
FOCODE Magazine
May 25, 2025 at 02:04 PM
https://www.facebook.com/share/p/1CczrFC6rb/
🔴 Kaminuza y'Uburundi : Imbonerakure zo muri Campus Zege zaratahuye ko ata kamaro ko kugirira nabi bagenzi babo !
Tumaze imisi tubaha intahe zijanye n'amabi akorwa n'imboberakure muri Kaminuza y'Uburundi, canecane muri Campus Mutanga. Turafise Intahe zibabaje tutarabaha z'amabi akorerwa mu cumba B13 co muri Campus Kiriri.
Uyu musi dushimye kubaha intahe nziza ya Campus Zege mu ntara ya Gitega. Mu myaka iheze, naho nyene Imbonerakure zari zifise ikosororero mu cumba ca 55. Ubu vyarahagaze kubera Imbonerakure zasanze gukora ayo mabi ataco bimaze.
🔴 Icumba ca 55 mu myaka iheze.
Twararonse intahe zitandukanye z'abize muri Campus Zege muri iyi myaka iheze, baratubwira ko mu cumba ca 55 hakorera umunyeshure yitwa ko ajejwe gutatura amatati. Ariko cari icumba co gukubitiramwo (GUKOSORA) abanyeshure bafatwa nk'ibipinga.
Umwe mu bize muri campus Zege yanditse ati :
"Mwaramutse neza, jewe nize muri campus Zege. Ivyo biriko bishikira abanyeshure bo ku Mutanga canke ivyashikiye umumenyeshamakuru Willy Kwizera ntivyantangaje na gato kuko système ni imwe. Nciga i Zege, natwe hari hariho chambre 55 yitwa ko ari mw'ikosorero. Iyo chambre ntiyapangwa ngo ihabwe abanyeshure, ahubwo yari yitwa ko ikorerwamwo abaduserukira. Uyinjiyemwo ntiwari kwibaza ko ari mu kigo ca Kaminuza, kuko wahasanga ibimenyetso vy'umugambwe CNDD-FDD, ibitambara,... Uwujanyweyo yarakubitwa agashaya. Ico gihe twaguma turonka amakuru y'abanyeshure bagenzi bacu bakubitiweyo.
Vyari biratangaje ukuntu abayobozi ba Kaminuza bashobora kureka abanyeshure bakicamwo imice babibona, bakaryana babibona, hakabaho umurwi w'abanyeshure ucinyijwe utoshikiriza ivyiyumviro vyawo ku bijanye n'itunganywa rya kaminuza. Nkaho I Zege niyo Campus hashobora guhera indwi zitatu ata n'ima ry'amazi babonye, abanyeshure bakama kuvoma mu mwonga, ama toillette akaziba. Ariko izo ndongozi z'imbonerakure ntizirenguke ngo zigire ico zishikirije. Hagize abanyeshure bagize ico bashikiriza, za ndongozi zikabagiriza ngo baragumutse, ari naho hava ivyo vy'ugukosora. Wasanga bagiye gukosora umuntu ariko agwanira inyungu ya twese, ariko Imbonerakure zikabona ko agwanije ubutegetsi."
🔴 Chambre 55 nta mabi akiberayo : Imbonerakure zasanze ataco bimaze guhohotera abandi banyeshure.
Abiga muri Campus Zege uno mwaka baratwandikiye ko ata banyeshure bagikubitirwa muri chambre 55.
Bagize bati :
"Nivyo chambre 55 yahoze ari IKOSORORERO, ariko ubu haratuje. Urabona ko génération zigenda zihanahana. Mu myaka iheze, imbonerakure zari zikaze cane muri Campus Zege, nizo zonyene zaja mu buserukizi bw'abanyeshure. Ubu siko bimeze. Nivyo baracabashiraho nk'abaserukizi b'abanyeshure, ariko Imbonerakure nazo zirabona ibiri mu gihugu. Iki kibazo c'ikena ry'igitoro n'iduga ry'ibiciro ku bintu vyose vyatumye n'imboberakure zikanura. Ubu ni bake mu banyeshure woja kwigisha ngo babe imbonerakure z'indyamunyu. Ubu n'ubwo babashiraho ,usanga bashizeho umuntu ataco womubaza, aba araba ivyiwe, aba yishakira kuva kuri syllabus aje gupampana n'ubuzima bwo mu gihugu. Barabona ingene n'abahoze bahatwara mu myaka iheze ubu benshi basigaye ari abamotare, abandi ni aba agent ba Lumicash. None hari uwoja ngaho akigira igihangange, akonona ubuzima bwa bagenziwe kandi inyuma ya Kaminuza bazoca basangira kuba aba motare n'aba agents ba Lumicash ? Ubu baratahuye ko twese tugowe amwe, nta kazoza keza dufise."
🔴 Kano karorero ko muri Campus Zege karahambaye. Kumbure kokwigisha Imbonerakure zo mu yandi ma campus ya Kaminuza y'Uburundi. Wa munyeshure wihaye kwonona ubuzima bw'abandi, uribaza ko ejo aho bukera muzoba muriko mukubitirwa hamwe n'ubuzima ? Ejo ushobora gukenera uwo nyene uriko urahobdagura !
--------------
Uno musi ku mugoroba (kuva isaha icumi na zibiri, 18h), FOCODE iraza gukora ikiganiro kijanye n'amabi avugwa muri Kaminuza y'Uburundi. Kiza guca ikibiriraho kuri Twitter (canke X) na Facebook vya FOCODE.
❤️
👍
🙏
5