
FOCODE Magazine
May 29, 2025 at 03:24 PM
https://www.facebook.com/share/1DnEDSJ2Db/
#agakuru Kumenya kwishura abategetsi baduhenda muvyo batwemerera !
Hari umushikiranganji yagendeye abanyagihugu ku gatumba, arabakoranya, ababaza ivyoba bibagoye.
- Umukuru w'umutumba ati : twebwe dufise ibibazo bibiri nyamukuru biduhanze.
- umushikiranganji ati : ni ibihe ?
- umukuru w'umutumba ati : hano turafise ivuriro ariko nta muganga rifise.
- umushikiranganji ati : hinge gato.
Aja hirya, ashira telefone ku gutwi, amara akanya avuga. Hama aragaruka, abwira abanyagihugu ati :
- muhumure, umuganga azoza ejo.
- umukuru w'umutumba ati : ikibazo ca kabiri dufise nuko hano ata telefone ishobora gukora, nta "réseau dufise" !
Ntimumbaze uko vyaheze, ivyarivyo vyose umushikiranganji yarumvise ko ahinyutse !
Bamwe bakubwira ngo mu myaka ibiri umurundi wese azoba afise umuliyoni w'amafaranga, uramenya kubishura nawe !
😂
😢
🫣
👍
17