
FOCODE Magazine
May 23, 2025 at 11:59 AM
https://www.facebook.com/share/p/1XKq5bzfN8/
🔴 Baratakambira igipolisi ngo umusuma yabanyaze ivyabo ntarekurwe atabarishe !
Biragoye gutahura ingene umuntu umwe yoba yarakoze ibivugwa kuri John Guy Nkurunziza. Inyuma y'imyaka myinshi akora ubutekamutwe muri Kenya, John Guy Nkurunziza yagarutse mu Burundi, abandanya ubusuma. Ubu apfungiwe muri commissariat ya Mairie ya Bujumbura (aho benshi bita muri BSR), yagirizwa ko yahenze abantu ko azobajana muri Canada, abatwara amadorari y'abanyamerika 36.000. Ariko aho apfungiwe, aguma kw'iterefone, abandanya igikorwa ciwe. Abo yatwaye amahera bafise ubwoba ko agira arekurwe atabarishe.
🔴 Ubutekamutwe bwahereye muri Kenya.
Bamwe mu bamuzi bavuga ko John Guy Nkurunziza yagiye muri Kenya muri za 2013, yavuga ko ahunze ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Ariko mu nyuma yabonetse nk'uwukorera ubwo butegetsi nyene, yoba yaranabaye mu baserukira diaspora y'abarundi muri Kenya. Abatari bake yababwira ko akora mu buserukizi bw'Uburundi i Nairobi. Ku mafoto yiwe akunda kwerekana ari mu biro, afise ibendera ryiwe inyuma yiwe, kugira yemeze abantu ko akora muri Ambassade y'Uburundi. Ariko ivyandiko biri inyuma yiwe birahindagurika. Hamwe yerekana ko ari ibiro vya coopérative yo kuziganya no kuguranana, izo bita SACCO mu bihugu nka Kenya. Ahandi ukabona vya biro nyene vyahindutse ivya société yise "YES BOSS".
Umwe mu bamuzi muri Kenya yanditse ati : "Jewe ndamuzi personellement i Nairobi, hari ubutekamutwe yazanye muri za 2014, abufatanya n'abanya Kenya hamwe na bamwe muri Banyarwanda bahunze 1994, avuga ko hari compagnie ya telecommunication yitwa YES BOSS batanguje. Ivyo bintu baravyibiyemwo amafaranga menshi cane. Mu nyuma, yavuga ko akora muri Ambassade y'Uburundi, benshi twaranavyemera. Aho hadukiye ivyo kujana abakobwa mu bihugu vy'abarabu, hari abakobwa benshi b'abarundikazi baza kurindirira visa hano. Yaca yakira bamwe akabajana iwe. Ivyo yabakoreye ntawobivuga, bamwe ubu bafise abana biwe. Twumvise mu nyuma ko yahunze igipolisi kigira kimufate kubera ubusuma yakoreye muri Kenya bwari bwarenze urugero."
Uwundi ati : "uyo ndamuzi rwose hano muri Kenya. Yagiye anyaze abantu batari bake, kandi n'abanyakenya ubwabo yari azi kubahenda. Yarageze aho akora n'icumba c'amasengesho, aremeza abantu ko Imana yamubwiye ko ariwe azotwara Uburundi muri 2020. Abamwizeye baramuhaye amahera ngo ni ayo azokoresha mu kwiyamamaza, bari bazi ko nabo bazoronka amaze gushikira intebe y'umukuru w'igihugu. Biragoye gutahura ingene ahenda abantu bakamwemera, ata n'amashure ashemeye yize."
🔴 Mu Burundi, yahenze abantu ko azobajana muri Canada !
Umwe mu bakenyezi yatwaye amahera mu Burundi, yanditse ati :
"Twebwe twaribwe ku ruyeri, twahenzwe numugabo yitwa NKURUNZIZA John Guy ngo agiye kuturonderera ama visa ya Canada. Kuva mu kwezi kw'indwi kwa 2024 gushika bu, amafaranga twararishe, amwe dushira kuma bureaux yiwe, ayandi ku ma compte yiwe. Hari abamuhaye 3000$, abandi 5000$, abandi 2000$, abandi 2500$. Aho twari twumvikanye ko ayandi tuzoyariha dushitseyo. Twararindiriye turahebura. Tugiye kumwishuza, twahuriyeyo turi benshi, turateba tugira groupe, ubu turarenga 10. Niho yahava afatwa, ajanwa muri BSR. Abamwitwariye bamwagiriza ibintu vyinshi bitandukanye : hari abo yahenze ngo abagize aba actionnaires mu masosiyete yiwe, hari abakenyezi bavuga ko yabafashe ku nguvu, hari na ba twebwe yahenze ngo tuzoronka visa ya Canada mu mezi atatu naho yariko aratwiba ku ruyeri. Hari abo yagize abakozi atigeze ahemba, hari abo aheraniye amatike y'indege. Asanzwe afise Agence de voyage yitwa Net Line, ifise ama bureaux ahatandukanye, ikorera kuri avenue de la victoire, imbere y'isoko ya bujumbura, muri Quartier INSS. Aho hose ahafise ibiro vyiba abantu. Wumva akora ibintu vyinshi. Avuga ko afise na Cabinet d’avocat, aho rero ngo nta n'umwe yomutsinda mu rubanza. Passeports zacu ntituzi iyo yazitaye."
Aba bantu baratakamba ngo John Guy Nkurunziza ntarekurwe atabarishe ivyabo. Bagira bati :
"John yitwa ko apfunzwe muri BSR, ariko sivyo. Nkeka twovyita gupfungwa icamaso. Ariko aguma ku matelefone abesha abandi batamuzi. Uravye abamwitwariye muri BSR, dosiye yiwe iri muri 36.000 dollars. Hano tubona ari igihangange canke ibtakorwako. Umwanya n'umwanya bazomureka yitahire. Ni umuntu afise amazu n'imiduga, ariko vyose agashaka kuvyikurako kugira ntibifatwe ngo azohave aturiha. Amafaranga twamuhaye ashaka kuyashira kuri umwe mu bakozi biwe. Ariko arabesha, turafise ama bordereaux, amafaranga twayashize kuri compte yiwe. Turiko turatabaza ubutungane bukore, uyu muntu ntabandanye kwiba abantu, natwe adusubize ivyacu."
🔴 Ubutekamutwe bujanye no kubesha abantu ko bobaronkera ama visa bureze cane mu Burundi. Ni benshi bariko baribwa muri ubwo buryo. Abantu bahagabire cane. Bano batekamutwe baraheza bakagura inzego z'igipolisi n'ubutungane, maze bagahinduka intakorwako.
👍
😮
🙏
3