
FOCODE Magazine
May 26, 2025 at 08:50 AM
https://www.facebook.com/share/v/15ZVnRJh2d/
🔴 Ubuzima bwa Gaston Sindimwo burashobora kubangamirwa bikomeye : Mbayahaga arahejeje kumugurisha !
Amajambo Isidore Mbayahaga aherutse kuvuga k'uwo yita umugenzi wiwe, Gaston Sindimwo, arateye ubwoba. Biragoye gutahura ko ari amajambo ava ku mugenzi koko. Yumvikana ahubwo nk'amajambo yo kumucisha umutwe
Inyuma y'ikiganiro Gaston Sindimwo yabayemwo kuri Radio Isanganiro mu ntango za rusama 2025, akavugiramwo impungenge afise ku bijanye n'intambara ziri muri RDC, mugenziwe Isidore Mbayahaga amwagiriza ko yahemukiye igihugu, ko afise abariko baramukoresha bibaza ko ivyo avuze biheza bikakirwa na benshi. Isidore Mbayahaga aratomora ko Gaston Sindimwo yoba yakoreshejwe n'u Rwanda, akanamugabisha ko ruzoca rumwica !
Ni akamaramaza kwumva amajambo nk'aya k'umuntu yitwa umukozi w'Imana, akavuga ko ariko ahanura umugenzi wiwe. Kirazira kuvuga ibintu nk'ibi ata matohoza akomeye ubanje gukora, na rirya ingaruka z'amajambo nk'aya mu Burundi zishobora kuvamwo n'urupfu rw'umuntu.
Mbayahaga azwi nk'umwe mu bama mu gutwi kwa Prezida Ndayishimiye, ahandi naho agafatwa ko asohora ivyo Prezida Ndayishimiye amutumye. Birazwi ko imigenderanire ya Prezida Ndayishimiye na Gaston Sindimwo itamye ari myiza cane. Nimba ibi Mbayahaga abivuze atawubimutumye, arahejeje kugurisha uwo yita umugenzi. Nimba avuze ivyo yatumwe naho, Gaston Sindimwo yohagabira.
😢
❤️
🎉
👎
🙏
🫣
9