FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 21, 2025 at 05:58 PM
https://www.facebook.com/share/1AfQMCEXpu/ 🔴 Kugeza ubu, abatwara iperereza ry'Uburundi ntibaravuga iyo bapfungiye Mugisha Jacques bita Abdoul Rashid ! Turaherutse gutabariza umunyagihugu yitwa Mugisha Jacques bita Abdoul Rashid muri Islam. Abdoul Rashid yahagaritswe n'iperereza ry'Uburundi (SNR) kw'igenekerezo rya 28.9.2024, ryamufatiye mu rupangu aho yari apanze mu Ruziba, ni mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura. Twarababwiye ko Mugisha Jacques yafatanywe na nyene urupangu yari apanzemwo aho mu Ruziba, uwitwa Nzorirenga Juma, yagirijwe ko apangishije inkozi y'ikibi. Abandi bafashwe ni abakomisiyoneri bafashije Abdoul Rashid kuronka inzu : Iteriteka Issa na Ndayishimiye Shabani. Twaravuze n'umusore yitwa Nzisabira Saidi, yafatiwe muri Tanzania azanwa mw'iperereza ry'Uburundi, yagirizwa ko akorana na Mugisha Jacques bita Abdoul Rashid. Abo bose bamaze amezi 8 bapfungiwe mw'iperereza, harya hafi ya Cathédrale Regina Mundi, i Bujumbura. Ariko Mugisha Jacques bita Abdoul Rashid siyo ari. Hariho ubwoba ko yoba yarishwe n'iperereza. 🔴 Intahe y'umwe mu bahora bapfungiwe mw'iperereza. "Hari aba Islam mumaze imisi mutabariza bapfungiwe mw'iperereza i Bujumbura. Nagira ndabamenyeshe ko nanje ariho nahora mpfungiwe, barya bose narababonyeyo. Ariko hariho umwe, uwitwa Abdoul Rashid, ashobora kuba yarishwe. Yarabayeyo imisi mike, akubitwa cane, mu nyuma baramutwara, ntitwasubiye kumubona. Sinzi ko yapfuye canke ko boba bamujanye ahandi. Kuko twarumva ko hariho ahandi hari ikigo gishasha mu Buterer, bajanayo abantu bashobora kwicwa. Uyo Abdoul Rashid yamaze nk'indwi zibiri afungiwe ahantu hatugururwa, bamusohora mw'ijoro agiye kumena imyanda, aboneka ko yakubiswe cane, yuzuye amaraso ku mpuzu, adumako urusazi. Uyo birashoboka ko atakiri muzima !" 🔴 Ivyoba vyarashikiye Abdoul Rashid biri ku gatwe ka Général-Major Ildephonse Habarurema arongoye iperereza, Général de brigade Emmanuel Ndayiziga asanzwe ari umuyobozi mwishikira mu biro vy'umukuru w'iperereza, na Colonel Domitien Niyonkuru atwara iperereza mu gihugu hagati (DDI). Aba nibo bategerezwa gusigura iyo bashize Mugisha Jacques. Turabandanya gusaba abafise umwidondoro ukwiye wa Mugisha Jacques bita Abdoul Rashid ko botwandikira muri Ndondeza, kuri WhatsApp +32465651905. Abatasomye inkuru ya mbere, bayisanga ngaho: https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=1246898133473144&id=100044589066824
😢 😹 2

Comments