FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 23, 2025 at 05:58 AM
https://www.facebook.com/share/p/16aNPBqeSq/ 🔴 Dushigikire Intwari Caporal-chef Thaddée Nahayo ! Twaraye tubahaye inkuru ivuga umupolisi Caporal-chef Thaddée Nahayo apfunzwe kuva muri gitugutu 2024, ubu akaba ari mw'ibohero rikuru rya Bubanza. Thaddée Nahayo yafashwe akorera mw'iperereza i Bujumbura, yazize gutabara abanyororo bari bagwaye ntibahabwe imiti, abona bazohava bapfira aho bapfungiwe, abibwira imiryango, gutyo baronka imiti, uduta n'ibitumbura. Abatwara iperereza batangazwa n'ingene ba banyororo basubiriye gutora akabiri. Twarababwiye ingene igikorwa ca mbere Thaddée Nahayo yari yarihaye kwari ugusengera abapfungiwe muri SNR, abari barihebuye abasubizamwo ivyizigiro, bamwe baranakizwa, bihana ivyaha vyabo. Twarababwiye Kandi ingene Thaddée yatezwe umutego, hazanwa abapfungwa bashasha bari bajejwe kurondera abapolisi bariko barafasha abanyororo. Nivyo vyaviriyemwo Thaddée Nahayo na bagenziwe babiri gufatwa, nabo barapfungwa. TGI Muha na Cour d'appel de Bujumbura-Mairie zose zategetse ko Thaddée Nahayo na bagenziwe barekurwa vy'agateganyo bakaburana bidegemvya, ariko kugeza ubu Parquet yaranse kubarekura. Abacamanza basanze ivyo parquet ivuga bitagira ishingiro. 🔴 Umukozi w'Imana yitangira abandi akwiye gushigikirwa ! Caporal-chef Thaddée Nahayo arubatse, akaba n'umuvyeyi w'abana bane bakiri bato cane. Akana ka kane kavutse se ari mu munyororo. Umukenyezi wa Thaddée Nahayo nta kazi afise, umuryango wari ubeshejweho na Thaddée, birumvikana ko uriko uca mu bihe bitoroshe. Muri benshi mwatwandikiye mubaza aho mwocisha intererano kugira mushigikire uyu muryango. Inyishu twaronse ni izi : Lumicash y'umukenyezi wa Thaddée Nahayo : (+257) 69 894 007 yanditswe kuri Ningabire Neema. Code agent Lumicash : 54202 (Niyokindi Richard) Bancobu E-Noti : 18 380420101-68 yanditswe kuri IRANKUNDA Rebeca. Aborungika kuri Lumicash bakoresheje Code agent, vyiza boza barafotora icemeza ko barungitse (screenshot) bakakindungikira (inbox kuri messenger canke kuri WhatsApp +32465651905) kugira dufashe uwo muryango gukurikirana ingene muriko murawurungikira. --------------------- 🔴 INTAHE Tuguma turonka intahe nyinshi cane z'abo Thaddée Nahayo yafashije. Munkundire ndabasangize intahe zibiri gusa. Uwambere yagize ati : "Thadee Nahayo ndamuzi cane. Urya ni umuntu w'lmana. Yaradufashije cane igihe twari dupfungiwe harya hantu. Jewe ndatinya no kuhavuga mw'izina, harampahamuye cane. Tumubonye aje kw'izamu twaranezerwa, ntiyatwugarana, twararonka akayaga. Ugomba muri toilette yarakureka ukajayo. Yaradusengera caane, niwe twatura ibibazo dufise akaturemesha, niwe twaha numero z'abiwacu, tukamubwira akadusabira uduhera, akatugurira utu jus, udukate, udukaranga, uwomusi tukanezerwa. Kuba tutasariyeyo n'abo twari kumwe yarabigizemwo uruhara. Rero amakuru yiwe turayazi, abo yagiye yitaho turamusengera. Umuryango wiwe turawuzi, umudame wiwe nta n'igihe giheze yibarutse, kandi yibarutse Thadee ari mu gasho. Nukuri Thaddée akwiye ubufasha, urya ni intwari koko." Uwakabiri yanditse ati : "Thadée ndamuzi, mbere n'igihe bandekura naragiye kumuraba muhira ndamushimira iciza yankoreye. Muri documentation yama adusengera. Ivyanje vyaramubabaje cane kubera kari akarenganyo karengeje urugero. Sinobivuga, bohava baca bansubizayo. Nukuri nkuko ubivuze, Thaddée niwe yama aturemesha, jeho yama ambwira ko Imana itokwemera ako karenganyo, anyemerera ko agiye kunsengera mpaka bandekuye. Erega namazeyo indwi zibiri n'igice baca barandekura. Thaddée ni umwana mwiza cane ; nzoja kumuraba naho ntazi ko bazomumpa. Jewe namumenye muri documentation, ntabwo nari nsanzwe ndamuzi. Namumenye kubw'uwo mutima mwiza wiwe. Imana nawe imutabare, natwe tumushigikire nkuko yatwitangiye none arivyo azize." Ntitwodonda intahe zose ngo tuziheze. Hari abandi bamushingira intahe ingene ari umupolisi atarya igiturire, mu bukene bwiwe yama yizera ko Imana ariyo izomugirira neza. N'ibindi vyinshi. Tubibutse ko imbere yo kuja gukora muri documentation, Caporal-chef Thaddée Nahayo yari yararungitswe gucungera umutekano wa Hon. Agathon Rwasa. Mu nyuma ararungikirwa gukorera i Gitega, abona kuzanwa i Bujumbura.
🙏 👍 6

Comments