FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
May 29, 2025 at 03:24 PM
https://www.facebook.com/share/1DnEDSJ2Db/ #agakuru Kumenya kwishura abategetsi baduhenda muvyo batwemerera ! Hari umushikiranganji yagendeye abanyagihugu ku gatumba, arabakoranya, ababaza ivyoba bibagoye. - Umukuru w'umutumba ati : twebwe dufise ibibazo bibiri nyamukuru biduhanze. - umushikiranganji ati : ni ibihe ? - umukuru w'umutumba ati : hano turafise ivuriro ariko nta muganga rifise. - umushikiranganji ati : hinge gato. Aja hirya, ashira telefone ku gutwi, amara akanya avuga. Hama aragaruka, abwira abanyagihugu ati : - muhumure, umuganga azoza ejo. - umukuru w'umutumba ati : ikibazo ca kabiri dufise nuko hano ata telefone ishobora gukora, nta "réseau dufise" ! Ntimumbaze uko vyaheze, ivyarivyo vyose umushikiranganji yarumvise ko ahinyutse ! Bamwe bakubwira ngo mu myaka ibiri umurundi wese azoba afise umuliyoni w'amafaranga, uramenya kubishura nawe !
😂 😢 🫣 👍 17

Comments