FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 27, 2025 at 06:26 PM
https://www.facebook.com/share/p/1YZaEc3hcW/ #agafoto Aha hantu ikosa ni irya nde ? Ni ikosa ry'uwubapakira canke ni ikosa ry'abamera gupakirwa gutya ? Ibaze nawe. Ugiye muri meeting kugira umuntu uzomuhe ijwi ryawe. Niwe ariko arakuresha. Uzomuha ijwi rimuha gufata ingingo ku buzima bwawe. Uciye wemera ko agufata gutya akiriko arakuresha, mbega niyashika mu butegetsi naho azokugira gute ? Nimba akugira gutya akikuresha, burya amaze kuronka inguvu zose, azotinya kugupfungira ahadashobotse, kunyuruza canke kukwica ? Umugani wa wundi "Ubugabo burihabwa !" Niwanka ko agutwara gutya mu myiyamamazo, niyagera ku butegetsi azomenya ko utanguye gukanura, ntazopfa ingingo afashe. Ariko niwemera ko agutwara gutya, ntazotinya kuguha ishure umwana yicara hasi !
❤️ 😢 3

Comments