URUGENDO NEWS
1.3K subscribers
About URUGENDO NEWS
WhatsApp +358465831314 Daniel Mugisha C.E.O for URUGENDO NEWS
Similar Channels
Swipe to see more
Posts

🍒 Bamwe mu barimyi b'ikawa mu ntara ya #Makamba bavuga ko bibatwara uburyo bwinshi mu kuyikorera, kuyisasira n'ibindi ------------------------- 💰 Mu gihe umukozi wo ku munsi bamuhemba hagati ya 5.000 na 8.000 Fbu, ubwatsi bwo gusasira nabwo ngo bukaba butakiboneka, hake buri bukagurwa hagati ya 2.000 na 3.000 Fbu, bashikiriza ko n'imiti yo gupompa itaborohera kuronka 🚿 Bashikiriza ko kenshi imiti yo gupompa iboneka itevye, bigatuma hari udukoko tuba twamaze kwonona ikawa, ibituma umwimbu ugabanuka, canke ikaba ibihumbwa nk'uko vyigaragaje ahatari hake muri uno mwaka 👨🏿🌾 Bakaba basaba ko boronswa abafundi b'indimo babafasha kugira umwimbu wongerekane na rirya bashima ko yadugijwe ibiciro #Daniel_Mugisha

🇧🇮 "Reta mvyeyi ntigaragarira mu migambwe, Reta mvyeyi igaragarira mu gutunganiriza abenegihugu" --------------------- 🎙️ Bishikirizwa n'Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca mu kiganiro ku banyagihugu n'abamenyeshamakuru kuri uno wa 13 Ruheshi 2025 mu ntara ya #Cibitoke, abajijwe ku biheruka kuva mu matora y'abashingamateka n'abajenama ba komine, aho umugambwe CNDD-FDD waronse intebe zose zahiganigwa mu nama nshingamateka. Ku makenga y'abamenyeshamakuru ko ari ikimenyetso ko Uburundi busubiye mu ntwaro y'umugambwe umwe, Ndirakobuca we siko abibona ✍🏿 Agira ati: "Abenegihugu batoye neza. Vyerekana ko babonye ibikenewe, batora imigambi ya CNDD FDD: amahoro, umutekano n'iterambere. Rero abavuga ko tugiye mu ntwaro y'umugambwe umwe, ivyo bivugwa n'abanyamigambwe ata migambi bashize imbere abanyagihugu batore. Bishinze gushira imbere " Cengetos" 🤝 Yongeyeko ati: "Ubu ibiranga imigambwe myinshi ni ibwirizwa nshingiro, kandi ayo mabwirizwa ntarahinduka. Nimba uyu mwaka batoye CNDD FDD, hari icobuza ko mu myaka itanu iri imbere batora imigambwe ine canke irenga, mu gihe boshira imbere imigambi iteza imbere abanyagihugu?" 🤌🏿 Gervais Ndirakobuca amenyesha ko Reta izobandanya itunganiriza abenegihugu, kuko ngo: "Reta isukurira abenegihugu" #Daniel_Mugisha

Kuva uyumusi 13/06/2025 Mugisha Daniel aratangura gukora live kuri TIKTOK nkuko yabisabwe n'abakunzi biwe. genda mukore #Follow & #Like mwese. tiktok.com/@danielmugisha11 _________________________________