FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 27, 2025 at 07:50 PM
https://www.facebook.com/share/v/1FvJvVHrWE/ Kayanza Umukandida wa CNDD-FDD, Vincent Ndagijimana, yaraye mu gasho k'iperereza. Izina rya Visenti Ndagijimana ni izina rizwi cane mu ntara ya Kayanza. Bamwe bamwita #igihangange co mu Kayanza kubera avugwa ko yaguze abategetsi bose muri iyo ntara, maze ahinduka #intakorwako, agapfungisha uwo ashatse wese. Vincent Ndagijimana avugwa ko yoba ata n'amashure matomato yize, ariko yakomejwe cane n'urudandaza rw'ubutare bwa coltan yimba muri komine Kabarore. Ejo ku mugoroba, Visenti Ndagijimana yarahagaritswe n'iperereza mu gihe yari avuye gushingura umwe mu bantu yagonze ku wagatanu uheze avuye mu myiyamamazo muri komine Kabarore. Bivugwa ko hari benshi yagonze, umwe aca arasandaba. Muri aya matora, Visenti Ndagijimana ni umukandida mu bashingamateka ba CNDD-FDD mu ntara ya Butanyerera. Asanzwe afise amatati menshi harimwo n'ayo afitaniye n'abarwizatungu bakomeye, nk'uwo batazira Amstel be na Mayondori. Abo bose bapfa amatongo y'ubutare. Hari abakeka ko abo barwizatunga aribo bamufatishije. Muri kigarama 2022, Prezida Ndayishimiye yaridogeye cane abimba ubutare muri komine Kabarore, akabagiriza ko bashora ubutare bw'Uburundi. Abavuzwe cane ico gihe yari Amstel na Mayondori. Ariko agace Ndayishimiye ayavuga ni nako Visenti akoreramwo. Ariko rero Evariste Ndayishimiye asanzwe yivuga ko ari #umujanja. Visenti ubu yitezwe kuba umushingamateka, Mayondori nawe afise ubutare asangiye na Ndayishimiye ! Urugendo rwo kwitoza rwa Visenti Ndagijimana rwoba rurangiriye hano, canke ni agakino ko kumurya amamiliyoni ? Tubihe umwanya.
👍 2

Comments