URUGENDO NEWS
URUGENDO NEWS
February 20, 2025 at 09:20 AM
Post See new posts Conversation King Umurundi Freedom @KingBurundian #𝗨𝗽𝗱𝗮𝘁𝗲 𝗧𝘂𝗴𝗮𝗿𝘂𝗸𝗲 𝗸𝘂 𝗿𝘂𝗽𝗳𝘂 𝗻'𝘂𝗺𝘂𝗸𝗲𝗻𝘆𝗲𝘇𝗶 𝘄'𝘂𝗺𝘂𝗽𝗳𝗮𝗸𝗮𝘇𝗶 𝘆𝗮𝗿𝗮𝘆𝗲 𝘆𝗶𝘁𝗮𝘃𝘆𝗲 𝗜𝗺𝗮𝗻𝗮 𝗶𝗻𝘆𝘂𝗺𝗮 𝘆𝗼 𝗸𝘂𝗴𝗼𝗻𝗴𝘄𝗮 𝗻'𝗶𝗺𝗼𝗱𝗼𝗸𝗮. Nkuko twabishikirije hirya y'ejo, umukenyezi KANANKIMA Marie Chantal yaritavye Imana agonzwe n'imodoka mu kamenge. Amatohoza tumaze gukora n'uko urupfu rw'uwo mukenyezi rwateguwe n'umupolisi w'igihugu, Col Pol HATEGEKIMANA Léopold yitazira Rwembe, asanzwe anakorera mu kigo kijejwe kwegeranya amakori OBR. Twibutse kandi ko uwo mu polisi yari yarafashe ingingo yo kutariha amafranga y'inzu zibiri (inzu ntonto z'idandarizo) yarapangiye uwo mukenyezi muri Quartier Gituro, 1Av N°1. Izo nzu yazidandarizamwo ivyuma vy'amapikipiki, pièce de rechange. Yategerezwa kumuriha amafranga ibihumbi 100 buri kwezi. Inyuma yo kumara imyaka 2 atariha izo nzu, uwo mupolisi yaciye atangura gutera ubwoba uwo mukenyezi mukumubwira ko ataho afise yokwitwara kandi ko hamwe yoguma amwishuza azibonerako, kenshi col Pol HATEGEKIMANA Léopold akaba yaguma azana abapolisi benshi mu modoka z'igipolisi gutera ubwoba uwo mukenyezi w'umupfakazi. Ivyo vyari vyatumye wa mupfakazi KANKIMA Marie Chantal ahitamwo kwitabariza mugutakambira inzego zo hejuru kuko vyari bimaze kugaragara ko ashobora kugirirwa nabi mukugandagurwa harimwo kunyagwa izo nzu ziwe. Ubutumwa bwo gutabaza twarabucishije hano, kw'igenekerezo rya 27/01/2025: https://x.com/KingBurundian/status/1883785674836582475?s=19 Inyuma y'ubwo butumwa bwo gutabaza, wa mupolisi yaciye yongerereza iterabwoba kuri KANKIMA Marie Chantal mukumubwira ko naho vyokunda akamuriha ayo mafranga atazoyamuryana. Hari haciye indwi 2 uwo mupolisi yimutse aho yakorera, ariko aca agenda yononye cane izo nzu 2 yahora akoreramwo. Ivyo vyari vyatumye wa mukenyezi KANKIMA Marie Chantal atavyihanganira, aca yitwirra col Pol HATEGEKIMANA Léopold ku bahuza bo muri Quartier kugira bamufashe izo nzu ziwe zisubizwe uko zari. 🔶 𝗨𝗿𝘂𝗽𝗳𝘂 𝗿𝘄𝗮 𝗞𝗔𝗡𝗞𝗜𝗠𝗔 𝗠𝗮𝗿𝗶𝗲 𝗖𝗵𝗮𝗻𝘁𝗮𝗹. Hirya y'ejo, 16/01/2025 ni ho KANKIMA Marie Chantal yaca agongwa n'imodoka mu buryo butangaje cane kandi bunababaje. Vyose vyabereye imbere ya zone Kamenge, urenganye gato ahari Hotel GERA, hagati y'ibarabara rya 4 na 5 yo muri Quartier HEHA. Umuhisi KANKIMA Marie Chantal yari ku moto, amanukana 4e AV HEHA agiye kw'isoko nkuru ya KAMENGE. Ageze kw'ikaburimbi, akase iruhande yahari icibutso ca CNDD-FDD, imodoka yari ihagaze kw'Ibarabara rya 4, yaciye ihaguruka n'umuvuduko munini imwiruka inyuma, umu chaffeur umusanga iruhande y'ibarabara aramugonga, abantu barakoma induru nyinshi, umu chauffeur aguma aramukwega mw'ibarabara, kuva kw'ibarabara rya 4 gushika ku rya 5, amukwega hasi mw'ikaburimbi. Uwo muvyeyi w'umupfakazi aba aracikanye, umubiri wiwe wacitse ibihimbahimba ari navyo abantu bahavuye begeranya baca batwara mu buruhukiro bw'ibitaro Prince Regent Charles. Uwaramuhetse kw'ipikipiki nawe yarababaye, aca twarwa kwa muganga. Mu nyuma ni ho hahavuye hamenyekana ko uwo mu chauffeur asanzwe ari uwa Col Pol NIYUBAHWE Frédéric akaba n'incuti yiwe. Uwo mushoferi yaciye ayanyaga. Imodoka yaje gutorwa n'ikimodoka bita Marikong, ica itwarwa gupfungirwa muri BSR. Ni urupfu rubabaje cane kandi rwateye agashavu kenshi mu banyagihugu aho mu Kamenge aho basaba inzego zibijejwe gukora ibishoboka kugira col Pol HATEGEKIMANA Léopold ahagarikwe abazwe kuvy'urwo rupfu rw'umupfakazi KANKIMA Marie Chantal kuko bigaragara neza ko ari we yaruteguye inyuma y'aho yaramaze igihe amutera ubwoba kur'ayo mafranga yaramuheraniye. @NtareHouse , @Gatoni_RG , @Burundi_Police , @MininterInfosBi , @CNIDH_Bdi , @LigueIteka , @FOCODE_ , @pnininahazw Le 18/02/2025

Comments