
FOCODE Magazine
May 29, 2025 at 12:43 PM
https://www.facebook.com/share/p/18oBBBSvKM/
🔴 Lycée Communal Magara : Abanyeshure bagiriza umuyobozi w'ishure ko yabatse amakarata y'itora ngo azobatorera !
Anne-Marie Nicizanye ariko aritoza mu bashingamateka, kw'izina ry'umugambwe CNDD-FDD. Asanzwe ari umuyobozi wa Lycée communal Magara, mu ntara ya Rumonge. Abanyeshure b'iryo shure bamwagiriza ko yabatse amakarata yabo y'itora, kugira we nyene ubwiwe azoje kwitora !
Umunyeshure wo kuri iryo shure yatwandikiye ati :
"Mwaramutse neza. Hama twashaka kubasaba mwebwe mushikana ijwi kure. Twebwe abanyeshure bo kur Lycée communal Magara turi n'umubabaro n'agahinda bivanganye n'ubwoba. Twebwe umuyobozi wacu Anna yitoje mu bashingamateka, none yatwatse twese amakarata y'itora ngo azodutorere, ngu wanse azoce amenya iyo. Nk'aba finalistes bobo ngo ntibazoba bakimenya. Nukuri twashaka mutuvugire ubukarata bwacu bw'amatora tubuhabwe, umuntu wese azotore ahashatse. Turasavye vyo bariko baradukorera vy'iterabwoba batureke. Murakoze".
Ibi bintu ni akamaramaza mu gihugu. Umuyobozi w'ishure, amaze kwerekana ko ivyo ashikako mu buzima bwiwe bica muri tricherie (ubusuma, araheza agatanga indero imeze gute ? None kuri iryo shure barahana umunyeshure kubera tricherie, mu gihe umuyobozi w'ishure ari katamanikirwa muri tricherie ?
Mbega muri CENI, ibintu nk'ibi bikozwe n'umukandida, baraheza bakamuhana gute ? Birahambaye ko Prosper Ntahorwamiye yokwishikira kuri rino shure, agatohoza bino bintu. Ni henshi abanyeshure bavuga ko bariko baraterwa ubwoba n'abigisha babo canke abayobozi babo. Umushikiranganji François Havyarimana n'umukuru wa CENI bari bakwiriye gufata ingingo zikomeye n'ivyo biriko biravugwa mu mashure.
Kubura hariho abantu benshi bavuga ko bimwe amakarata yabo, canke abo bariko barayakwa, CENI arakwiriye gufata ingingo ko ata muntu n'umwe azotorera uwundi. Kuko urugero bino bintu biriko rurateye ubwoba.
🔴 Menya neza : Urubuga Ijisho ry'umunyagihugu rutanga ubutumwa bw'abanyagihugu uko babutanze nyene, uwufise iciyumviro kidasa n'ikivuzwe nawe nyene turamwakira akabeshuza. Uru rubuga ni akaryo gahawe abanyagihugu bumva badafise aho bavugira.
#amatora
https://www.facebook.com/100079152234998/posts/683780667603668/
✈️
❤
❤️
🙏
4