
FOCODE Magazine
May 22, 2025 at 05:09 AM
https://www.facebook.com/share/p/1EmL6i7hKQ/
🔴 Intwari ziracabaho mu Burundi : Umupolisi Thaddée Nahayo apfunzwe azira gutabara abanyororo bagwaye !
Umupolisi Caporal-chef Thaddée Nahayo yamenyekanye cane mu gihe yari ajejwe umutekano wa Hon. Agathon Rwasa, umukuru w'umugambwe CNL. Amafoto menshi ya Agathon Rwasa ariko mu makoraniro ya CNL, uyu mupolisi aboneka ari inyuma yiwe.
Iyo myaka yose Thaddée Nahayo yari ku kazi yarungitswemwo n'igihugu, ntabwo we yari umunywanyi wa CNL. Abamuzi bo bamutubwiye nk'umukozi w'Imana, yikundira gusenga, atabazwa ivya politike. Azwi ko asengera mw'ishengero rya Pentekoti.
Agathon Rwasa amaze kwakwa abajejwe umutekano wiwe, Caporal-chef Thaddée Nahayo yasubiye mu kazi kiwe mu gipolisi. Yarakoreye mu ntara ya Gitega, mu nyuma agarukanwa i Bujumbura, ku cicaro gikuru c'iperereza, hafi ya Cathédrale Regina Mundi.
🔴 Umupolisi w'impuhwe !
Aho agereye aho ku cicaro c'iperereza, Thaddée Nahayo yihaye igikorwa co gusengera abahapfungiwe, na canecane ababa bagirizwa ivyaha bikomeye, ugasanga barihebuye. Yarashoboye kugarukana ivyizigiro muri abo banyororo, mbere bamwe batangura kwihana ivyaha, barakizwa biyegereza Imana. Abo bakoranye mw'iperereza batubwiye ko igihe cose umupolisi Nahayo atonze ku kazi, icambere yakora kwaba kuja gusengera abo banyororo akabaremesha.
Caporal-chef Thaddée Nahayo niho yatangura kubona ko hariho abanyororo bariko baragwara, ariko ntibavuzwe. Bimutera ikigongwe ko bazohava bapfira aho muri ubwo busho bw'iperereza, aho usanga abanyororo barara kw'isima, kandi bagafungura rimwe ku musi. Amakuru dufise avuga ko Thaddée Nahayo yoba yaravuganye n'imiryango y'abanyororo, arabazanira imiti, bamwe akabagurira uduta n'ibitumbura. Gutyo barasubira gukomera.
🔴 Iperereza ryaramwiketse !
Haciye imisi, abakuru bo mw'iperereza baratangaye ingene abanyororo bateye bakomera kandi batigeze bavuzwa. Ntituzi ko bari bateguye ko abo banyororo bazicwa n'izo ngwara. Abatwara iperereza barakebwe ko hateherezwa kuba hariho abapolisi bafasha abanyororo bagwaye. Niko kubatega umutego.
Hari abagwanyi ba Red-Tabara bari bamaze igihe bapfungiwe mw'iperereza ry'igisoda. Abo barimuwe n'uwitwa Nkoroka, bajanwa muri "documentation". Abandi banyororo barabizera, ntibamenya ko ari abishikanye baje gusuma urusaku. Nuko ba basumyi b'urusaku baratanga raporo zabo zijanye n'abapolisi bafasha abanyororo bagowe. Igikorwa cabo giheze, bano basumyi b'urusaku bajanywe mu Mpimba.
Ku wa 27.10.2025, ba bapolisi barasambishijwe, umwe aremera ivyo bagirizwa. Thaddée Nahayo nawe boba bamusanganye muri telefone ivyo yandikaranye na mushiki w'umwe mu bapfunzwe. Thaddée Nahayo na bagenziwe baca barapfungwa muri documentation, mu nyuma bajanwa mu Mpimba, ubu bageze mw'ibohero rikuru rya Bubanza.
🔴 Sentare zaramurekuye vy'agateganyo ariko yagumijwe mu munyororo !
Inyuma y'imisi 10 bapfungiwe mw'iperereza, Caporal-chef Thaddée Nahayo na bagenziwe barajanywe muri parquet. Uwo musi nyene (05.11.2024), baciye binjizwa mw'ibohero rikuru rya Mpimba. Bagifatwa mw'iperereza, bagirijwe kumena amabanga ya SNR no gukorana n'imirwi y'abagwanyi. Ariko bageze muri parquet, bagirijwe ko bashatse gutorokesha abagwanyi ngo babanje kubambika impuzu z'igipolisi.
Mu nyuma barajanywe imbere y'abacamanza ba Sentare nkuru ya Mukaza (chambre de conseil) kugira Sentare yemeze ko bano bapolisi baguma bapfunzwe. Kw'igenekerezo rya 29.11.2024, Sentare yategetse ko barekurwa vy'agateganyo bakaburana bidegemvya. Sentare yabonye ivyo bagirizwa bidafashe. Ariko ntibarekuwe, parquet yaciye yunguruza.
Kw'igenekerezo rya 28/02/2025, Cour d'appel ya Bujumbura-Mairie nayo nyene yemeje ko barekurwa bakaburana bidegemvya. Sentare yavuze ko ivyo parquet ivuga bitagira ishingiro.
Naho biri gutyo, Caporal-chef Thaddée Nahayo na bagenziwe bagumye bapfungiwe mw'ibohero rikuru rya Bubanza.
🔴 Intwari !
Caporal-chef Thaddée Nahayo ntiyivye, ntiyishe, ntiyahemukiye igihugu, ntawe yatutse ! Na Sentare ziravyemeza. Ico yakoze, kwabaye gutabara abanyororo bagira bapfire mu gasho kubera kutavurwa. Thaddée Nahayo yigishije ijambo ry'Imana, agarura ivyizigiro mu bihebuye, bamwe mbere bahitamwo kwiyegereza Imana !
None ko twitwa ngo turi mu ntwaro yashize Imana imbere, umuntu nk'uyo apfunzwe gute ?
Turasubiriye gutera akamo umushikiranganji Domine Banyankimbona ajejwe ubutungane, akaba ariwe agaba amabohero, arekure izi #nzirakarengane. Kumbure asigaje ukwezi kumwe muri Leta, karaciye ingani azosige izina ry'umukenyezi atigeze yumva ijwi ry'abarenganywa ?
Procureur Général de la République Léonard Manirakiza, ni gute ugumiza mu munyororo abantu abacamanza bagutehetse kurekura vy'agateganyo ? Ububasha bwo kurengera abacamanza ubukura hehe ? Ya Mana wapfukama imbere muri nzero 2024, ukabwira Abarundi ko utazigera ubarenganya, vyahereye harya nyene ?
Musenyeri Martin Nyaboho, urongoye CNIDH. Erega muvyo ujejwe, iki c'abapfunzwe kiza imbere. Turagusavye wishikire mw'ibohero rya Bubanza, utabare zino #mpahazwa.
🔴 Tumutere intege !
Bakunzi b'uru rubuga, twarigeze gushigikira umuryango w'uwundi mupolisi w'umusenzi kandi w'imvugakuri, yari Caporal-chef Jérôme Niyonkuru, mu gihe yari apfunzwe. Ndibaza ko n'ubu twosubira tugashigikira umuryango w'umukozi w'Imana Caporal-chef Thaddée Nahayo. Nimba hari uwushikira uyu muryango, aratubwira aho abashaka kuwushigikira bocisha : numéro ya lumicash be na code agent kugira vyorohe.
Mu gihugu kiberamwo amabi angana ukuraho, biratanga icizere kwumva hakibaho intwari nka Thaddée Nahayo.
❤️
👍
🙏
10