
FOCODE Magazine
May 30, 2025 at 06:13 AM
https://www.facebook.com/share/p/1C4v2FEx95/
#amatora Ntibikiri ibanga, Gervais Ndirakobuca azitoza mu kibanza c'umukenguzamateka, mu ntara ya Bujumbura, kw'izina rya CNDD-FDD.
Mu ntara ya Gitega naho, Générose Ngendanganya niwe aza kw'isonga.
Bose uko ari babiri barashizwe mu zabukuru hataragera, muri kuno kwezi. Bahora ari intwazangabo zo mu rwego rwa jenerali mu gipolisi.
Ikiboneka co muri izi ngingo nuko, naho abo mu nzego z'umutekano baterekuriwe kuja mu migambwe, abahoze bagwana muri CNDD-FDD bo baguma bari mu mugambwe. Ubundi ntivyotahurika ko umuntu ava mu nzego akaca aja guserukira umugambwe ubwo nyene. Yoba yasavye kuwinjiramwo ryari ? Ubwo ivyo birarekuwe ku bahoze bagwana muri FAB no mu yindi mihari ?
👍
1