FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 29, 2025 at 09:59 AM
https://www.facebook.com/share/p/15ZYW4tY8Q/ 🔴 Agakuru keza : 1Classe Nkurunziza Goreth yararekuwe n'umuhari TWIRWANEHO ! Mu mpera za ndamukiza 2025, twarabasangije ireresi y'umusoda w'Uburundi yari yafashwe mpiri n'umuhari TWIRWANEHO, urwanira mu Minembwe (muri Hauts-Plataux za Sud-Kivu). Ico gihe, ku mbuga zitandukanye, harabaye impari ngo si umusirikare w'Uburundi, kubera yari yafashwe mu mwambaro w'igisoda ca RDC. Hano twahavuye tubasangiza umwidondoro wiwe ko ari 1Classe Nkurunziza Goreth, avuka mu ntara ya Karusi, akaba akorera iperereza ry'igisoda, inyuma y'aho arangirije ivyigwa mw'ishure ry'iperereza rya gisirikare. 1Classe Nkurunziza na bagenziwe bo mw'iperereza ry'igisoda bari binjiye muri RDC ku wa 22.4.2025. Binjiriye mu kiyaga Tanganyika, bururikira ahitwa Baraka, babona kuja kuduga imisozi. Goreth Nkurunziza yavuze muri vidéo ko position y'abo basoda iri ahitwa Bambengwa. 1Classe Nkurunziza Goreth yafatiwe mu ntambara yabereye ahitwa Rugezi mu mpera za ndamukiza. Mu Rugezi, Uburundi bwarahaburiye abasoda benshi, bamwe ntibanatahanywe ibiziga. Bamwe mu bakomerekeye mu ntambara zo mu Rugezi bapfiriye mw'isanganya ry'ubwato bwari bubatahanye, muri ndamukiza nyene. 🔴 Nkurunziza Goreth yaragarutse mu Burundi ku musi w'Imana uheze. Amasoko yacu mw'iperereza rya gisirikare yatumenyesheje ko 1Classe Nkurunziza Goreth yarekuwe na TWIRWANEHO kandi ko yashitse mu Burundi ku musi w'Imana uheze (25.5.2025). Ivyo vyashobotse inyuma y'ibiganiro vyabaye hagati ya TWIRWANEHO n'igisoda c'Uburundi. TWIRWANEHO yashaka kubohoza umusoda wayo yari apfungiwe muri Police Militaire i Bujumbura, ica ihitamwo gutanga Nkurunziza Goreth. No gutyo umusoda w'Uburundi yagarutse mu Burundi. 🔴 Inyungu za Général Prime Niyongabo muri RDC ! Ibintu biriko bibera muri RDC birimwo ibinyegezwa vyinshi. Amakuru twatanze igihe haba isanganya ry'ubwato bwa gisirikare muri Tanganyika yarateje icuka kibi mu gisirikare c'Uburundi. Inzego z'igisoda zagumye zibazanya barya basoda abaribo, ico bakora muri RDC, iyo batwarirwa ahariho. Amatohoza amaze gukorwa, basanze uwo murwi wose ugizwe n'abasoda bo mw'iperereza rya gisirikare. Bagiye mu buryo butazwi n'abarongoye ingabo z'Uburundi zisanzwe ziri muri RDC. Abo basoda barungitswe na Prime Niyongabo ntibigeze bavangana n'abandi basoda b'Uburundi. Nta n'umwambaro w'Uburundi bagiye bafise. Bagezeyo, bahawe imyambaro ya Wazalendo, bagumayo nkuko boba ari abakongomani. Igikorwa cabo nyamukuru cari ico gukingira ibibanza Général Prime Niyongabo yimbamwo inzahabu ziwe. Barakora n'ibikorwa vyo kurondera amakuru. Hari hagiye abasodakazi bane, bari bajejwe gusuma urusaku, abo bambikwa ibitenge, hamwe bagatwara na za Bibiliya. Ubu hasigayeyo abasodakazi batatu bo mw'iperereza, nkuko Nkurunziza Goreth yabadondaguye mu kiganiro. Bano basirikare, bafatanye na Wazalendo na FDLR, bahavuye bategura igitero co kuja kwiba inka z'abanyamurenge. Aho rero niho rwambikana mu Rugezi, abasoda b'Uburundi barahapfira. Inyuma y'amakuru twanditse, haradutse impari mu ndongozi, birangira bano basoda bashizwe hamwe n'abandi basirikare b'Uburundi. Vyarinze gusaba ko babazanira imyambaro y'igisoda c'Uburundi ! 🔴 Intwaro dufise mu Burundi ni akataraboneka. Kwumva umukuru w'igisoda urungika ingabo mu kindi gihugu, ku nyungu ziwe bwite, bakambikwa umwambaro n'ibendera ry'ikindi gihugu, bigakorwa bitamenyeshejwe abandi basoda bariyo. Ntawuzi na burya bwato bwazamye ko butoba bwarimwo ubutare bukaremerwa. Kugeza ubu ivyashikiye ubwato vyabaye akamizwe n'ingoma ! Twokwibutsa kandi ko hari abasirikare benshi b'Uburundi bafashwe n'umuhari M23, kugeza ubu bari muri Nord-Kivu. Muri abo harimwo n'intwazangabo ifise ipete rya Major. Kuva batangura gufatwa mu mpera za 2023, abatwara Uburundi baranse kuvugana na M23 ingene bosubizwa Igihugu. Prezida Ndayishimiye yageze n'aho abihakana ngo ni abaroberi ba Red-Tabara !
😢 🙏 5

Comments