
FOCODE Magazine
May 25, 2025 at 02:02 PM
https://www.facebook.com/share/16dU5yzPip/
🔴 "Kaminuza y'Uburundi yoba ikiri Rumuri ?"
Tumaze imisi twumva intahe zitangaje z'ibibera muri Kaminuza y'Uburundi. Umumenyeshamakuru Willy Kwizera yagiye kurondera amakuru, Imbonerakure ziramufata zija kumuhuragura muri Pavillon IX. Aho muri iyo pavillon havugwa icumba bita IKOSORORERO canke DOCUMENTATION, aho abanyeshure bajanwa bakaborezwa igufa atacamira. Imbonerakure zirara zirakizura zigahohotera abandi banyeshure. Uwuserukira abanyeshure arangiza amashure akaguma yibera muri Kaminuza, akabaserukira we atakiri umunyeshure, agakotesha ivyumba muri Kaminuza, agapfungisha abanyeshure yanka. Iperereza n'umugambwe CNDD-FDD vyivanga mw'itorwa ry'abaserukira abanyeshure. Abigeme bavuga ko baterwa ubwoba n'imboberakure, bamwe boba banafatwa ku nguvu ... Ubuyobozi bwa Kaminuza bwanka GUTOHOZA, bugashigikira amabi akorwa n'imboberakure !
Aya mabi ava kuki ? Yohera gute ? Kazoza k'igihugu kazomera gute mu gihe incabwenge zigishwa guhohotera abandi canke kwinumira zibonye amabi nk'aya ?
🔴 TUBIGANIREKO
Uno musi ku mugoroba, igenekerezo rya 25.5.2025, FOCODE yabateguriye ikiganiro (mu buryo bwa SPACE) kuri ico kibazo. Abatumire ni batatu :
1. Professeur Charles Nditije, yigeze kuba umuyobozi w'ivyigwa muri Kaminuza y'Uburundi.
2. Kefa Nibizi, yigeze kuba mu barongozi b'ishirahamwe ASSER ryahoze riserukira abanyeshure ba Kaminuza y'Uburundi.
3. Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE.
FOCODE yaratumiye umuyobozi wa Kaminuza y'Uburundi n'icegera ciwe, ntituzi ko baza kwitaba.
Ikiganiro kiza kuremeshwa n'abamenyeshamakuru Gilbert Niyonkuru na Alice Hakizimana.
🔴 Kiza gutangura isaha icumi na zibiri z'umugoroba (18h) ku masaha y'Uburundi. Muza kucumva ikibiriraho ku mbuga Twitter (X) na Facebook za FOCODE. Abavyipfuza muraza kubaza ibibazo mwongere muterere ivyiyumviro.
Turabahaye ikaze.
👍
1