FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 22, 2025 at 04:39 PM
https://www.facebook.com/share/p/1MfvPxH3TF/ 🔴 Umuyobozi wa Kaminuza y'Uburundi aratera ubwoba abanyeshure bariko batanga amakuru yerekeye amabi ayikorerwamwo ! Ivyo tubisanga mw'itangazo ubuyobozi bwa Kaminuza y'Uburundi bwaraye busohoye. Dr. Audace Manirambona ayirongoye ntiyanditse izina ryiwe kw'itangazo yise iryo kubeshuza (démenti), yanditse ko bikozwe na rectorat, hanyuma ashirako umukono. Dr Audace Manirambona atangura avuga ko yiyamirije ibimaze imisi bica ku mbuga ngurukanabumenyi, bifise intumbero yo gucafusa Kaminuza no kubeshera #imbonerakure. Dr. Audace Manirambona avuga ko Kaminuza y'Uburundi yigisha kwubaha agateka ka zina muntu. Avuga ko ivyatangajwe vyose ari ububeshi butumbereye GUHUNGABANYA AMATORA. Agabisha abatanga ayo makuru, akavuga ko bazohanwa bikomeye cane. Aravuga ko yiteguriye kwakira ibirego vy'aboba baragiriwe nabi, akarangiza asaba abanyeshure n'abakozi ba Kaminuza kwirinda abanyapolitike bashaka kubacanishamwo ! 🔴 Umutegetsi w'umunyabwoba ahunga ibibazo ! Inyishu ya Recteur Audace Manirambona yerekana umutegetsi w'umunyabwoba, ashima guhunga ibibazo aho guhangana navyo. Mw'itangazo ryiwe, Audace Manirambona ahakana ibivugwa vyose, atanatomoye ivyo bivugwa ivyarivyo. Reka tumwibutse ibibazo tumaze gushira ahabona: 1. Audace Manirambona yoba ahakana ko muri Campus Mutanga, Pavillon IX chambre 25, atari icumba citwa IKOSORORERO, aho Imbonerakure zitwa ko zijejwe umutekano zikubitira abo bita IBIPINGA n'abo bavuga ko bakora amakosa ? 2. Yoba ahakana ko Pavillon IX yagizwe icibare kidasanzwe n'imboberakure, ku buryo n'imbere yayo bahashize ikibanza bita "Inama Shingiro" ? 3. Audace Manirambona yoba ahakana ko izo mbonerakure zihaye ububasha bwo gukubita abandi banyeshure ? Ako agateka ka zina muntu bigisha koba karekura ibihano vyo gukubita inkoni umunyeshure yiga Kaminuza y'Uburundi ? 4. Audace Manirambona yoba ahakana ko abanyeshure ba Kaminuza y'Uburundi basigaye baserukiwe n'uwitwa Simon Bazirutwabo, amaze amezi arenga indwi yararangije amashure ? Uwo muntu abandanya kuba mu bigo vya Kaminuza bigenze gute kandi atakiri umunyeshure, akaba ariwe akubitisha abanyeshure ? 5. Audace Manirambona yoba ahakana ko Simon Bazirutwabo afise ivyumba akotesheje muri Campus Mutanga ? Yoba yipfuza ko tumuha amanomero y'ivyo vyumba ? 6. Audace Manirambona yoba ahakana ko hari ivyumba vy'abigeme baba muri GH bimaze imisi biterwa n'abitwa "abasuma", babanje kumenugura amadirisha y'ivyo biyo ? Yoba hoho yagendeye GH akaraba ko ibiyo bikwiye, akabaza abigeme bahaba uko bamerewe ? 7. Audace Manirambona yoba ahakana ko uwitwa Simon Bazirutwabo (atakiri umunyeshure wa Kaminuza) aherutse gupfungisha umunyeshure Tonny Irankunda (aserukira abiga muri Journalisme Bac III) ku karenganyo ? Yoba ahakana ko uwo munyeshure yarakuwe tubanje kumutabariza ? Yoba ahakana ko uwo munyeshure abangamiwe n'imitahe ariko ararungikirwa muri kino gihe ? 8. Ubwo Audace Manirambona arazi agahinda n'ubwoba biri mu banyeshure b'abigeme, ku buryo bamwe bavuga ko banahevye kuja gufungura mw'ijoro k'ugutinya Imbonerakure ? 9. Audace Manirambona yoba ahakana ko hariho Imbonerakure zarangije amashure ariko zibandanya kuba mu bigo vya Kaminuza, canecane muri ya Pavillon IX, mbere zikabandanya ibikorwa vyo gukizura mw'ijoro ? 10. Ubwo Audace Manirambona yaranatohoje ivyakorewe umumenyeshamakuru Willy Kwizera muri Pavillon IX ? 🔴 Nta kintu kibabaje nk'umutegetsi w'umunyabwoba. Kubona incabwenge ifise doctorat, ikaba idashobora no kwubahuka GUTOHOZA amabi akorerwa aho itwara, ni akamaramaza. Ico tumwemereye nuko amakuru y'amabi akorerwa muri Kaminuza y'Uburundi tugiye kubandanya kuyandikako. Iryo terabwoba ku banyeshure baduha amakuru ntaco rivuze mu gihe ca none. Recteur Audace Manirambona, tuzoguma twakira abanyeshure ba Kaminuza y'Uburundi bariko bararenganywa, amakuru yabo tuzoyatanga, kandi ntaco uzobagira ! Hano turakingira uwuduhaye amakuru.
❤️ 👍 😂 🙏 9

Comments