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ruheshi i Gitega. #Burundi #Amakuru #IrisNews https://www.facebook.com/share/p/1FrTrcUdK3/

💩 2
Iris News
Iris News
6/14/2025, 11:35:02 AM

👏 "Twikomere amashi kuko abarundi turamaze gutahura demokarasi", Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye Mu kiganiro ariko aragira n’abamenyeshamakuru i Gitega kuri uyu wa 14 Ruheshi 2025 i Gitega, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yishuye ku kibazo c’uko amakungu atazohava abonako demokarasi idatsimbataye. #Burundi #Amatora #IrisNews https://www.facebook.com/100056436835117/posts/pfbid051YQ5QPVAgWJsPuxSjoR8cMBEi3j2XzsU3Pq4Z3BebLm5isrubu4X7adMPnLyt4Tl/?app=fbl

💩 1
Link copied to clipboard!