FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 28, 2025 at 04:51 PM
https://www.facebook.com/share/p/15Rg2gYuuf/ 🔴 Agakuru keza : Inyankamugayo Jean-Marie Nizigiyimana yararekuwe n'iperereza mu ndwi iheze. Twaheruka gutabariza Jean-Marie Nizigiyimana, umunywanyi w'umugambwe CNL (ishami rya Agathon Rwasa), yari yafashwe n'iperereza kw'igenekerezo rya 06.5.2025, mu Buterere (uburaruko bwa Bujumbura). Inyuma y'indwi zibiri apfungiwe ubusa, Jean-Marie Nizigiyimana yararekuwe ku wakane w'indwi iheze (21.5.2025). Amakuru dufise avuga ko Jean-Marie yamaze izo ndwi zibiri mu gasho k'iperereza mw'i Rohero, hafi ya Cathédrale Regina Mundi. Iyo misi yose ntiyigeze amenyeshwa ico yafatiwe. Yabonye arekurwa ngo niwitahire. 🔴 Hari abandi bibiri Iperereza ritavuga iyo ryabashize. Muri ndamukiza na rusama 2025, hari abanywanyi ba CNL bagumye bahagarikwa n'iperereza. Bamwe barashikanywe mu mabohero, abandi nta gakuru kabo kugeza ubu. Mu batazwi irengero, harimwo Fidèle Nkurembone na Aimable Nkunzimana. Fidèle yari umudandaza aba mu gice ca Maramvya (15eme transversale) gitwarwa muri zone Buterere. Asanzwe akorera mw'isoko ya Maramvya, aho bita kw'Isamariro ya kabiri. Aho niho yakuwe n'abakozi b'iperereza bari barongowe na Athia Nduwimana, bamunyuruje kw'isi rya 02.4.2025. Kuva ubwo nta gakuru kiwe. Fidèle yari yatashe mu Burundi muri kigarama 2024, inyuma y'imyaka itatu yari amaze i Dubai. Asanzwe ari indongozi ya CNL muri Buterere ya kabiri. Aimable Nkunzumwami ni umuhanuzi mu ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo urwaruka, inkoni n'ubumenyi. Asanzwe kandi ari mu ndongozi z'umugambwe CNL (ishami rya Agathon Rwasa). Kw'igenekerezo rya 15.4.2025, Aimable Nkunzumwami yanyurujwe izuba riva mu gisagara ca Bujumbura, yatwawe n'abakozi b'iperereza. Amasoko yacu aremeza ko yajanywe n'iperereza, ariko kugeza ubu nta na kimwe cemeza ko ariyo ariyo akiri. Yaraye anyurujwe, hari abo telefone yiwe yandikiye ubutumwa buvuga ngo agiye kwifatanya n'umurwi w'abarwanyi. Iperereza rikunda gutanga ubutumwa nk'ubwo iyo umuntu atazosubira kuboneka. 🔴 Kugeza ubu ubwoba ni bwinshi ko Fidèle Nkurembone na Aimable Nkunzumwami bashobora kuba barishwe.
❤️ 😀 😢 😮 🫩 6

Comments