
FOCODE Magazine
May 27, 2025 at 10:16 AM
https://www.facebook.com/share/1GLmMg9vwh/
🔴 Abanyonga Taxi baratakambira SOPEBU !
Ubutumwa bw'umutaximani kuri SOPEBU :
"Amahoro y'IMANA abane namwe Banyakubahwa mudutwara.
Barongozi bacu ba SOPEBU, ubwa mbere turabashimiye ku bintu vyose mudukorera ku bijanye n'ibitoro. Mwarakuye burundu ivy'abahora bitwaza ko ari aba VIP ayo baje kunywesha kuma station. Mwarakoze cane.
Mu ndwi ziheze, twahora mu munezero ntangere, twaronka amalitiro 20, hanyuma muratwongereza kunywa ama quotas dufise muri Application. Nivyo turabibashimiye bivuye ku mutima kandi IMANA ibahezagire.
Banyakugira IMANA,
Twebwe tur aba taximani, abashoferi bariha ikori rya Reta nk'uko bitegekanijwe muri OBR (Forfaitaire), tukariha buri ukwezi amakori ya Mairie (taxe municipale na stationnement ).
Bamwe mur twebwe tumaze imisi dutonze ku ma station, kuva ku wambere w'indwi iheze turindiriye agatoro. Ku wakabiri twagiye kwumva mu bantu ko SOPEBU ihinduye itangwa ry'igitoro, ngo ivyo kwisunga inomero za plaques birahagaze, hama ngo taxis muzihaye stations zazo. SOPEBU yo nyene ntiyigeze iduha ubutumwa.
Ubu butumwa ndabwanditse ku wakabiri (20.5.2025). Uno musi mwatanze igitoro, ariko mwacaguye muvuga ko kigenewe izikora "affaire et promenades gusa".
None twebwe aba taximani mushaka ko tuzokora gute ? Zirya stations mwaduhaye murabona ko zidukwiye ? Vy'ukuri, ku ma taxis yose ari i Bujumbura, mubona ko ashobora kunywera ku ma stations ane canke atanu gusa ?
Nimwibuke amagorwa y'umu taximani !
Uretse ko tugura ama "documents", turihira ibindi bintu vyinshi :
- contrôle techmique,
- autorisation
- assurance )
- buri musi dutegerezwa gutanga "versement" kwa nyene imodoka
- dutegerezwa gutunga imiryango (nta kandi kazi dufise). Aho turariha irasiyo ya buri musi, turariha inzu tubamwo, turariha amashure y'abana, turavuza abana, kwifasha utuntu n'utundi.
Banyakubahwa,
Turasubiriye kubatakambira, musubire mutwiyumvire n'ukuri. Aka kazi kacu niko kadufasha mu buzima bwacu bwa misi yose. Tutaronse ako gatoro tuzokwibeshaho gute ?
#dusavye SOPEBU ko mwodufasha mukaduha uburengezira bwo kunywesha ama taxis yacu nkuko vyahora, kugira dushobore kubandanya imirimo yacu.
Murakoze cane, IMANA ibahezagire."
🔴 Kuva Prezida Ndayishimiye yifatiye IGITORO mu minwe, ibintu biragoye gutahura. Umushikiranganji Marie-Chantal Nijimbere niyumvirize kano kamo, atunganirize abanyagihugu ajejwe !
😢
❤️
3