FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 29, 2025 at 08:58 AM
https://www.facebook.com/share/v/16gW1cvVyp/ Prezida Domitien Ndayizeye arafise ikintu gikomeye yisangije : ntavuga ijambo kugira aryohere uwo bicaranye ! Iciyumviro ciwe arakivuga uko acumva. Hari amajambo yavugiye hano, iruhande ya Prezida Ndayishimiye, yari gutinya kuvuga. Nk'ukuvuga ko yahatswe kugandagurwa igihe ahagarikwa muri 2006, si ikintu coroshe. Prezida Ndayishimiye aranamusubizamwo, Ndayizeye akavyemanga. Twibuke ko ico gihe yari yapfunzwe arementanirijwe n'intwaro y'uwo yashikirije ubutegetsi muri 2005. Ni ukuvuga ko yari ahejeje intwaro ya CNDD-FDD ko yahatswe kumwica. Ico gihe Général Evariste Ndayishimiye yari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu. Aho nawe nyene yari ahejeje kumwagiriza kuko nta kintu gihambaye gutyo umushikiranganji w'intwaro yo hagati ataba azi, na rirya Ndayishimiye yari mu jenerali bafata ingingo. Ntatinya kuvuga ingene abakuru b'ibihugu bakwegera ibihugu vyabo mu kwanka kuva ku butegetsi iyo hageze. Arerekana ko abanka kubuvako baba batubaha ijambo ryabo, bakongera bakaba atari abagabo nyabo, kubera bemera kuremerwa n'amohe y'ababakikuje. Si benshi bovuga ibi bintu, muri ico kibanza. Wumvirije neza ikiganiro, urumva utuntu twinshi atangaza abariko baramubaza, akabaha inyishu batiteze. Ni bake bobivugako gutya. Nibwo bugabo. Ba sokuru bavyita "KUTAVUGIRA MIVUMBI KUMUVUMBA !"
❤️ 👍 2

Comments