
FOCODE Magazine
May 24, 2025 at 02:11 PM
https://www.facebook.com/share/v/1AdRXYEDkU/
Inyuma y'imyaka myinshi aherekeza CNDD-FDD, Gaston Sindimwo atubwiye ingene intwaro yatugize INERA !
Gaston Sindimwo yabivuze mu kiganiro aherutse guha chaine Youtube African TV. Mu majambo avangavanzemwo ikirundi n'igifaransa, Gaston Sindimwo yagize ati :
"Hariho umutama yambwiye ngo : INERA UYIBEGERA KU BWAYO IGAKURA UBWATSI !
Uravyumva ivyarivyo ?
Inera uyibegera ku bwayo igakura ubwatsi. Ni umuntu yawunciriye, nari ruguru, hanyuma ndamubaza nti : bisigura iki ga mutama ?
Yarafashe akanya aransigurira ati : kuronka igitoro ni uburenganzira bwacu, NI UBURENGANZIRA bw'ABARUNDI KURONKA IGITORO, ariko iyo baduhaye utulitiro 20 gusa raba duca dukoma amashi ! Dukoma amashi kandi bwari uburenganzira bwacu..."
Aya majambo arahambaye cane ku muntu yabaye Icegera c'umukuru w'igihugu mu ntwaro ya CNDD-FDD. Gaston Sindimwo nawe arashinze intahe ko intwaro ya CNDD-FDD yagize Abarundi ABAJA. Aho Musenyeri Ntamwana yatwigisha kwanka kuba ABAJA, we yahisemwo kuja mu batuma Abarundi baba INERA. Intwaro itunyaga ivyacu, mu nyuma ikaduha ubuvunjivunji ku vyacu, natwe tukayikomera amashi.
----------------
Insiguro y'amajambo agoye ku rwaruka rwa vuba (mu bisagara canecane)
1. Inera : umuhimbiri, umuja, umusezi, ...
2. Kukubegera ku bwawe : hano baba bavuze ubugari bwawe woba witeguriye bakabukwaka ku nguvu, hanyuma akakumunyurirako agace gatoya. Bisigura umuntu agutwara ivyawe hama akagaruka kuguhako bikeya ngo arakugabiye.
3. Gukura ubwatsi : gushima cane wicishije bugufi.
Hari uwundi mugani uvuga ngo : ikibanza c'INERA kiboneka INTORE zihagurutse.
Aha hose berekana ingene INERA ari abantu bakengeretse cane.
👍
😂
❤️
🙏
👌
🤔
🫣
15